Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka?

Inyishu Bibiliya itanga

 Imana si yo iteza ivyago vy’ivyaduka biba muri iki gihe, ahubwo iritaho abantu baba bashikiwe n’ivyo vyago. Ivyago vy’ivyaduka ni kimwe mu bintu bibabaje Ubwami bw’Imana buzokuraho. Mu kurindira ko bikurwaho, Imana irahumuriza abashikirwa na vyo.​—2 Abakorinto 1:3.

 Twemezwa n’iki ko ivyago vy’ivyaduka atari igihano c’Imana?

 Ivyago vy’ivyaduka biratandukanye n’ingene Imana yakoresheje ibidukikije mu guhana abantu.

  •   Ivyago vy’ivyaduka ntibicagura, bihitana ababi n’abeza. Ariko igihe Imana yakoresha ibidukikije mu gushitsa urubanza rwayo, yica inkozi z’ikibi gusa. Nk’akarorero, igihe yarandura vya bisagara Sodomu na Gomora, yarakingiye wa mugororotsi Loti n’abakobwa biwe babiri. (Itanguriro 19:29, 30) Imana yarabonye ivyari mu mitima y’abantu b’ico gihe ica irandura gusa abo yabonye ko ari babi.​—Itanguriro 18:23-32; 1 Samweli 16:7.

  •   Ivyago vy’ivyaduka ntibiteguza. Ariko Imana yoyo yaraburira abantu babi imbere y’uko ikoresha ibidukikije mu kubahonya. Abantu baba bumviye iyo mburi barashobora kurokoka.​—Itanguriro 7:1-5; Matayo 24:38, 39.

  •   Ivyo abantu bakora vyaratumye hatera ivyago vy’ivyaduka ku rugero runaka. Uti gute? Mu guhonya ibidukikije no mu kwubaka mu bibanza bibangamirwa na vya nyamugigima, imyuzure canke ibihuhusi. (Ivyahishuwe 11:18) Imana si yo yobazwa ingaruka ziva ku ngingo mbi abantu bafata.​—Imigani 19:3.

 Ivyago vy’ivyaduka vyoba ari ikimenyetso c’imisi y’iherezo?

 Ego. Bibiliya yari yaravuze ko mu gihe c’“insozero y’ivy’isi” canke mu “misi ya nyuma” hobaye ivyago vy’ivyaduka. (Matayo 24:3; 2 Timoteyo 3:1) Nk’akarorero, ku bijanye n’igihe cacu, Yezu yavuze ati: “Hazoba amapfa na vya nyamugigima, biva hamwe bija ahandi.” (Matayo 24:7) Vuba Imana izokura kw’isi ibintu vyose biteza imibabaro, harimwo n’ivyago vy’ivyaduka.​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

 Imana ifasha gute ababa batewe n’ivyago vy’ivyaduka?

  •   Imana irabahumuriza ibicishije kw’Ijambo ryayo Bibiliya. Bibiliya iradukura amazinda ko Imana itwitwararika be n’uko ibabarana natwe igihe turi mu ngorane. (Yesaya 63:9; 1 Petero 5:6, 7) Idusezeranira kandi ko hazogera igihe ivyago vy’ivyaduka bitazoba bikiriho.​—Raba ahavuga ngo “ Ivyanditswe bihumuriza abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka.”

  •   Imana irabafasha ibicishije ku basavyi bayo. Irakoresha abasavyi bayo bo kw’isi, bakigana akarorero ka Yezu. Bibiliya yari yaravuze ko Yezu yohumurije “abavunitse umutima” n’“abagandaye bose.” (Yesaya 61:1, 2) Abasavyi b’Imana barihatira kumwigana.​—Yohani 13:15.

     Imana irakoresha kandi abasavyi bayo kugira ironse abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka ivyo bakeneye.​—Ivyakozwe 11:28-30; Abagalatiya 6:10.

Ivyabona vya Yehova bariko barafasha abatewe n’igihuhusi muri Porto Riko

 Bibiliya yoba yodufasha kwitegurira ivyago vy’ivyaduka?

 Ego. Naho Bibiliya atari igitabu kigenewe kutubwira ingene twokwitegurira ivyago vy’ivyaduka, irimwo ingingo ngenderwako zoshobora kudufasha. Nk’akarorero:

  •   Niwitegure imbere y’igihe. Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” (Imigani 22:3) Ni vyiza gutegura imbere y’igihe ico twokora hateye icago c’icaduka. Mu vyo twotegura harimwo gutekera utuntu twa nkenerwa twotwara hateye icago c’icaduka kandi tukavugana aho twohurira uko tugize umuryango.

  •   Nubone ko amagara aruta amajana. Bibiliya ivuga iti: “[N]ta co twazanye mw’isi, kandi nta na kimwe dushobora kuyikuramwo.” (1 Timoteyo 6:7, 8) Turakwiye kwemera guheba inzu yacu n’ivyo dutunze kugira turokore igufa. Nitwibuke ko ubuzima bwacu bufise agaciro kuruta ikindi kintu cose dutunze.​—Matayo 6:25.