Ja ku birimwo

Yehova ni nde?

Yehova ni nde?

Inyishu Bibiliya itanga

 Yehova ni yo Mana y’ukuri ivugwa muri Bibiliya. Ni yo yaremye vyose. (Ivyahishuwe 4:​11) Ni yo Aburahamu na Musa basenga; ni na yo Yezu yasenga. (Itanguriro 24:27; Kuvayo 15:1, 2; Yohani 20:17) Si Imana y’abantu kanaka gusa, ni Imana y’abo kw’“isi yose.”​—Zaburi 47:2.

 Yehova ni izina Imana yisangije rihishurwa muri Bibiliya. (Kuvayo 3:​15; Zaburi 83:18) Riva mu rivuga ry’igiheburayo risobanura ngo “kuba.” Abahinga batari bake biyumvira ko iryo zina risobanura ngo “Atuma biba.” Iyo nsobanuro iramubereye kubera ko ari we yatumye ibintu vyose bibaho, akaba kandi atuma umugambi wiwe uranguka. (Yesaya 55:10, 11) Bibiliya iradufasha kandi kumenya uko Yehova ameze, na canecane urukundo rwiwe ari na rwo rumuranga kuruta ibindi vyose.—Kuvayo 34:5-7; Luka 6:35; 1 Yohani 4:8.

 Izina Yehova mu giheburayo rigizwe n’indome zine יהוה (YHWH). Nta wuzi neza ingene aho hambere baryatura mu giheburayo. Naho ari ukwo, riramaze igihe kirekire ryaturwa ngo “Yehova” mu kirundi.

Kubera iki ata wuzi ingene izina ry’Imana ryaturwa aho hambere?

 Kera mu kwandika igiheburayo ntibakoresha indome zivuga. Uwuzi igiheburayo yaramenya indome zivuga akwiye gushiramwo igihe yaba ariko arasoma. Ariko Ivyanditswe vy’igiheburayo (“Isezerano rya kera”) bimaze kwandikwa, hari Abayahudi batanguye kugira ubwoba budafise ishingiro bwo kuvuga iryo zina ry’uruharo ry’Imana. Bariko barasoma icanditswe n’ijwi bagashika ahantu hari izina ry’Imana, baca barisubiriza ayandi mazina nk’“Umukama” canke “Imana.” Uko imyaka yahaciye, ubwo bwoba bwarakwiragiye mu bantu, inyaturo ya kera y’izina ry’Imana izimangana gutyo. a

 Bamwe biyumvira ko izina ry’Imana ryahora ryaturwa ngo “Yahweh,” abandi bakiyumvira ukundi. Hari umuzingo watowe ku Kiyaga c’Umunyu urimwo igice c’igitabu c’Abalewi mu kigiriki. Uwo muzingo werekana ko izina ry’Imana ryaturwa ngo Iao. Abanditsi b’ikigiriki ba kera na bo berekana ko rishobora kuba ryaturwa ngo Iae, I·a·beʹ, canke I·a·ou·eʹ. Ariko nta cemeza ko ari ko ryaturwa mu giheburayo ca kera. b

Ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye izina ry’Imana riri muri Bibiliya

 Iciyumviro kitari co: Abantu ni bo bagiye barashira izina “Yehova” mu mabibiliya.

 Ukuri: Za ndome zine zigize izina ry’Imana mu giheburayo ziboneka incuro nka 7.000 muri Bibiliya. c Mu mabibiliya menshi, izina ry’Imana ryarakuwemwo ata mvo, risubirizwa izina “Uhoraho” canke irindi zina ry’icubahiro.

 Iciyumviro kitari co: Imana Mushoboravyose ntikeneye izina ridasanzwe.

 Ukuri: Imana ni yo yatumye abanditse Bibiliya bayandikamwo izina ryayo incuro ibihumbi, kandi isaba abayisenga kurikoresha. (Yesaya 42:8; Yoweli 2:​32; Malaki 3:​16; Abaroma 10:13) Ushima ibisaba, yarahambariye abahanuzi b’ikinyoma bagerageje kwibagiza abantu izina ryayo.​—Yeremiya 23:27.

 Iciyumviro kitari co: Twisunze umugenzo w’Abayahudi, izina ry’Imana rikwiye gukurwa muri Bibiliya.

 Ukuri: Ni ivy’ukuri ko hari abanditsi b’Abayahudi wasanga banka kuvuga izina ry’Imana. Ariko ntibarikuyemwo muri Bibiliya zabo. Uko biri kwose, Imana ntishaka ko dukurikiza imigenzo y’abantu iteye kubiri n’amategeko yayo.​—Matayo 15:​1-3.

 Iciyumviro kitari co: Izina ry’Imana ntirikwiye gukoreshwa muri Bibiliya kubera ko ata wuzi neza ingene ryaturwa mu giheburayo.

 Ukuri: Twiyumviriye gutyo, vyoba bishaka kuvuga ko Imana yiteze ko abantu bavuga indimi zitandukanye batura izina ryayo cokimwe. Ariko Bibiliya yerekana ko abasavyi b’Imana ba kera bavuga indimi zitandukanye batatura amazina y’abantu cokimwe.

 Dufate nk’akarorero wa mucamanza w’Umwisirayeli yitwa Yosuwa. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bavuga igiheburayo, biboneka ko izina ryiwe baryatura ngo Yehoh·shuʹaʽ, abavuga ikigiriki bakaryatura ngo I·e·sousʹ. Muri Bibiliya turahasanga inyaturo y’izina Yosuwa mu kigiriki. Ivyo vyerekana ko abakirisu b’aho hambere batura amazina y’abantu bisunze ururimi rwabo, kandi ivyo birumvikana.​—Ivyakozwe 7:​45; Abaheburayo 4:8.

 Ni ko biri no ku bijanye no gushira izina ry’Imana mu zindi ndimi. Igihambaye si ukumenya neza ingene ryaturwa, ahubwo igihambaye ni uko rihabwa ikibanza rikwiriye muri Bibiliya.

a Igitabu kimwe ca Gatolika (New Catholic Encyclopedia, integuro ya kabiri, igitabu ca 14, urupapuro rwa 883-​884), kivuga giti: “Aho Abayahudi bamariye kuva mu bunyagano, izina Yahweh ryaratanguye guhabwa icubahiro kidasanzwe, maze haca haduka umugenzo wo kurisubiriza n’ijambo ADONAI canke ELOHIM.”

b Wipfuza ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo “Izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’igiheburayo” mu gihimba ca 1 c’“Agatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana.

c Raba igitabu Theological Lexicon of the Old Testament, igitabu ca 2, urupapuro rwa 523-​524.