Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

I Tolède ni ho herekana neza kahise ka Espanye n’imico kama yaho. Mu 1986 harashizwe ku rutonde rw’ibibanza ndangakaranga bikwiye kuzigamwa, kandi ingenzi zirahahurumbira

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Espanye

Tuje muri Espanye

IGIHUGU ca Espanye kibamwo abantu b’ubwoko butandukanye, kikagira n’intara zifise ubwiza butandukanye. Ahantu henshi usanga hari imirima y’ingano, y’imizabibu n’iy’imyelayo. Mu bumanuko hari akarere k’ibilometero nka 14 gusa kagizwe n’amazi gatandukanya Espanye n’umugabane wa Afrika.

Hari abantu benshi bagiye barimukira muri ico gihugu co mu bumanuko bushira uburengero bw’Uburaya: Uri Abanyafenisiya, Abagiriki, abantu bo mu gisagara co mu buraruko bwa Afrika citwa Carthage n’abandi. Igihe Abaroma bahashika bakahigarurira mu kinjana ca gatatu imbere ya Kristu, baciye bahita Hispania. Mu nyuma, ico gihugu carigaruriwe n’aba Wisigoths hamwe n’aba Maures kandi carasigaranye imico kama yabo.

Mu mwaka umwe wa vuba, abantu barenga imiliyoni 68 baragendeye Espanye. Benshi bajayo kwota akazuba kaho, gusama akayaga ku nkengera z’ikiyaga ziteye igomwe no kuratira ijisho ibintu ndangakaranga vyaho. Imfungurwa zaho na zo nyene zirakwega ingenzi nyinshi. Zimwe mu mfungurwa zaho zikundwa cane ni udukoko two mu mazi, akanyama k’ingurube, amasupu avanze n’ibintu vyinshi, amasalade be n’imbogaboga batekana amavuta y’imyelayo (olive) canke izo bayasukako. Aho rero ntituvuze umureti waho, umuceri waho bita paella n’utuntu two guhenda umunwa bita tapas bikundwa kw’isi yose.

Mariscada ni indya zigizwe n’udukoko two mu mazi zikundwa cane

Intambo yitwa flamenco

Abanyagihugu bo muri Espanye ni abantu b’umutima mwiza kandi bakunda kuyaga. Benshi bavuga ko ari abagatolika mugabo ni bake baja mu misa. Mu myaka ya vuba, abantu bavuye muri Afrika, Aziya no muri Amerika y’Epfo barimukiye muri Espanye. Benshi muri bo barakunda kuyaga ku migenzo n’inyigisho vyo mu madini yabo. Ivyabona vya Yehova barayaga neza na bo bakabafasha kumenya ico Bibiliya ivuga ku bibazo vyinshi.

Mu 2015, Ivyabona barenga 10.500 baritanze barubaka canke barasanura inyubakwa 70 basengeramwo zitwa Ingoro z’Ubwami. Ibisagara bimwebimwe vyarabahaye ku buntu ibibanza bubakamwo. Kugira bafashe abimukira, Ivyabona vya Yehova bagira amakoraniro yabo mu gisupanyoli no mu zindi ndimi zirenga 30. Mu 2016, abantu barenga 186.000 baritavye ikoraniro ridasanzwe Ivyabona bagira ryo kwibuka urupfu rwa Yezu Kristu.