Ja ku birimwo

Hoba hari amavidewo, ibitabu canke indirimbo bibujijwe ku Vyabona vya Yehova?

Hoba hari amavidewo, ibitabu canke indirimbo bibujijwe ku Vyabona vya Yehova?

 Oya. Ishirahamwe ryacu ntirisuzuma amavidewo, ibitabu canke indirimbo binaka kugira ritegeke abarigize ivyo bakwiye kwirinda. Uti kubera iki?

  Bibiliya iremesha umuntu wese kumenyereza ‘ububasha bwiwe bwo gutegera’ kugira amenye gutandukanya iciza n’ikibi.—Abaheburayo 5:14.

  Bibiliya irerekana ingingo ngenderwako umukirisu yokwisunga igihe ahitamwo uburyo bwo kwisamaza. a Mu mice yose y’ubuzima, intumbero yacu ni iyo ‘kuguma twiyemeza neza ivyemerwa ku Mukama ivyo ari vyo.’​—Abanyefeso 5:10.

  Bibiliya yigisha ko ba serugo bafise ubukuru kanaka. Ku bw’ivyo barashobora guhitamwo kutemerera abagize umuryango wabo uburyo bunaka bwo kwisamaza. (1 Abakorinto 11:3; Abanyefeso 6:1-4) Ariko rero, kiretse mu muryango, nta n’umwe yemerewe kubuza amavidewo kanaka, indirimbo zinaka canke abaririmvyi kanaka ngo ntivyemewe ku bagize ishengero.​—Abagalatiya 6:5.

a Nk’akarorero, Bibiliya iriyamiriza ikintu cose kiremesha ubupfumu, ubuhumbu canke ubukazi.​—Gusubira mu vyagezwe 18:10-13; Abanyefeso 5:3; Abakolosayi 3:8.