Ja ku birimwo

Ingoro y’Ubwami aho ubwicanyi bwabereye. Abanyagihugu be n’abategetsi b’i Hamburg barashize amashurwe ku bwinjiriro kugira bagaragaze umubabaro

20 NTWARANTE 2023
UBUDAGI

Umuntu yarashe abitavye ikoraniro mu Ngoro y’Ubwami y’i Hamburg mu Budagi

Umuntu yarashe abitavye ikoraniro mu Ngoro y’Ubwami y’i Hamburg mu Budagi

Nk’uko vyavuzwe ku wa 9 Ntwarante 2023, umuntu yitwaje inkoho yararashe abagize ishengero rya Hamburg-Winterhude, igihe bari bahejeje ikoraniro yo hagati mu ndwi. Igipolisi kimaze kwinjira mu Ngoro y’Ubwami yaciye ahagarika kurasa. Yari amaze kwica no gukomeretsa bamwe mu bavukanyi na bashiki bacu. Uwo mwicanyi yaciye yirasa. Ivyabona vya Yehova bo muri ako karere n’abo hirya no hino kw’isi barakozwe ku mutima cane n’amajambo atari make aranga ubuntu, urukundo n’impuhwe yashikirijwe n’abategetsi, amashirahamwe be n’abandi bantu bo hirya no hino kw’isi.

Ingaruka ico gitero cagize ku bavukanyi na bashiki bacu

  • Ikibabaje abavukanyi 4 na bashiki bacu 2 barapfuye, mushiki wacu yari yibungenze na we, inda irakoroka

  • Abavukanyi 2 na bashiki bacu 7 barakomeretse

Ibijanye no gutabara

  • Abaserukiye ishami ryo mu Buraya bwo hagati, abacungezi b’imizunguruko babiri hamwe n’abakurambere bo muri ako karere, bariko barabaronsa imfashanyo be n’indemesho

Kubera ko turi umuryango wunze ubumwe, turasenga dusabira abo bose bakozweko n’iryo bara. Yehova «ni igihome gikomeye ku musi w’amarushwa», kandi azodufasha kwihanganira ibi bihe bigoye uko tubandanya kumusenga mu buryo burangwa amahoro.​—Nahumu 1:7