Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igituma bihambaye kumenya nimba Umuremyi abaho

Igituma bihambaye kumenya nimba Umuremyi abaho

Kubera iki bihambaye kumenya ko hariho Umuremyi? Nimba ufise ibimenyamenya bikujijura ko hariho Imana Mushoboravyose, ushobora guca wipfuza kuronka n’ivyokujijura ko Bibiliya ikomoka kuri yo. Umaze kwizigira ivyo Bibiliya ivuga na ho, vyokugirira akamaro mu buryo bukurikira:

Urarushiriza kubaho uhimbawe

IVYO BIBILIYA IVUGA: ‘Imana yarakoze ivyiza, ibaha imvura iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, inengesereza imitima yanyu ibifungurwa be n’urweze.’​—Ivyakozwe 14:17.

ICO BISOBANURA: Ibintu vyose biri mu bidukikije uhora uhimbarirwa ni ingabire yavuye ku Muremyi wacu. Uzorushiriza gukenguruka izo ngabire niwibonera ukuntu uwaziguhaye akwitwararika.

Uraronka impanuro zikugirira akamaro

IVYO BIBILIYA IVUGA: “Uzotahura ubugororotsi n’urubanza n’ukugororoka, inzira yose y’iciza.”​—Imigani 2:9.

ICO BISOBANURA: Kubera ko Imana ari Umuremyi wawe, irazi ivyotuma uhimbarwa. Wize Bibiliya, womenya ibintu vyinshi vyokugirira akamaro.

Uraronka inyishu z’ibibazo ufise

IVYO BIBILIYA IVUGA: “Uzoronka ukumenya Imana.”​—Imigani 2:5.

ICO BISOBANURA: Kumenya ko hariho Umuremyi vyogufasha kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye nk’ibi: Intumbero y’ubuzima ni iyihe? Kubera iki hari ingorane nyinshi? Bigenda gute iyo umuntu apfuye? Urashobora kuronka inyishu muri Bibiliya.

Uraronka icizigiro ca kazoza

IVYO BIBILIYA IVUGA: “‘[Ndazi] neza ivyiyumviro ndabiyumvirako,’ ni ko Yehova avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro.’”​—Yeremiya 29:11.

ICO BISOBANURA: Imana isezerana ko izokuraho ubukozi bw’ikibi, ingorane, mbere n’urupfu. Niwizigira ivyo Imana isezerana, bizogufasha kwihanganira ingorane zigushikira ubigiranye umutima rugabo.