Ja ku birimwo

17 RUHESHI 2015
NÉPAL

Ivyabona vya Yehova baragarukiye kuri benewabo bo muri Nepale

Ivyabona vya Yehova baragarukiye kuri benewabo bo muri Nepale

KATHMANDU muri Nepale: Ivyabona vya Yehova bo muri Bangladeshi, Ubudagi, Ubuhindi, Ubuyapani, Ubuswise n’abo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bariyungunganije kugira ngo bagarukire ku bashikiwe n’ivyago vyatewe na nyamugigima yihaye ibara muri Nepale ku wa 25 Ndamukiza 2015. Yahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi, ushizemwo Icabona ca Yehova umwe n’abana biwe babiri. Ku wa 12 Rusama 2015, haradutse iyindi nyamugigima muri ico gihugu. Ariko rero, Ivyabona vya Yehova bavuga ko ico gihe hoho ibintu vyabo bitononekaye cane kandi ko ata n’umwe muri bo yahasize ubuzima canke ngo akomereke bikomeye.

Kabiri ku musi, Ivyabona vya Yehova bararonsa ibifungurwa bagenzi babo n’abandi bashikiwe n’ivyago.

Bukeye ya nyamugigima ya mbere yaraye ibaye, abaserukira ishami ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri Nepale baragendeye amashengero yose yo mu kiyaya ca Kathmandu kugira ngo birabire ivyo abashikiwe n’ivyo vyago bari bakeneye, kuko ako karere kari kasinzikaye cane. Amazu 38 y’Ivyabona vya Yehova yarasenyutse, ayandi 126 na yo arononekara. Abataye izabo barahawe uburaro mu mihana y’abo basangiye ukwizera, mu mazu yo gusengeramwo yitwa Ingoro z’Ubwami be no mu mahema yari yashinzwe. Ibiro vy’ishami vyo muri Nepale vyaciye bitangura no kubaronsa ibifungurwa. Gatoyi inyuma y’aho, harabonetse n’izindi mfashanyo zavuye muri Bangladeshi, mu Buhindi no mu bisagara vyo muri Nepale vyitwa Birgunj, Damauli, Mahendranagar na Pokhara. Bayobowe na Komite ijejwe gutabara, Ivyabona vya Yehova bavuye mu Buhindi, mu Buyapani no muri Nepale barubatse uburaro bw’imfatakibanza bugenewe abashikiwe n’ivyo vyago.

Abavuye kw’ishami ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri Nepale baregeranije imfashanyo zavuye mu gisagara ca Nepale citwa Birgunj.

Reuben Thapaliya, akaba ari umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Nepale, yavuze ati: “Abashikiwe n’ivyo vyago ntitwitaho kubaronsa gusa ivyo bakeneye ku mubiri ariko turabaronsa n’ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Uretse ko tubaha imfungurwa, amazi n’uburaro, turanabagendera kugira tubaremeshe.” Kuva itariki 2-5 Rusama 2015, Gary Breaux, yaserukiye icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, yarishikiye muri ako karere, aragendera amashengero yaho n’imiryango itandukanye. Ku wa 4 Rusama 2015, Breaux yarashikirije insiguro ishingiye kuri Bibiliya, kandi n’abo mu yandi mashengero yo muri ako karere barayikurikiranye muri uwo mwanya nyene biciye kuri internet. Vyongeye, itariki 5 Rusama 2015, Kenji Chichii, yarungitswe n’ishami ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu Buyapani, na we nyene yarahashitse. Yaranagendeye imiryango iri muri ako karere yongera aratanga insiguro ziremesha zishingiye kuri Bibiliya.

Gary Breaux (iburyo), yarungitswe n’icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, ariko araraba ivyononekaye kuri uwo muhana.

Ishami ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu Budagi ryararungitseyo umugwi w’Ivyabona vya Yehova ugizwe n’umuganga asinziriza, uwubaga, umuforoma hamwe n’umufasha wabo. Uwo mugwi warakoranye na Komite ijejwe gutabara yo muri Nepale, bavurira abantu ku Ngoro z’Ubwami zo muri ako karere. Bakoresheje imiti n’ibikoresho ngendanwa bigenewe kubaga no kuvura indembe vyatanzwe n’Ivyabona bagenzi babo bo muri Bangladeshi, Ubuhindi be n’Ubuyapani.

Umugwi wo gutabara ukorera ku Ngoro y’Ubwami y’i Kathmandu, akaba ari ho Ivyabona vya Yehova bahuye n’ivyo vyago baronkera imfungurwa n’uburaro.

Richard Brown, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova ku rwego mpuzamakungu, agira ati: “Tuzobandanya kubaguma hafi kuko tuzi yuko abashikiwe n’ivyago nk’ivyo baba bakeneye n’ibindi uretse gutabarwa gusa. Abo dusangiye ukwemera bo muri Nepale be n’abandi bashikirwa na vya nyamugigima, turabijeje ko tuzobafasha mu vyo bakenera ku mubiri no mu vy’impwemu. Tuguma tubazirikana kandi tubasengera.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: Richard Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Mu Budagi: Wolfram Slupina, tél. +49 6483 41 3110

Mu Buyapani: Ichiki Matsunaga, tél. +81 46 233 0005

Muri Nepale: Reuben Thapaliya, tél. +977 9813469616