Ja ku birimwo

Imana yoba yakoresheje ihindagurika mu kurema ubwoko butandukanye bw’ibinyabuzima?

Imana yoba yakoresheje ihindagurika mu kurema ubwoko butandukanye bw’ibinyabuzima?

Inyishu Bibiliya itanga

 Oya. Bibiliya iravuga mu buryo butomoye ko Imana yaremye abantu hamwe n’“ubwoko” butandukanye bw’ibikoko n’ibiti. a (Itanguriro 1:12, 21, 25, 27; Ivyahishuwe 4:11) Ivuga ko abantu bose bakomotse ku bavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva. (Itanguriro 3:20; 4:1) Inkuru yo muri Bibiliya ntishigikira iciyumviro c’uko Imana yakoresheje ihindagurika mu kurema ubwoko butandukanye bw’ibinyabuzima. Ariko ntihakana iciyumviro gishikirizwa n’abanyasiyansi c’uko hari amahinduka agenda araba mu bwoko bumwebumwe bw’ibinyabuzima. b

 Imana yoba yakoresheje ihindagurika?

 Abavuga ko Imana yakoresheje ihindagurika mu kurema ibinyabuzima bavyemera mu buryo butandukanye. Nk’uko inkoranyabumenyi imwe (Encyclopædia Britannica) ibivuga, hari abemera ko ihindagurika rigenda riraba mu kuntu ibinyabuzima bisanzwe bimeze ari uburyo Imana yashinze bugenga ibinyabuzima.

 Bimwe mu vyo bemera ni ibi:

  •   Ibinyabuzima vyose vyakomotse ku migwi nyamukuru y’ibinyabuzima yabayeho kera cane.

  •   Ubwoko bumwe bw’ikinyabuzima burashobora kuvamwo ubundi bwoko butandukanye cane n’ubwo bwa mbere, akaba ari vyo bakunze kwita ihindagurika nyaryo.

  •   Imana ishobora kuba ari yo yatunganije ko bigenda birahindagurika gutyo.

 Bibiliya yoba ishigikira ihindagurika?

 Abemera ihindagurika bavuga ko inkuru y’irema iri muri Bibiliya mu gitabu c’Itanguriro atari iy’ukuri. Yamara, Yezu yarerekeje ku nkuru yo mw’Itanguriro igihe yariko arigisha. (Itanguriro 1:26, 27; 2:18-24; Matayo 19:4-6) Bibiliya ivuga ko imbere y’uko Yezu aza kw’isi, yabaye mw’ijuru be n’uko yafashije Imana kurema “ibintu vyose.” (Yohani 1:3) Ku bw’ivyo, iciyumviro c’uko Imana yakoresheje ihindagurika mu kurema ibiriho ntigihuje n’ivyo Bibiliya yigisha.

 Twovuga iki ku bubasha ibiterwa n’ibikoko bifise bwo guhinduka kugira bimenyere akarere kanaka?

 Bibiliya ntisigura urugero ubwoko bunaka bw’ikiremwa bwogezako mu guhinduka. Ariko kandi ntihakana ko ibiterwa n’ibikoko Imana yaremye bishobora guhinduka kugira bimenyere akarere kanaka. Naho ukwo guhinduka ari kwo bamwe baca bita ngo ni ihindagurika, ntigutuma haboneka ubwoko bushasha bw’ikinyabuzima.

a Ijambo “ubwoko” rikoreshwa muri Bibiliya rifise insobanuro yagutse kurusha irikunzwe gukoreshwa n’abanyasiyansi. Hari igihe abanyasiyansi bavuga ko habonetse ubwoko bushasha bwahindutse buva mu bundi, ariko ugasanga mu vy’ukuri ni ihinduka ryabaye mu binyabuzima vyo mu bwoko bumwe nk’uko buvugwa muri Bibiliya mu gitabu c’Intanguriro.

b Ivyo ni vyo rimwe na rimwe vyitwa ihindagurika ribayabaye.