Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ku bakoresha Android

Ku bakoresha Android

JW Library ni agaporogarama kateguwe n’Ivyabona vya Yehova. Karimwo Bibiliya zitandukanye, ibitabu n’udutabu bidufasha kwiga Bibiliya.

 

 

Ibishasha

Mukakaro 2023 (Version 14)

  • Tunganya urutonde rw’amavidewo, ama odio n’amafoto. Yakoreshe canke uyahindure uciye mu gice kivuga ngo Kwiyigisha.

  • Ivyo wiyandikiye mu bibazo vyo mu biganiro no ku majambo asigura amafoto ubu biboneka vyisunze uko bikurikirana mu kiganiro wabikuyemwo.

  • Kugira JW Library ije mu kuma kawe ka Android, bisaba ko aba ari Android 7.0 kuduga.

Ndamukiza 2023 (Version 13.5)

  • Ingorane nyinshi zijanye na JW Library zaratorewe umuti, harimwo n’izituma ako gaprograma kiyugara.

TURAGUSAVYE UMENYE IBI: Iyi ni yo version ya nyuma ija mu kuma ka Android 5.1 na 6.0. Kugira uzovome versions zikurikira za JW Library, uzokenera gushira ku gihe akuma kawe.

Nzero 2023 (Version 13.4)

  • Amategeko agenga ikoreshwa hamwe n’Ibijanye no kugumya ibanga vyarashizwe ku gihe.

  • Ibiri ahavuga ngo Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga birafasha kwihitiramwo amakuru worungika ku bijanye n’ukuntu iyo programa ikora.

 

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

Koresha JW Library​—Android

Ingene wokoresha JW Library mu twuma twa Android.

Ingene wovoma amabibiliya n’ingene woyakoresha​—Android

Raba ingene wovoma amabibiliya n’ingene woyakoresha kuri JW Library mu twuma two mu bwoko bwa Android.

Ingene wovoma n’ingene wokoresha ivyasohowe​—Android

Raba ingene wovoma n’ingene wokoresha ivyasohowe kuri JW Library mu twuma two mu bwoko bwa Android.

Koresha utuntu tugufasha kugaruka aho wasomye​—Android

Raba ingene wokoresha utuntu tugufasha kugaruka aho wasomye muri JW Library mu twuma ngendanwa two mu bwoko bwa Android.

Koresha urutonde rw’ivyo uheruka kwugurura​—Android

Raba ingene wokoresha urutonde rw’ivyo uheruka kwugurura kuri JW Library mu twuma ngendanwa two mu bwoko bwa Android.

Ingene wotunganya JW Library​—Android

Raba ingene wotunganya JW Library mu twuma ngendanwa two mu bwoko bwa Android.

Kurondera ijambo muri Bibiliya canke mu gitabu​—Android

Raba ingene worondera ijambo muri Bibiliya canke mu gitabu, n’ingene worirondera muri Étude perspicace ukoresheje JW Library mu twuma ngendanwa two mu bwoko bwa Android.

Ukuntu woshira JW Library mu kuma kawe udaciye muri App Store canke muri Play Store​—Android

Nimba udashobora gushira JW Library mu kuma kawe uciye muri Play Store, urashobora kuyishiramwo ukoresheje umutekero wa JW Library ukora kuri Android (uwo bita APK).