Ja ku birimwo

15 NDAMUKIZA 2015
Georgia

Ivyabona vya Yehova baratanguje isekeza ryo gutanga amakuru muri Ndamukiza

Ivyabona vya Yehova baratanguje isekeza ryo gutanga amakuru muri Ndamukiza

Ku wa 1 Ndamukiza 2015, Ivyabona vya Yehova baratanguye isekeza ryo gutanga amakuru ku nzego zose z’igipolisi, iz’abarongoye ibisagara n’iz’abashingwamanza hirya no hino muri Jeworojiya. Bafise intumbero yo kubamenyesha ingingo ikomeye ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu iheruka gufata ku bijanye n’urubanza Begheluri be n’abandi baburanye na Leta ya Jeworojiya. Muri urwo rubanza harihwejwe ukuntu uburenganzira Ivyabona vya Yehova bafise muri Jeworojiya bwari bwahonyanzwe. Nya sekeza rero riratuma abategetsi baronka amakuru ajanye n’urwo rubanza, ingingo yafashwe be n’ibikorwa Ivyabona vya Yehova barangura bijanye n’idini.

Si ak’ubu muri Jeworojiya

Kuva mu 1999 gushika mu 2003, abayoboke b’umupadiri umwe w’umworotodogisi yatswe amabanga wo muri Jeworojiya baratunganije ibitero ku Vyabona vya Yehova kugira bababoreze igufa. Naho Ivyabona bashingishije mu gipolisi imanza 784 zerekeye ako gatotezo n’ibindi bisa n’ivyo, abategetsi bararengeje uruho rw’amazi ku bukozi bw’ikibi canke bigashika akaba ari bo bagirira nabi Ivyabona. Nta na rumwe muri izo manza z’Ivyabona rwashitse ku kintu kiboneka. Kubera ko abarongoye Jeworojiya ata co bakoze, izo nkozi z’ikibi zaciye zigangura, mbere zigakubitira Ivyabona imbere y’amasentare, ku mahwaniro manini y’ivyo gusenga hamwe no mu mabarabara.

Ingingo zatumye ibintu bihinduka cane

Ivyabona vya Yehova bo muri Jeworojiya barituye ya Sentare y’Abanyaburaya incuro zibiri bayimenyesha ibijanye n’ivyo bitero. Iyo Sentare yaciye urubanza rwa mbere muri Rusama 2007, * ica urwa kabiri muri Gitugutu 2014, rukaba ari rumwe Begheluri be n’abandi baburanye na Leta ya Jeworojiya. Muri zo manza zose, iyo Sentare yagirije Leta ya Jeworojiya ko yagize uruhara muri vya bitero, irerekana neza ko ubukozi bw’ikibi bwabaye ndanse kubera itagize ico ikoze. Nk’uko iyo Sentare yavyerekanye muri urwo rubanza rwa Begheluri, “abategetsi ba Jeworojiya bararekeranye ukudahana, bica bituma Ivyabona vya Yehova bagabwako ibindi bitero hirya no hino mu gihugu.” *

Igishimishije ni uko bukeye bwaho Leta ya Jeworojiya yaciye isohora itegeko iremeza ko itazoreka ngo hasubire kuba ubundi bukozi bw’ikibi. Yagize iti:

“Leta ya Jeworojiya yiyemeje ishimitse gukingira uburenganzira abantu bafise bwo gushikiriza ivyiyumviro, kwisunga ijwi ryo mu mutima no kuja mw’idini bashatse, hamwe n’uburenganzira bafise muri rusangi. Igihugu ciyemeje kuraba neza ko abantu bangana imbere y’amategeko be n’uko abahonyanga uburenganzira bw’abandi bahanwa. Ntikizokwigera gisubira kurekerana ivyo kudahana be n’ubwo bukozi bw’ikibi.”

Ubu ni agahengwe muri Jeworojiya

Uko ivyo Ivyabona vyifashe muri iki gihe kuratandukanye rwose n’ukuntu vyari vyifashe muri iyi myaka iheze. Ivyabona barashobora gusenga mu mahoro kandi barakenguruka kubona ubu abategetsi bakingira muri rusangi uburenganzira bafise. Ivyabona vya Yehova barashoboye kwubaka inyubakwa zo gusengeramwo, bakaba baheruka kwagura icicaro gikuru cabo co muri ako karere.

Ariko rero, abategetsi bamwebamwe nta vyinshi bazi ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova be n’ivyo bemera kandi boshobora kuba ata na kimwe bazi ku bijanye na rwa rubanza rwa Begheluri be n’iyo ngingo Leta ya fashe. Vyongeye, abanyamadini baracagaba ibitero ku Vyabona ariko ntibahanwe. Nk’akarorero mu 2014, Ivyabona baramenyesheje ko bakubaguwe n’imiburiburi incuro 30. Ivyabona vya Yehova barasubiye kwitura ya Sentare y’Abanyaburaya kugira bayimenyeshe ivy’izo ngorane. *

Iryo sekeza ryatanguye muri Ndamukiza ryo kumenyesha abategetsi ayo makuru rikwiye gutuma ibintu birushiriza guhinduka mu bijanye no kwubahiriza uburenganzira abantu bafise muri Jeworojiya yose. Ivyabona vya Yehova barakenguruka umwiyemezo Leta ya Jeworojiya yagize wo kutazokwigera ireka ngo ukudahana gusubire gushinga imizi, kandi bariteze yuko leta izobandanya gukurikirana abagirira nabi abandi babahora idini ryabo.

^ ing. 6 Urubanza no. 71156/01: Abagize ishengero ry’Ivyabona vya Yehova rya Gldani hamwe n’abandi baburanye na Leta ya Jeworojiya ku wa 3 Rusama 2007.

^ ing. 6 Urubanza no. 28490/02, ing. 145: Begheluri hamwe n’abandi baburanye na Leta ya Jeworojiya ku wa 7 Gitugutu 2014.

^ ing. 11 Urubanza no. 18766/04: Tsartsidze yaburanye na Leta ya Jeworojiya, rwashingishijwe ku wa 26 Rusama 2004 — Abakorewe amabi n’abategetsi canke bakagabwako ibitero barorera. Urubanza no. 37276/05: Biblaia n’abandi baburanye na Leta ya Jeworojiya, rwashingishijwe ku wa 10 Nyakanga 2005 — Abakorewe amabi n’abategetsi canke bakagabwako ibitero barorera. Urubanza no. 14797/11: Tsulukidze n’abandi baburanye na Leta ya Jeworojiya, rwashingishijwe ku wa 27 Nzero 2011 — Leta ntiyagize amatohoza ku bitero icenda vyagabwe ku Vyabona bahorwa idini ryabo.