Ja ku birimwo

Ugushikiriza impapuro z’umutsindo umugwi ugira 135 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi

Ugushikiriza impapuro z’umutsindo umugwi ugira 135 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi

Ku wa 14 Nyakanga 2013, abantu nka 10.500 bari bakoraniye hamwe mu kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova kiri i Patterson muri Leta ya New York ku bw’ibirori vyo gushikiriza impapuro z’umutsindo umugwi ugira 135 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi. Iryo shure riramenyereza Ivyabona vya Yehova bazi utuntu n’utundi kurushiriza kuba kirumara mu bikorwa bashingwa.

Guy Pierce, umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova akaba ari we yari ahagarikiye nya birori, yashingiye intangamarara yiwe kuri Matayo 28:19, 20, ahagira hati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, . . . mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.”

Umuvukanyi Pierce yerekanye ko, igihe Yezu yavuga ayo majambo, yari atanguje igikorwa cobandanije gushika muri iki gihe cacu. Igihe duhindura abantu abigishwa, turabigisha kwubahiriza ibintu vyose Yezu yategetse. Birumvikana ko aho harimwo n’itegeko yatanze ryo kwamamaza “iyi nkuru nziza y’ubwami.” (Matayo 24:14) Gutyo, umwigishwa mushasha wese na we aca aba umwamamaji n’umwigisha w’Ubwami. None ico gikorwa cari kuguma gikorwa cavuyemwo iki? Umuvukanyi Pierce yavuze ati: “Abantu baba kw’isi barongerekanye ariko kandi n’abasavyi b’Imana ni ukwo.”

“Batanze ibirengeye ubushobozi bwabo koko.” Thomas Cheiky, uno akaba ari uwo muri komite y’ishami yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yashikirije iyo nsiguro ishingiye ku 2 Abakorinto 8:​1-4. Naho bari mu bukene budasanzwe, abo mu mashengero yo mu kinjana ca mbere y’i Makedoniya basavye binginga ko botanga ivyo gufasha abavukanyi b’i Yeruzalemu bari mu bukene. Abanyeshure b’ishure rya Gileyadi barerekanye uwo mutima nyene w’ugutanga n’ukwitanga.

Muri ico gihe nyene, turashobora kwizigira ko Abanyamakedoniya biyubaye mu kudatanga birenze urugero ku buryo imiryango yabo ihabonera canke ubucuti bafitaniye n’Imana bugahungabana. Umuvukanyi Cheiky yahanuye abo banyeshure kwigana Abanyamakedoniya mu kutarenza urugero mu kuntu bagaragaza umutima w’ugutanga.

“Ishure ryaheze.” Samuel Herd wo mu Nama Nyobozi yarerekanye igituma abo banyeshure bakwiye kwibuka ivyo biboneye muri iryo shure. Nka kurya akaziki karyoshe umuntu yumvise mu gitondo kamugumamwo umusi wose, ni ko n’ivyo abo banyeshure bibuka bijanye n’iryo shure bishobora kubazigama naho hoba haciye igihe kirekire bavuye kw’ishure.

Umuvukanyi Herd yaribukije abo banyeshure ko ububasha Imana ifise bwo kwibuka ibintu butagira aho bugarukira. Imana yarise amazina inyenyeri amamiliyaridi n’amamiliyaridi zihari, kandi ntizokwigera yibagira inyenyeri n’imwe. (Zaburi 147:4) Ese ingene rero izorushiriza kwibuka utwigoro abo banyeshure bagize mu kumenyerezwa kwabo muri iryo shure rya Gileyadi! Barirundanirije “amatunga mw’ijuru,” kandi nta wushobora kwiba ibintu vy’agaciro Yehova yibukira kuri abo banyeshure.​—Matayo 6:​20.

Kubera ko Imana yibuka igikorwa c’abo banyeshure be n’urukundo bayikunda, barafise imvo yo guha agaciro ivyo bibuka bijanye n’iryo shure. Umuvukanyi Herd yavuze ati: “Niwibuka ibijanye n’iri shure bigatuma ugira akamwemwe, ntuze wibagire gukenguruka umwe atuma ugira uwo munezero, na we akaba ari Yehova. Nturambirwe no kuvyibuka. Woshobora kuhakura ivyiza vy’intibagirwa.”

“Nuhumurizwe n’ububasha kaminuza bwa Yehova.” Sam Roberson, umwigisha wo muri iryo shure, yaremesheje abo banyeshure kwikora ku bubasha bwa Yehova igihe bashikiwe n’ingorane nshasha ha kwishimikiza inkomezi zabo bwite. Mu Banyefeso 3:​20 havuga ko Imana ishobora “gukora ibirengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira.” Ububasha bwayo burarengeye ukwiyumvira kwacu ku buryo n’imvugo ngo ‘ishobora gukora ibirengeye ivyo twiyumvira’ idashobora kudondora neza ububasha bwayo, kuko uwo murongo uvuga ko ishobora gukora ibirengeye “kure n’iyo.”

Yehova araha ububasha kaminuza bwiwe umukirisu wese. Ameze nk’“umunyenkomezi ateye ubwoba,” canke “umurwanyi ateye ubwoba,” mu gihe c’ingorane zikomeye. (Yeremiya 20:11; God’s Word Bible) Umuvukanyi Roberson yaribukije abo banyeshure ko Yehova azobafasha gutsinda ingorane canke intambamyi izo ari zo zose bazohura.

“Nuzigame icubahiro cawe mu murimo w’Ubwami.” William Samuelson, na we nyene akaba ari umwigisha wo muri iryo shure, yasiguye ko abanyeshure bo muri iryo shure rya Gileyadi baronse icubahiro mu buryo bubiri. Barerekanye ko babereye icubahiro biciye ku bikorwa baranguye yaba imbere y’ivyigwa be no mu kiringo cavyo, kandi barabandanya kwironkera iteka n’icubahiro mu guserukira intwaro iruta izindi zose, na yo ikaba ari Ubwami bw’Imana.

None abo banyeshure bashobora bate kuzigama icubahiro cabo? Umuvukanyi Samuelson yabaremesheje guha iteka Yehova no kwubaha abandi, nk’uko Yezu yateye iteka abandi n’igihe mbere yaba abwirizwa kubakosora canke kubahanura. Ivyo bizovamwo iki? Cokimwe n’intumwa Paulo, abo banyeshure bazorushiriza kugira icubahiro, baninahaze ubusuku bwabo aho kurondera kuninahazwa.​—Abaroma 11:13.

“Ububasha bw’ayo mafarasi buri mu minwa yayo.” Michael Burnett, uwundi mwigisha wo muri iryo shure, yarerekanye ingene tuba turiko turashitsa ibivugwa mu Vyahishuwe 9:​19 igihe dukoresha ivyo twiga mu makoraniro ya gikirisu mu kuvugana ububasha igihe twamamaza. Yaciye aganira n’abanyeshure, bano barigana canke barasubiramwo mu buryo bw’agakino ivyo biboneye vyabahimbaye mu gikorwa co kwamamaza baranguye mu kiringo c’iryo shure rya Gileyadi. Nk’akarorero, hari umunyeshure yatumye uwukorera aho banyweshereza igitoro ashimishwa no kwumviriza inkuru nziza mu kumubaza ati: “Ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga vyatanguye ryari, bihera ryari?” (Luka 21:24) Asubiye kugendera nya mugabo, yaramufashije kwishura ico kibazo akoresheje Daniyeli ikigabane ca 4, yongera akoresha amayagwa y’inyongera ari mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

“Imitima yabo yahawe ugushikama.” Adrian Fernandez, uno akaba ari muri komite y’ishami yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yarabajije ibibazo abanyeshure bane (abavukanyi babiri n’abakenyezi babo). Umuvukanyi Helge Schumi yavuze ko kuba Bibiliya yerekana ko bamwe mu basavyi b’Imana bishize hejuru bamaze kuronka agateka kadasanzwe, ari co gituma ivyigwa vya Gileyadi akenshi bihanura abanyeshure kuguma bicisha bugufi. (2 Ngoma 26:16) Umuvukanyi Peter Canning na we nyene yaribukije iyi mpanuro iranga ubukerebutsi iri mu nsiguro ishikirizwa mw’ishure rya Gileyadi yerekeye kwiga ururimi rushasha, igira iti: “Ntugire ubwibone. Niwemere ubikunze ko ata co uzi.” Abo banyeshure uko ari bane baraseruye ko bakenguruka ukuntu ivyigwa vyabakomeje ku bw’igikorwa kiri imbere, biraha imitima yabo ugushikama.​—Abaheburayo 13:9.

“Munezerwe kubera ko amazina yanyu yanditswe mw’ijuru.” (Luka 10:20) Geoffrey Jackson wo mu Nama Nyobozi yarashikirije ijambo nyamukuru ry’uwo musi. Mu buryo butandukanye n’abaciye muri iryo shure kera, abenshi mu barisohoka ubu ntibarungikwa mu turere tutaramamazwamwo inkuru nziza y’Ubwami canke ngo bibonere ivyiza bihimbaye biva ku gukorera muri utwo turere. None bakwiye kuvyakira gute?

Igihe ba bigishwa 70 Yezu yarungika bagaruka bavuye mw’isekeza ryo kwamamaza, barashikirije inkuru ziteye umunezero z’ingene birukanye amadayimoni mw’izina rya Yezu. (Luka 10:​1, 17) Yezu yaremeye ko ivyo bintu biteye umunezero koko, ariko avuga ati: “Yamara rero, ntimunezerwe n’uko impwemu zibumvira, ahubwo munezerwe kubera ko amazina yanyu yanditswe mw’ijuru.” (Luka 10:20) Yaraberetse ko batokwamye bibonera ivyo bintu bihimbaye buri musi. Aho kwitwararika ivyo bari bashitseko bari bakwiye kwitwararika ivy’ukuba intahemuka kuri Yehova no kuba amazina yabo “yanditswe mw’ijuru.”

Umuvukanyi Jackson yavuze ati: “Ivyo Yezu yigishije ba bigishwa 70 biratwerekeye na twebwe.” Ivyo dushikako mu gikorwa co kwamamaza, ntibikwiye kuba ryo shingiro ry’umunezero wacu canke ry’ubwizigirwa bwacu. Ahubwo, turaronka umunezero kandi tukerekana ko turi abizigirwa mu kuguma dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova tukongera tugakorana umwete igikorwa ciwe.

Na Yezu yarashikiwe n’ibintu vyari kumuca intege. Nk’akarorero, ahejeje kugaburira ku gitangaro abantu ibihumbi, bano baciye batangura kumukurikira. (Yohani 6:​10-​14, 22-​24) Ariko budakeye na kabiri, benshi muri bo baratsitajwe n’inyigisho ya Yezu, ku buryo bamuvuyeko ari isinzi nk’uko bari baje kuri we ari isinzi. (Yohani 6:​48-​56, 60, 61, 66) Ariko intumwa ziwe z’intahemuka zari ziyemeje kuguma zumiye kuri we. Zaradusigiye akarorero keza mu kutitwararika gusa ivyari vyashitweko ariko ziritwararika ukuba intahemuka kwazo be n’ubucuti zifitaniye na Yehova.​—Yohani 6:​67-​69.

Insozero. Abanyeshure barahawe impapuro zabo z’umutsindo. Inyuma y’ivyo, umwe mu banyeshure yaraserukiye abandi arasoma ikete ryo gukenguruka. Umuvukanyi Pierce yasozereye avuga ko abasavyi b’Imana, harimwo n’abo bahejeje kuronka impapuro z’umutsindo, atari abantu badasanzwe muri iyi si. (Ivyakozwe 4:​13; 1 Abakorinto 1:​27-​31) Naho ari ukwo, Yehova aremera ukwiyegura kwacu akongera akaduha impwemu yiwe nyeranda. Vyongeye, naho Yehova adatangazwa n’inyigisho twaronse, umuvukanyi Pierce yavuze ko Yehova “atangazwa n’ukudahemuka kwacu, ubwizigirwa bwacu be n’ukumwihebera kwacu.”