Ja ku birimwo

Bibiliya yoba irimwo ivyiyumviro vy’Imana?

Bibiliya yoba irimwo ivyiyumviro vy’Imana?

Inyishu Bibiliya itanga

 Benshi mu banditse Bibiliya bavuga ko bandika bayobowe n’Imana. Ehe uturorero:

  •  Umwami Dawidi avuga ati: “Impwemu ya Yehova ni yo yavuze biciye kuri jewe, kandi ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.”—2 Samweli 23:1, 2.

  •  Umuhanuzi Yesaya avuga ati: “Ibi ni vyo Umukama Segaba, Yehova nyen’ingabo, avuze.”—Yesaya 22:15.

  •  Intumwa Yohani ivuga iti: “Ivyahishuwe na Yezu Kristu, ivyo Imana yamuhaye.”—Ivyahishuwe 1:1.