Ja ku birimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

Naratevye ndasubiza hamwe na dawe

Naratevye ndasubiza hamwe na dawe
  • YAVUTSE MU 1954

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: Filipine

  • KAHISE: Yari yaromotse kubera se yamuturubika

KAHISE KANJE

 Ingenzi nyinshi zirakunda kuza kuratira ijisho amasumo y’amazi azwi cane ari hafi y’igisagara ca Pagsanjan muri Filipine. Aho ni ho dawe Nardo Leron yakuriye mu bukene. Amaze kubona igiturire carangwa mu ntwaro, mu gipolisi n’aho yakorera, vyaramuteye ishavu aca aba umuntu yashishwe.

 Abavyeyi banje barakora cane kugira baturere uko twari abana umunani. Barakunda kumara igihe batari muhira bagiye mu misozi gukurikirana imirima. Akenshi je na mukuru wanje Rodelio twategerezwa kwimenya, kandi twamana inzara mu nda. Ntitwaronka n’umwanya wo gukina nk’abandi bana. Dushikanye imyaka indwi, buri mwana wese yategerezwa gukora ibikorwa vyo mu mirima akongera akikorera imizigo iremereye y’inazi, ayicana mu tuyira two mu misozi ihanamye. Bishitse umuzigo ukaba uremereye cane, twaca tugenda turawuburuta.

 Twategerezwa kwihanganira inkoni za dawe, ariko icatubabaza cane kwari ukubona ariko arakubita mawe. Twaragerageza kumutesha ariko bikaba ivy’ubusa. Twe na Rodelio twari twaragiye umugambi wo kuzokwica dawe tumaze gukura. Ese ukuntu nari nshashaye kuronka umuvyeyi ankunda!

 Nshikanye imyaka 14, naciye nomoka kubera ko nari naradundumiwe n’ukuntu dawe yari inkazi. Naramaze igihe mba mw’ibarabara, nca ntangura kunywa urumogi. Nahavuye ndonka akazi ko gusoza ubwato, nkaza ndatwara ingenzi kuri ya masumo.

 Haciye imyaka mikeyi, naratanguye kwiga kaminuza i Manille. Ariko sinaronka umwanya wo kwiga kuko mu mpera z’indwi naca nsubira i Pagsanjan gukora. Ubuzima bwanje ntibwagira iyo buva n’iyo buja, kandi n’urumogi ntirwari rugishoboye kunyibagiza ingorane. Naciye rero ntandukira ibiyayuramutwe bikaze cane nk’ivyitwa metamfetamine, kokayine na heroyine. Ibiyayuramutwe n’ubusambanyi akenshi birajana. Nta kindi nabona irya n’ino yanje atari ubukene, akarenganyo n’umubabaro. Naranka cane ubutegetsi kuko nabona ko ari bwo buteza izo ngorane zose. Narabajije Imana nti: “Kubera iki ubuzima bumeze gutya?” Ariko sinigeze ndonka inyishu mu madini yose nagiyemwo. Naciye ndushiriza kunywa ibiyayuramutwe kugira niyibagize umwiheburo nari mfise.

 Mu 1972, abanyeshure bo mu makaminuza yo muri Filipine baratunganije imigumuko yo kwiyamiriza leta. Naragiye muri umwe muri iyo migumuko, kandi ibintu vyahavuye bidabuka. Abantu benshi barafashwe. Inyuma y’amezi makeyi, igihugu cose cari gisigaye kigengwa n’amategeko y’igihugu kiri mu ntambara.

 Naciye nsubira mw’ibarabara, ico gihe hoho nkaba natinya ko abategetsi bamfata kubera nagize uruhara mu migumuko. Kugira ndonke amahera yo kugura ibiyayuramutwe, naciye ntangura kwiba, maze ndahava ntangura guca amahera mu gukorana ubumaraya n’abantu b’abatunzi hamwe n’abanyamahanga. Kubaho canke gupfa nta co vyari bimbwiye.

 Ico gihe mawe na mutoyi wanje bari baratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Dawe yarashavuye cane, aca araturira ibitabu vyabo. Ariko bose barumiyeko kandi bose bahavuye babatizwa.

 Umusi umwe, hari Icabona yabwiye dawe ko Bibiliya isezerana ko muri kazoza kw’isi yose hazosasagara ubutungane nyakuri. (Zaburi 72:12-14) Ico cizigiro carakoze ku mutima dawe ku buryo aca afata ingingo yo kuvyisuzumira. Yarabonye muri Bibiliya ko Imana isezerana ko hazobaho intwaro igororotse, arabona n’ivyo Imana isaba abagabo na ba sebibondo. (Abanyefeso 5:28; 6:4) Inyuma y’aho gato, dawe hamwe n’abandi bose tuvukana barabaye Ivyabona. Kubera yuko nari kure yo muhira, sinigeze menya na kimwe.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE

 Mu 1978, narimukiye muri Ostraliya. Naho nari muri ico gihugu kirimwo amahoro kandi gitunze, sinigeze numva ntekanye mu mutima. Nabandanije kunywa inzoga n’ibiyayuramutwe. Mu mpera z’uwo mwaka, Ivyabona vya Yehova barangendeye. Nararyohewe cane banyeretse muri Bibiliya ko hazogera igihe isi ikarangwa amahoro, ariko naratinye kwifatanya na bo.

 Inyuma y’aho narasubiye muri Filipine kumarayo indwi nkeyi. Abo tuvukana barambwiye ko dawe yari yarakoze ivyo ashoboye vyose kugira abe umuntu mwiza, ariko nari naradundumiwe ku buryo ntashatse no kubonana na we.

 Mushikanje mutoyi yaransiguriye akoresheje Bibiliya igituma ubuzima bwuzuyemwo ingorane n’akarenganyo. Naratangaye cane kubona agakobwa k’akayabaga kataraca mu bintu vyinshi mu buzima, gashobora kumpa inyishu z’ibibazo nari mfise. Imbere y’uko nsubira inyuma, dawe yarampaye igitabu Urashobora kubaho ibihe bidashira mw’iparadizo ngaha kw’isi. a Yambwiye ati: “Reka gukurikira umuyaga. Iki gitabu kizogufasha kuronka ico uriko urarondera.” Yarandemesheje ngo nzorondere Ivyabona vya Yehova ninashika muri Ostraliya.

 Narakurikije impanuro dawe yampaye maze ndaja ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova yari hafi y’aho naba i Brisbane. Naremeye kwiga Bibiliya. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya nk’uburi muri Daniyeli ikigabane ca 7 na Yesaya ikigabane ca 9 bwaranyeretse ko intwaro y’Imana izira igiturire ari yo izodutwara muri kazoza. Naramenye ko tuzokwibera mw’iparadizo ng’aha kw’isi. Narashaka kwemerwa n’Imana, ariko kugira ivyo bishoboke, nategerezwa gucungera ishavu ryanje, ngaheba ibiyayuramutwe n’inzoga zirenze, ngahagarika n’ubuhumbu. Naravanye n’umukobwa twabana, ndaheba n’ibintu vyari vyaranyiziziye. Uko ukwizera kwanje kwagenda kurongerekana, ni ko nasenga Yehova ngo afashe kugira n’ayandi mahinduka.

 Buhorobuhoro, naratahuye ko ivyo nariko ndiga vyari gushobora guhindura ubuzima bwanje vy’ukuri. Bibiliya ivuga ko tugize akigoro dushobora kwambara “umuntu mushasha.” (Abakolosayi 3:9, 10) Uko nagenda ndahinduka, ni ko natahura ko ivyo bari barambwiye ko dawe yahindutse bishobora kuba vyari vyo. Aho kuguma ndamufitiye urwanko n’ishavu, numva nshaka ko dusubiza hamwe. Nahavuye ndamubabarira, ndikuramwo inzigo nari ndamufitiye kuva mu bwana.

IVYIZA NAHAKUYE

 Nkiri umusore, narakunda gukurikira abandi mu kwigana ingeso mbi zabo. Nariboneye ko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri: abagenzi babi bari baranzimije. (1 Abakorinto 15:33) Ariko narironkeye abagenzi b’abizigirwa mu Vyabona vya Yehova, kandi baramfashije kurushiriza kuba umuntu mwiza. Ni na ho nahuriye n’umukenyezi wanje mwiza cane Loretta. Ubu turafadikanya kwigisha abandi ingene Bibiliya ishobora kubafasha.

Nariko ndasangira ibifungurwa n’umugore wanje hamwe n’abagenzi

 Bibiliya yarafashije dawe arahinduka mu buryo ntari niteze: yarabereye mawe umugabo mwiza, araba n’umukirisu w’umunyamahoro kandi yicisha bugufi. Igihe twabonana maze kubatizwa mu 1987, yaranguye mu nda ari ryo rya mbere kuva nakabaho.

 Yamaze imyaka 35 akorana na mawe mu kubwira abandi icizigiro Bibiliya itanga. Yahavuye acika umugabo w’umunyamwete yitwararikana kandi azwi ko afasha abandi. Muri iyo myaka yose, narize kumwubaha no kumukunda. Nasigaye mpimbarwa no kwitwa umuhungu wiwe. Yapfuye mu 2016, ariko ndamwibutse ndaryoherwa cane kubera ko twese twagize amahinduka akomeye mu gushira mu ngiro ivyo Bibiliya yigisha. Nta nzigo na nkeyi nkimufitiye. Ndahimbarwa kandi no kuba naramenye Dawe wo mw’ijuru Yehova Imana, akaba asezerana gukuraho ibintu vyose biteza ingorane mu miryango kw’isi iyo iva ikagera.

a Ni ic’Ivyabona vya Yehova ariko ntikigisohorwa.