Ja ku birimwo

Amahera Ivyabona vya Yehova bakoresha ava he?

Amahera Ivyabona vya Yehova bakoresha ava he?

 Amahera akoreshwa mu bijanye n’igikorwa cacu co kwamamaza ahanini ava mu ntererano Ivyabona vya Yehova batanga bavyishakiye. a Udusandugu two gushiramwo intererano turashirwa mu bibanza vyacu vyo gusengeramwo, hakaba n’ubundi buryo bwo gutanga intererano buri ku rubuga rwacu. Kuri urwo rubuga, urashobora guhitamwo gutanga intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, ku bw’ishengero urimwo canke ku bw’iyo migwi yompi.

 Nta c’icumi Ivyabona vya Yehova batanga, eka kandi nta gitigiri kinaka c’amahera bategerezwa gutanga bivanye n’ayo baronka. (2 Abakorinto 9:7) Ku makoraniro yacu nta mperezwa zitozwa kandi kwinjira ni ku buntu, mbere n’abatuja imbere ntibarihisha amahera y’ibatisimu, amaziko, ubugeni canke y’ibindi bikorwa vy’idini bakora. Nta mashirahamwe y’ivy’ubudandaji dufise, amasoko, inkino zo kuri internet, kandi ntidutegura ibirori vy’ukwidagadura, ibiteramo canke ibindi nk’ivyo mu ntumbero yo kwironkera amahera. Eka mbere ntitwigera dusabiriza. Amakuru yerekeye abatanga intererano aguma ari ibanga. (Matayo 6:2-4) Imbuga zacu be n’ibitabu vyacu ntibikoreshwa mu mahayanishwa.

 Uko ukwezi guheze, buri shengero ry’Ivyabona vya Yehova rirasomera abitavye amakoraniro bose raporo y’ukuntu amafaranga yakoze. Vyongeye ryama riharura amahera y’intererano kugira ryiyemeze ko akoreshwa neza.​—2 Abakorinto 8:20, 21.

Uburyo bwo gutanga intererano

  •   Udusandugu tw’intererano: Urashobora gutanga intererano mu gushira amahera canke amasheke mu dusandugu tuba turi ku Ngoro z’Ubwami, iz’amateraniro canke mu bindi bibanza biberamwo amakoraniro.

  •   Biciye kuri internet: Mu bihugu vyinshi, urashobora kuja ku rubuga rwa jw.org ahanditse ngo “Guha intererano Ivyabona vya Yehova” kugira utange intererano ukoresheje udukarata twa banki canke ubundi buryo bwo kurungika amahera mu buryo bwa elegitronike. b Ivyabona bamwebamwe bahitamwo ‘gushira ku ruhande’ amahera bipfuza kuzoterera buri kwezi bakoresheje bumwe muri ubwo buryo.​—1 Abakorinto 16:2

  •   Kubitegekanya imbere y’igihe: Uburyo bumwebumwe bwo gutanga busaba gutegekanywa imbere y’igihe canke mbere kugirwa inama n’abazi ivy’amategeko. Kubigenza gutyo birashobora mbere gutuma wungukira ku turusho tujanye n’amatagisi atangwa mu gihugu iwanyu. Abantu benshi vyarabagiriye akamaro kumenya ko bashobora kugira ivyo batanze haba igihe bakiri bazima canke bikazokwegukira ishirahamwe bamaze gupfa. Turabasavye muvugane n’ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vy’aho iwanyu, nimba mwipfuza gutanga intererano muri ubu buryo bukurikira:

    •   konte ya banki

    •   amahera ya asiransi canke ayo gukukuruka

    •   itongo canke inzu

    •   imitahe

    •   ibisigi be n’imbitso

 Nimba wipfuza kumenya uburyo bwo gutanga intererano buboneka aho iwanyu, nurabe ahavuga ngo “Guha intererano Ivyabona vya Yehova.”

a Abatari Ivyabona na bo nyene barashobora gutanga intererano kugira bashigikire igikorwa cacu.

b Wipfuza kumenya n’ibindi , raba ividewo ivuga ngo Gutanga intererano biciye ku buhinga bwa none.