Ja ku birimwo

Bibiliya yoba ishobora kumfasha nishwe n’umubabaro?

Bibiliya yoba ishobora kumfasha nishwe n’umubabaro?

Inyishu Bibiliya itanga

 Egome, kubera ko imfashanyo nziza kurusha izindi zose itangwa n’“Imana, yo ihoza abishwe n’umubabaro, ikabaremesha, ikabaruhurira ikongera igatuma bagira umunezero.”​—2 Abakorinto 7:6, The Amplified Bible.

Mu gufasha abishwe n’umubabaro, Imana irabaronsa:

  •   Inkomezi. Mu ‘kukuruhurira no mu gutuma ugira umunezero,’ Imana ntica ikuraho ingorane zose ufise, ariko irishura amasengesho uyitura uyisaba inkomezi zo kwihangana. (Abafilipi 4:13) Numenye neza ko yiteguriye kukwumviriza, kuko Bibiliya ivuga iti: “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.” (Zaburi 34:18) Mu vy’ukuri, Imana irashobora kukwumva igihe uyitabaje, naho utoba ushoboye guserura mu majambo ukuntu wiyumva.​—Abaroma 8:26, 27.

  •   Uburorero bwiza. Umwe mu bo Imana yakoresheje mu kwandika Bibiliya yasenze Imana ati: “Iyo ndi mu mwiheburo ukomeye ndakwambaza.” Uwo mwanditsi w’amazaburi yarihanganiye umubabaro ukomeye yarimwo mu kwibuka ko Imana idashaka ko turemerwa n’umutwaro w’ukwiyagiriza. Ahubwo yabwiye Imana ati: “Iyaba uguma wandika ibicumuro vyacu, ni nde atokwagiriwe n’icaha? Ariko uratugirira ikigongwe, kugira tugutinye.”​—Zaburi 130:1, 3, 4, Good News Translation.

  •   Icizigiro. Uretse ko Imana iduhoza muri iki gihe, yarasezeranye ko izokuraho ingorane zose zituma twihebura. Niyashitsa iryo sezerano, “ivya kera [harimwo n’umubabaro ukomeye] ntibizokwibukwa, eka mbere ntibizoza mu mutima.”​—Yesaya 65:17.

 Menya neza: Naho twebwe Ivyabona vya Yehova twemera ko Imana ishobora kudufasha, turivuza igihe turwaye indwara nk’akabonge. (Mariko 2:17) Ariko rero, nta we turemesha ngo yivuze mu buryo bunaka; tubona ko umuntu wese ari we akwiye kwifatira ingingo ku bijanye n’amagara yiwe.