Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubucuti bwiza mu muryango be n’abagenzi

Ubucuti bwiza mu muryango be n’abagenzi

Abantu benshi birabagora kugiranira ubucuti bwiza n’abo mu muryango be n’abagenzi. Raba impanuro zimwezimwe zo muri Bibiliya zogufasha kubana neza n’abandi.

KWIRINDA UBWIKUNZI

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”​—Abafilipi 2:4.

ICO BISOBANURA: Ubucuti dufitaniye n’abandi burakomera igihe twitwararika gutanga kuruta guhabwa. Iyo umuntu afise ubwikunzi bironona ubucuti afitaniye n’abandi. Nk’akarorero, umuntu yubatse arangwa n’ubwikunzi yoshobora bitagoranye guhemukira uwo bubakanye. Vyongeye, umuntu yama yiyemera kubera ivyo atunze canke ivyo azi, nta n’umwe yoshima kumugira umugenzi. Ni co gituma igitabu kimwe kivuga ko “abantu batigera biyumvira ivy’abandi usanga bagira ingorane nyinshi.”

ICO WOKORA:

  • Nufashe abandi. Abagenzi beza barizigirana kandi bakama bafashanya. Ivyigwa bimwe vyagizwe vyerekana ko abantu bafasha abandi ari gake barwara akabonge, kandi biratuma bumva ko bafise agaciro.

  • Nugaragaze impuhwe. Kugaragaza impuhwe ni ukwishira mu kibanza c’uwundi, ukiyumvisha muri wewe umubabaro afise. Iyo uri umunyempuhwe, birashoboka cane ko wirinda amajambo ababaza, ni ukuvuga imvugo z’agahemo kandi zicumita zifise intumbero yo gutuntuza abandi.

    Umunyempuhwe kandi arihanganira abandi bigatuma yirinda amacakubiri, akagira n’abagenzi bo mu mico kama itandukanye.

  • Nutange umwanya wawe. Uko umarana umwanya n’abandi ni ko urushiriza kubamenya. Kugira ugire abagenzi beza, bisaba ko muyaga ku bintu babona ko bihambaye. Nube rero umuntu azi gutega yompi. Bereke ko witwararitse ibibaraje ishinga. Hari icigwa giherutse kwerekana ko “ibiyago vyubaka bishobora gutuma abantu bahimbarwa.”

GUHITAMWO NEZA ABAGENZI

ICO BIBILIYA IVUGA: “Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.”​—1 Abakorinto 15:33.

ICO BISOBANURA: Abo mumarana umwanya barakugirako akosho keza canke kabi. Abahinga mu vy’inyifato baremeza ko ivyo bishobora kugira ingaruka ku buzima bwawe. Nk’akarorero, bavuga ko iyo umarana umwanya n’abanywa itabi canke abarondera kwahukana, bishoboka cane ko nawe utangura kurinywa canke ukipfuza kwahukana.

ICO WOKORA: Nurondere kugiranira ubugenzi n’abafise imico be n’inyifato ushima kandi wipfuza kwigana. Nk’akarorero, niwifatanye n’abantu biyubara, bubaha abandi, batanga cane kandi b’abakiranyi.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

Raba amavidewo ashingiye kuri Bibiliya agenewe gufasha abubatse, imiyabaga be n’abana bakiri bato kubana neza mu muryango

NIWIRINDE AMAJAMBO ABABAZA.

“Hari uwuvuga atiyumviriye nk’aho avuganye ugusogota kw’inkota.”​—IMIGANI 12:18.

NUTANGE CANE.

“Uwutanga cane azodoheshwa.”​—IMIGANI 11:25.

NUFATE ABANDI NK’UKO WIPFUZA KO BAGUFATA.

“Ibintu vyose . . . mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.”​—MATAYO 7:12.