Ja ku birimwo

Wa mumarayika mukuru Mikaheli ni nde?

Wa mumarayika mukuru Mikaheli ni nde?

Inyishu Bibiliya itanga

 Mikaheli, uwo bakunze kwita mu madini amwamwe “Mikaheli mweranda,” biboneka ko ari ryo izina rya Yezu imbere yuko aza kw’isi n’inyuma y’aho aviriye kw’isi. a Mikaheli yarahaririye na Shetani ku bijanye n’ikiziga ca Musa kandi yarafashije umumarayika yari aje gushikiriza ubutumwa bw’Imana umuhanuzi Daniyeli. (Daniyeli 10:13, 21; Yuda 9) Kuba Mikaheli arwanira ubutegetsi bw’Imana, akongera akarwanya abansi b’Imana, ni icerekana ko akora ahuza n’insobanuro y’izina ryiwe na yo akaba ari “Ni nde ameze nk’Imana?”—Daniyeli 12:1; Ivyahishuwe 12:7.

 Raba igituma twovuga ko Yezu ari we wa mumarayika mukuru Mikaheli.

  •   Mikaheli ni “wa mumarayika mukuru.” (Yuda 9) Izina ry’icubahiro “umumarayika mukuru,” risobanura “kizigenza wa bamarayika,” riboneka muri Bibiliya ahantu habiri gusa. Aho hose riba riri mu rudende; bica biboneka ko ari umumarayika umwe yitwa iryo zina. Hamwe muri aho, havuga ko Yezu Umukama yazutse “azomanuka avuye mw’ijuru n’akamo k’ugutegeka, n’ijwi ry’umumarayika mukuru.” (1 Abatesalonika 4:16) Yezu afise “ijwi ry’umumarayika mukuru” kubera ari we mumarayika mukuru Mikaheli.

  •   Mikaheli arategeka ingabo z’abamarayika. “Mikaheli n’abamarayika biwe barwana na ca gisato,” ari co Shetani. (Ivyahishuwe 12:7) Mikaheli afise ubukuru budasanzwe mw’ijuru kubera ko yitwa “umwe mu baganwa bakurubakuru” akaba n’“umuganwa ahambaye.” (Daniyeli 10:13, 21; 12:1) Nk’uko umuhinga mu vy’Isezerano rishasha yitwa David E. Aune abivuga, ayo mazina yerekana ko Mikaheli ari “Kizigenza w’ingabo z’abamarayika.”

     Bibiliya ivuga irindi zina rimwe gusa ry’uwufise ububasha ku ngabo z’abamarayika. Igira iti: “Igihe c’ihishurwa ry’Umukama Yezu avuye mw’ijuru ari kumwe n’abamarayika biwe b’ububasha mu muriro uyingana, [azokw]ihora.” (2 Abatesalonika 1:7, 8; Matayo 16:27) Yezu yaragiye “mw’ijuru; kandi abamarayika n’ubukuru n’ububasha yarabihawe ngo abiganze.” (1 Petero 3:21, 22) Ntivyoba vyumvikana rero ko Imana yogira Yezu na Mikaheli bompi ba kizigenza b’abamarayika beranda. Ahubwo riho, birumvikana ko ayo mazina yompi, Yezu na Mikaheli ari ay’umuntu umwe.

  •   Mikaheli “azohaguruka” mu “gihe c’amarushwa” atari bwigere abaho. (Daniyeli 12:1) Mu gitabu ca Daniyeli, imvugo “guhaguruka” ikoreshwa cane ku mwami igihe ahaguruka kugira akore igikorwa kidasanzwe. (Daniyeli 11:2-4, 21) Yezu Kristu, uwuvugwa ko ari we “Jambo w’Imana,” akaba n’ “Umwami w’abami” azorandura abansi b’Imana bose maze akingire abasavyi b’Imana. (Ivyahishuwe 19:11-16) Ivyo azobikora mu gihe ca ya“makuba akomeye atigeze abaho kuva mu ntango y’isi.”—Matayo 24:21, 42.

a Bibiliya iravuga abandi bantu bari bafise amazina menshi, nka Yakobo (yitwa kandi Isirayeli), Petero (yitwa kandi Simoni), na Tadeyo (yitwa kandi Yuda).—Itanguriro 49:1, 2; Matayo 10:2, 3; Mariko 3:18; Ivyakozwe 1:13.