Ja ku birimwo

Ni ibiki vyogufasha gutahura Bibiliya?

Ni ibiki vyogufasha gutahura Bibiliya?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya ubwayo irerekana ibintu vyinshi vyogufasha kuyitahura. Aho woba warakuriye hose, ubutumwa bw’Imana buri muri Bibiliya si “amananiza kuri wewe, canke ngo [bube] kure cane.”—Gusubira mu vyagezwe 30:11.

Ivyogufasha gutahura Bibiliya

  1.   Nuyibone mu buryo bubereye. Niwemere ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Niwicishe bugufi, kuko Imana irwanya abibona. (1 Abatesalonika 2:13; Yakobo 4:6) Ariko rero, ntupfe kwemera. Imana ishaka ko ukoresha “ububasha [bwawe] bwo kwiyumvira.”—Abaroma 12:1, 2.

  2.   Nusenge Imana uyisaba ubukerebutsi. Mu Migani 3:5, Bibiliya ivuga iti: “Ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite.” Ahubwo, ‘nugume usaba Imana’ ubukerebutsi kugira utahure Bibiliya.—Yakobo 1:5.

  3.   Ntuhorereze. Uzokwungukira cane ku gusoma Bibiliya niwayisoma udahorereza aho kuyisoma rimwerimwe.—Yosuwa 1:8.

  4.   Niwige ukurikije iciyumviro kinaka. Kwiga ukurikije iciyumviro kinaka, ni ukuvuga ugasuzuma ivyo Bibiliya ivuga ku kintu kinaka canke ku ciyumviro kinaka, ni uburyo ngirakamaro bufasha kwiga ivyo Bibiliya yigisha. Nuhere ku vyo twokwita “ivyigwa vy’intango,” hanyuma “utere uja imbere ku nyigisho zirushirije kuba izihumuye,” ni ukuvuga inyigisho ziteye imbere. (Abaheburayo 6:1, 2, Easy-to-Read Version) Uzosanga ushoboye kugereranya icanditswe n’ikindi kandi uzobona ko ibihimba bitandukanye vya Bibiliya bisigurana, mbere n’ibihimba “bigoye gutegera.”—2 Petero 3:16.

  5.   Nurondere gufashwa n’abandi. Bibiliya ituremesha ngo twemere gufashwa n’abandi bantu bayitahura. (Ivyakozwe 8:30, 31) Ivyabona vya Yehova barasaba abantu kwiga Bibiliya ku buntu. Nka kumwe kw’abakirisu bo mu ntango, Ivyabona vya Yehova bakoresha ivyanditswe vyo muri Bibiliya mu gufasha abandi gutahura ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha.—Ivyakozwe 17:2, 3.

Ivyo udakeneye

  1.   Kuba warize amashure. Za ntumwa 12 za Yezu zaratahura Ivyanditswe kandi zikavyigisha abandi naho hari abazibona ko ari “abantu batize kandi basanzwe.”—Ivyakozwe 4:13.

  2.   Amahera. Urashobora kwiga ivyo Bibiliya yigisha ata mahera urinze gutanga. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.”—Matayo 10:8.