Ja ku birimwo

Barigishijwe kuzimya umuriro

Barigishijwe kuzimya umuriro

“Umuriro! Haradutse umuriro!” Sandra yariko aranywa icayi mu nzu kwa inabukwe, aza abona urubeya munsi y’umuryango w’akazu babikamwo ibikoresho kari hafi y’iyo nzu yarimwo. We n’umugabo wiwe Thomas baciye bagira ico bakoze badatebaganye. Sandra yaciye yiruka kuzana ikizimyamwoto, Thomas na we yiruka kuri ako kazu kuraba neza ibiriko biraba. Sandra yaciye aha Thomas ico kizimyamwoto, na we aca arawuzimya. Sandra yigana ati: “Iyo tutahaseruka, ako kazu kose kari gusha kagatokombera.”

None ni igiki catumye Thomas na Sandra bashobora kuzimya uwo muriro ata bwoba? Bo hamwe n’ibindi Vyabona nka 1.000 bakorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vy’i Selters mu Budagi barigishijwe kuzimya umuriro.

Ivyo biro vy’ishami biri mu kibanza kingana n’amahegitari 30. Bigizwe n’amabiro, ivyumba vy’uburaro, imesuriro, icapuriro n’ahandi hantu hakorerwa ibikorwa bitandukanye, ivyo vyose bikaba bishobora gutuma haduka umuriro. Ku bw’ivyo, urwego rwo ng’aho kw’ishami rujejwe umutekano w’izo nyubakwa rwarashizeho porogarama yo kwigisha kuzimya umuriro. Ubwa mbere, umugwi ujejwe gutabara urimenyereza uri kumwe n’abajejwe kuzimya umuriro muri ako karere. Ubwa kabiri, abakorera ng’aho bama bakora ibintu bikurikira:

  • Barimenyereza ingene bova mu nyubakwa igihe hadutse umuriro.

  • Bariga ibijanye no kwirinda umuriro.

  • Bariga kuzimya umuriro ari ho ugitangura.

Gutyo, bararonka ubuhanga bubafasha igihe hadutse umuriro.

Kwimenyereza kuzimya umuriro mu buryo budateye akaga

Igihe baba bariko bariga, barimenyereza kuzimya umuriro mu buryo budateye akaga. Umukobwa yitwa Christin, akaba yaheruka kwiga ivyo kuzimya umuriro akiri mu mashure y’intango, avuga ku bijanye n’ukumenyerezwa yaronkeye kw’ishami ati: “Narafashe ikizimyamwoto, ndacugurura maze ndegera umuriro nciye mu ruhande umuyaga uriko urazananamwo. Ahandiho urubeya rwari kumbabura mu maso. Naciye nzimya uwo muriro kandi jenyene. Narize kandi kuzimya umuriro ndi mu mugwi w’abantu bane canke batanu.”

Uwitwa Daniel akorera ng’aho ku biro vy’ishami akaba ajejwe kwigisha abandi uburyo bwo kuzimya umuriro. Avuga ko kwimenyereza “bituma umuntu ataba agitinya umuriro.” Yongerako ati: “Iyo umuriro wadutse, akenshi abantu baca bata umutwe. Baragira ubwoba, bagaca batangura kwibaza bati: ‘Dukore iki? Ikizimyamwoto bayikoresha gute?’ Ariko iyo bazi ico bokora barashobora gutuma akariro gakeyi kataka ngo gahumagane.” Avuga ko mu gihe c’ivyigwa “abimenyereza biga gukoresha neza ibizimyamwoto kandi mu buryo bwihuta. Ivyo bituma bumva ko babishoboye kandi bagatsimbataza umutima rugabo wo kwihutira kugira ico bakoze igihe bikenewe.”

Ukwo kumenyerezwa kuravamwo ivyiza

Benshi barashima ukwo kumenyerezwa. Umwe Christin twavuga yigana ati: “Bwari bwo bwa mbere mfashe mu maboko ikizimyamwoto. Nibaza ko abantu bose bakwiye kuronka kuno kumenyerezwa.” Uwitwa Nadja ahora aza gufasha ku biro vy’ishami rimwe na rimwe akaba akora no ku kibuga c’indege. Avuga ati: “Muri iyi myaka cumi iheze, ivyo kuzimya umuriro babitwigisha ku munwa gusa ng’aho ku kibuga c’indege. Ariko ukumenyerezwa naronkeye kw’ishami kwatumye ndushiriza kwumva ko ndabishoboye. Umuriro niwaduka, nzomenya ico nkora.”

Sandra abona ko ukumenyerezwa yaronkeye kw’ishami ari kwo kwatumye agira ico akoze adatebaganye hamwe yari kwa inabukwe. Avuga ati: “Sinari ngitinya gukoresha ikintu co kuzimya umuriro. Ni vyiza kuba tuza turamenyerezwa buri mwaka. Vyaramfashije cane.”

Barimenyereza bari kumwe n’abajejwe kuzimya umuriro

Abajejwe kuzimya umuriro muri ako karere bama baza kwimenyereza aho ku biro vy’ishami. Umushefu wabo yitwa Theo Neckermann asigura ati: “Umugwi wacu ujejwe akarere ka Selters, kakaba kari hagati mu gihugu. Dukunze kuzimya umuriro mu mihana y’abantu canke mu nyubakwa zisanzwe. Inyubakwa z’ibiro vy’ishami ziratandukanye n’izindi zo muri aka karere kubera zubatse ahantu hanini, zikaba ari nini, n’ibikorwa bihakorerwa bikaba bigomba gusa n’ivyo mu mahinguriro. Turakeneye ubuhanga budasanzwe kugira dushobore kuzimya umuriro kuri izi nyubakwa. Ku bw’ivyo, biraduhimbara cane kugirira imyimenyerezo ng’aha kandi turabikenguruka.”

Umugwi ujejwe gutabara wo kuri ivyo biro vy’ishami ugizwe n’abantu barenga 100. Bari kumwe n’abajejwe kuzimya umuriro muri ako karere, barimenyereza ingene botabara abantu hadutse umuriro. Neckermann avuga ati: “Umugwi wanyu ujejwe gutabara ni igitangaza. Imfashanyo n’ubuyobozi uduha bituma igikorwa co kumenyesha abantu ko hadutse umuriro no kubakura mu mazu kigenda neza.”

Bariko barabereka ko ari bibi gukoresha amazi mu kuzimya umuriro wadutse bivuye ku mavuta

Abajejwe kuzimya umuriro muri ako karere hamwe n’umugwi ujejwe gutabara wo ku biro vy’ishami barerekanye ubuhanga bwabo muri Ruhuhuma 2014. Umusi umwe ku mugoroba, bagiye babona imwe mu nyubakwa z’uburaro zo ku biro vy’ishami iriko irafumba umwotsi. Umwe Daniel twavuga agira ati: “Umwotsi wari mwinshi ku buryo ushize ibiganza imbere yawe utashobora kubibona. Twaciye duterefona urwego rujejwe kuzimya umuriro duca turatangura gusohora abantu bose bari mu nyubakwa z’ishami. Abo muri urwo rwego bashitse, basanze twamaze gusohora abantu bose.” Neckermann avuga ati: “Simbona ingene mu kanya gatoyi mwashoboye gusohora abo bantu bose mu nyubakwa nk’izo mu gisagara nka Francfort. Mwarigishijwe muramenya. Kandi n’umugwi wanyu ujejwe gutabara warakoze ibikora inka.” Abajejwe kuzimya umuriro baramenye icari cateye uwo muriro baca baragikuraho. Nta muntu n’umwe yakomeretse kandi nta bintu vyinshi vyononekaye.

Abakorera ku biro vy’ishami vy’i Selters bose barizigiye ko ata muriro ukomeye uzokwigera waduka ng’aho. Biramutse bishitse na ho, uzosanga biteguye kuko bigishijwe neza kuwuzimya.