Ja ku birimwo

Igikorane cabereye i Roma mu gitagaloge cari “ihuriro ry’umuryango munini”

Igikorane cabereye i Roma mu gitagaloge cari “ihuriro ry’umuryango munini”

Kuva itariki 24 gushika 26 Mukakaro 2015, i Roma mu Butaliyano harabereye igikorane kidasanzwe c’Ivyabona vya Yehova ibihumbi bavuga igitagaloge. Aho i Roma ni ku bilometero birenga 10.000 uvuye muri Filipine, aho urwo rurimi ruvugwa.

Hisunzwe ibiharuro vyagizwe, ubu i Buraya haba Abanyafilipine barenga 850.000. Ku bw’ivyo, i Buraya hari amashengero hamwe n’imigwi mitomito y’Ivyabona vya Yehova nka 60 akoresha ururimi rw’igitagaloge, kandi abayagize barabwira inkuru nziza Abanyafilipine bo mu karere babamwo.

Kuri ico gikorane cabereye i Roma hoho, ayo mashengero n’iyo migwi yose yarahuriye hamwe ari bwo bwa mbere. Ico gikorane c’imisi itatu cabaye mu gitagaloge. Abantu 3.239 bari bitavye ico gikorane barahimbawe no kuba bari kumwe na Mark Sanderson, wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Mark Sanderson yarakoreye muri Filipine, kandi buri musi ni we yashikiriza insiguro isozera.

“Zaranshitse ku mutima”

Ni itandukaniro irihe riri hagati yo kuja mu gikorane kiri mu rurimi wonse no kuja mu kiri mu rundi rurimi uzi? Inabibondo yireranye abana yitwa Eva avuga ati: “Ndazi icongereza gikeyi, ariko kubera ko iki gikorane kiri mu gitagaloge, inyigisho zo muri Bibiliya zanshitse ku mutima.” Kugira we n’abana biwe babiri bashobore kuronka amahera y’itike yo kuva muri Espanye gushika mu Butaliyano, barafashe ingingo yo kutaja gufungurira mw’iresitora buri ndwi nk’uko bari bamenyereye, ariko bakaza barajayo rimwe mu kwezi. Eva avuga ati: “Ako kigoro kari kabereye, kubera ko natahuye ivyavuzwe muri iki gikorane vyose!”

Jasmin wo mu Budagi yarasavye ikonje ku kazi kugira aje kuri ico gikorane. Avuga ati: “Imbere gatoyi y’uko ngenda, bambwiye ko ntashobora kugenda kubera ko hari ibikorwa vyabwirizwa gukorwa. Naratekanye, ndasenga Yehova nca ndaja kuganira n’umukoresha wanje. Twarashoboye gupangira uwundi mwanya ico gikorwa gutyo birakunda ko ngenda. Vyari biryoshe cane guhurira hamwe n’abandi bavukanyi b’Abanyafilipine bari baje bava mu bihugu bitandukanye vya Buraya.”

Ni ivy’ukuri ko Abanyafilipine bari i Buraya bakumbura igihugu cabo c’amavukiro. Ariko kandi barakumbura n’abagenzi babo bimukiye mu bindi bihugu vya Buraya. Ico gikorane catumye abo bagenzi basubira kubonana, ariko ubu ho ari Ivyabona vya Yehova. (Matayo 12:48-​50) Uwitwa Fabrice avuga ati: “Naranezerejwe cane no kubona abantu nzi!” Ico gikorane kirangiye, umugore umwe w’Icabona yaguma yikugura ati: “Ryari ihuriro ry’umuryango munini pe!”