Ja ku birimwo

Ingoro y’amateraniro mw’ishamba rya Amazone

Ingoro y’amateraniro mw’ishamba rya Amazone

Hagati na hagati mw’ishamba rya manyenye rya Amazone, Ivyabona vya Yehova barubatse Ingoro y’amateraniro iteye igomwe. Iyo Ngoro iri mu buraruko bw’igisagara ca Manaus muri Brezile, mu kibanza kingana n’amahegitari 52 kigizwe ahanini n’ishamba cimeza. Ugeze aho hantu, wakirwa n’amajwi y’inyoni z’ubwoko butandukanye ziba zibereye mu bushorishori bw’ibiti vyaho. Kubera iki none twubatse iyo Ngoro aho hantu?

Igisagara ca Manaus kiri ku bilometero 1.450 uvuye aho Uruzi Amazone rwisuka mw’Ibahari Atlantike, kikaba kibamwo abantu nk’imiliyoni zibiri. Iyo Ngoro nshasha izokoreshwa n’Ivyabona nka 7.000 baba i Manaus no mu micungararo yaho eka n’ababa mu bisagara biri ku nkengera z’Uruzi Amazone be n’izindi nzuzi zirwisukamwo. Igisagara kiri kure cane y’aho ni icitwa São Gabriel da Cachoeira, kikaba kiri ku bilometero 800 mu burengero bwa Manaus. Ivyabona bamwebamwe kugira bazoshobore kwitaba amahwaniro, bizobasaba kugira urugendo rw’imisi itatu mu bwato.

Kwubaka iyo Ngoro y’amateraniro hagati muri iryo shamba ntihari aho gutuma umwana. Vyasavye kurungika n’ubwato amakontineri 13 y’ibikoresho vyo kwubaka bivuye ku kivuko c’i Santos muri São Paulo, bakayacisha ku nkengera ya Brezile, bagaca bafata Uruzi Amazone kugira bashike ahariko harubakwa iyo Ngoro.

Iyo Ngoro nshasha y’amateraniro igira 27 mu zubatswe muri Brezile, kandi abantu 1.956 ni bo bari bitavye ibirori vyo kuyegurira Yehova vyabaye ku wa mungu, itariki 4 Rusama 2014. Benshi bararengewe n’umunezero kuko ryari irya mbere bakoraniye mu Ngoro y’amateraniro.

Abari bahari bariboneye ikintu gishasha. Mu bibanza bahora bagiriramwo amahwaniro, ntivyakunda ko babona ku mukiruruko, aho rero tutavuze umushikirizansiguro. Ariko ubu, barashobora kwumva no kubona umushikirizansiguro. Umwe muri bo yavuze ati: “Nari maze imyaka myinshi nitaba amahwaniro ariko sinashobora kubona igikino; naracumviriza gusa.” Ubu bose barashobora kubona ku mukiruruko.