Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kubana mutanditswe?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kubana mutanditswe?

Ico Bibiliya ibivugako

 Bibiliya ivuga ko Imana ishaka ko abantu «[birinda] ubusambanyi.» (1 Abatesalonika 4:3) Twisunze ukuntu ijambo «ubusambanyi» rikoreshwa muri Bibiliya, ririmwo ukurenga ibigo, kuryamana kw’abasangiye igitsina, hamwe n’uguhuza ibitsina kw’umugabo n’umugore batubakanye.

 Kubera iki Imana ishaka ko umugabo n’umugore bandikisha umubano?

  •   Umubano w’abubatse watangujwe n’Imana. Yawutanguje igihe yahuza umugabo n’umugore ba mbere. (Itanguriro 2:22-24) Ntiyashatse ko umugabo n’umugore babana batagiraniye indagano y’umubano.

  •   Imana irazi icobera ciza abantu. Yatunganije umubano kugira ngo umugabo n’umugore babane ibihe vyose. Ivyo vyogiriye akamaro abagize umuryango wose kandi bikabakingira. Tubitangire akarorero. Kurya nyene umuhinguzi w’igikoresho kanaka atanga amabwirizwa y’ukuntu umuntu yofatanya neza ibihimba vyaco, ni ko n’amabwirizwa Imana itanga atwereka ivyo twokora kugira ngo ingo ziroranirwe . Abakurikiza impanuro Imana itanga bama baroranirwa.​—Yesaya 48:17, 18.

    Kurya nyene umuhinguzi w’igikoresho atanga amabwirizwa y’ukuntu ibihimba vyaco bifatanywa, ni ko n’amabwirizwa Imana itanga atwereka ivyo twokora kugira dutume urugo rwacu ruroranirwa

  •   Abahuza ibitsina batubakanye barashikirwa n’ingaruka mbi cane. Nk’akarorero, barashobora gutwara inda batipfuza, bakarwara indwara zandukira biciye ku bihimba vy’irondoka, kandi bakamana intuntu mu mutima.

  •   Imana yahaye umugabo n’umugore ubushobozi bwo kurondoka biciye ku guhuza ibitsina. Imana ibona ubuzima ko ari bweranda, kandi ubushobozi bwo kurondoka ni ingabire y’agaciro. Imana ishaka rero ko dukoresha iyo ngabire tubigiranye icubahiro, mu gutera iteka iyo ntunganyo y’umubano.​—Abaheburayo 13:4.

 Bite ho ku bijanye n’umubano w’imponjo kugira barabe nimba bazohuza?

 Kugira ngo bazogire urugo rwiza, si ngombwa ko abantu babanza kubana batagira isezerano. Ahubwo, urugo ruba rwiza igihe bompi bagiraniye indagano kandi bagasenyera ku mugozi umwe mu gutorera umuti ingorane. a Umubano urakomeza indagano.​—Matayo 19:6.

 Abubatse bashobora gute gutuma umubano wabo uroranirwa?

 Nta mubano utunganye uriho. Ariko rero, igihe abubatse bakurikiza impanuro Bibiliya itanga birashobora gutuma umubano wabo uroranirwa. Raba uburorero bumwebumwe:

a Raba ikiganiro kivuga ngo «Ivyofasha ingo kurama​—Gushitsa indagano