Ja ku birimwo

Abo twari dupangiye baratwandikiye

Abo twari dupangiye baratwandikiye

Ivyabona vya Yehova baheruka kurangiza poroje y’ubwubatsi yo kwagura inyubakwa zabo z’i Wallkill muri New York. Iyo poroje yamaze imyaka itandatu. Mu myaka ibiri ya nyuma barihutishije ibikorwa, bica bituma hakenerwa uburaro bwiyongereye ku bw’abaza gufasha. Ku bw’ivyo, barakose amazu 25 muri iyo micungararo.

Abapangayi

Bene amazu babona gute gupangisha Ivyabona?

  • Umwe mu bo bapangiye yanditse ati: “Twarakunze cane abo bapangayi. Jewe n’umugabo wanje twaba i ruhande yabo, bari bafise umubano mwiza kandi bari bameze neza.”

  • Uwundi muntu yaba hafi y’inzu yari apangishije, yanditse ku bijanye n’abapangayi biwe ati: “Twama tubikugura. Inyuma y’inzu hariho ipisine, barakunda kuyogeramwo badusavye uruhusha. Igihe cose baje baritwararikana kandi bakubaha. Twarahimbarwa no kuba kumwe na bo kandi tuzokumbura kubabona bariko barinonora imitsi.” Yongeyeko ati: “Ntitwari bwigere tubona abantu bimereye neza nka bo.”

  • Uwundi muntu yari apangishije inzu yavuze ati: “Vyari bihimbaye cane, ntibari nk’ababanyi, ahubwo wamenga ni umuryango.”

Abapangishije

Igihe abo bapangayi bagenda, bene amazu babivuzeko iki?

  • “Bama bariha ku gihe, bagafata neza inzu ku buryo bayidusubije imeze neza.”

  • Umwe muri bene amazu twigeze kuvuga, agira ati: “Turashimiye ishirahamwe ryose ry’Ivyabona vya Yehova kuba ryaritwararitse amazu yacu.” Arongera akavuga ko atari azi ko Ivyabona bafise isuku “ridasanzwe.”

  • Umukenyezi umwe yasiguye ati: “Kubera ko tuzi ko muri abantu b’intungane, ntitwiriwe turanabasaba avanse. Ari amahera bayaduha ku gihe, amazu na yo bayadusubije asukuye.”

  • Ivyabona bahejeje gusanura utuntu ku nzu y’uwo bari bapangiye, yaciye ababaza ati: “Nobigenza gute ngo ndonke abakozi b’Ivyabona? Mwebwe iyo musezeranye gukora ikintu murubahiriza porogarama. Ivyo sinovyitega ku bandi bafundi bankorera.”

Ivyo basozereye bavuga

  • Imbere y’uko avanse y’inzu ihera, nyene inzu yanditse ko hamwe Ivyabona bobandanya kumupangira, “yobahaye agashirukabute” mu kubagabanya amahera y’inzu.

  • Uwundi yavuze ati: “Twohimbarwa hasubiye kuboneka akaryo ko gupangisha Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova.”