Ja ku birimwo

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova bapfunzwe bazira ukwemera kwabo: Ibihugu bapfungiwemwo

Ivyabona vya Yehova bapfunzwe bazira ukwemera kwabo: Ibihugu bapfungiwemwo

Igitigiri c’Ivyabona vya Yehova bapfunzwe bazira ukwemera kwabo, dufatiye ku kwezi kwa Ruhuhuma 2024

IGIHUGU

ABAPFUNZWE

ICO BAHORWA

Crimée

12

  • Ibikorwa bijanye no gusenga

Eritreya

36

  • Ibikorwa bijanye no gusenga

  • Imvo zitazwi

Uburusiya

115

  • Ibikorwa bijanye no gusenga

Singapuru

12

  • Banse kuja mu gisoda kubera ijwi ryo mu mutima

Ibindi bihugu

Barenga 21

  • Ibikorwa bijanye no gusenga

Bose hamwe

Barenga 196

 

Nk’uko bivugwa mu ngingo ya 18 y’Amasezerano mpuzamakungu yerekeye amategeko agenga abantu n’ivyabo be n’uburenganzira mu vya politike, mu bintu nyamukuru bigize agateka ka zina muntu harimwo «uburenganzira bwo kugira ivyiyumviro bitandukanye n’ivy’abandi, kwisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima be no gusenga aho ashaka.» a Mu bihugu bimwebimwe, Ivyabona vya Yehova barakwa ubwo burenganzira, bagapfungwa ku karenganyo, bakanafatwa bunyamaswa. Benshi muri abo bapfunzwe nta kindi bahorwa atari kubaho bisunga ivyo bemera. Abandi na bo bahorwa kwanka kuja mu gisoda kubera ijwi ryabo ryo mu mutima.

a Raba n’ingingo ya 18 y’Amasezerano mpuzamakungu yerekeye agateka ka zina muntu yasohowe na ONU, be n’ingingo ya 9 y’Amasezerano y’Abanyaburaya yerekeye agateka ka zina muntu.