Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO

Ingene wocungera ishavu

Ingene wocungera ishavu

 Uwo mwubakanye aravuze canke arakoze ikintu kigushavuza, uciye ugerageza guhisha iryo shavu. Ariko uwo mwubakanye arabonye ko utameze neza agaca atangura kukubaza igituma. Uciye urushiriza gushavura. Wocungera gute ishavu ryawe mu bihe nk’ivyo?

 Ico ukwiye kumenya

  •   Gutwarwa n’ishavu birashobora kugirira nabi amagara yawe. Ubushakashatsi bwerekana ko ishavu ridacungerewe rishobora gutuma urwara ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, umutima, akabonge n’umushishito. Ishavu kandi riratuma umuntu abura itiro, akagira amaganya menshi, akagira ingorane z’urukoba canke z’udutsi two mu bwonko. Ni co gituma Bibiliya iduhanura iti: “Reka ishavu, uhebe ubushangashirwe.”​—Zaburi 37:8.

  •   Kwigumizamwo ishavu na vyo nyene birashobora kukugirira nabi. Kwigumizamwo ishavu bimeze nk’ingwara igusinzikariza indani. Nk’akarorero, birashobora gutuma usanga usigaye uri umuntu ahemana canke aguma atora abandi amahinyu. Ivyo vyoshobora gutuma bikugora kubana n’abandi kandi bikagirira nabi umubano wanyu.

 Ico wokora

  •   Niwibande kuri kamere nziza uwo mwubakanye afise. Niwiyumvire kamere zitatu ushima ku wo mwubakanye. Ikindi gihe niyakora ikintu kigushavuza, uzoce uzirikana kuri izo kamere. Ivyo bizogufasha gucungera iryo shavu.

     Iciyumviro co muri Bibiliya: “Mwerekane ko mushima.”​—Abakolosayi 3:15.

  •   Nube umuntu ababarira. Ubwa mbere, nugerageze kwishira mu kibanza c’uwo mwubakanye. Ivyo bizotuma ugira impuhwe. (1 Petero 3:8) Ubukurikira, niwibaze uti: ‘Iki kintu canshavuje coba gikomeye cane ku buryo ntomubabarira?’

     Iciyumviro co muri Bibiliya: “Kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza.”​—Imigani 19:11.

  •   Nuserure ingene wiyumva ubigiranye ubuntu n’ukwiyubara. Niwiyerekezeko ivyo uvuga. Nk’akarorero, aho kuvuga ngo “Igihe utanterefonye ngo umbwire iyo uri, uba unyeretse ko utanyitwararika,” nuvuge ngo “Ndahagarika umutima iyo mbonye bwije kandi nkaba ntazi ingene umerewe.” Kuvuga uko wiyumva ubigiranye ubwitonzi birashobora kugufasha gucungera ishavu.

     Iciyumviro co muri Bibiliya: “Imvugo yanyu yamane igikundiro, irunze umunyu.”​—Abakolosayi 4:6.

  •   Nutege yompi ubigiranye icubahiro. Uhejeje guserura uko wiyumva, nureke uwo mwubakanye agire ico avuze kandi ntumuciremwo. Ahejeje kuvuga, numusubiriremwo ivyo avuze kugira urabe ko wabitahuye neza. Gutega yompi vyonyene birashobora gufasha gucungera ishavu.

     Iciyumviro co muri Bibiliya:Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga.”​—Yakobo 1:19.