Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo.”​—ZABURI 139:16

Imana yoba igutahura?

Imana yoba igutahura?

ICO TWIGIRA KU KUNTU TWAREMWE

Nuzirikane ku bantu usanga bafitaniye ubucuti bukomeye kuruta abandi bose, ni ukuvuga amahasa. Baba biyumvanamwo bimwe bidasanzwe. Uwitwa Nancy Segal ni umuyobozi w’ikigo kigira ubushakashatsi ku bijanye n’amahasa, ubwiwe akaba ari ihasa. Avuga ko mbere amahasa amwamwe ashobora gutahurana ata jambo ryiriwe riravugwa. Umukenyezi umwe w’ihasa yadondoye ubucuti afitaniye n’ihasa ryiwe ati: “Turazinanyi muri vyose.”

None ni igiki gituma amahasa atahurana muri ubwo buryo budasanzwe? Ubushakashatsi buvuga ko naho bivana n’uko akurira hamwe akarerwa kumwe, ahanini bitumwa n’uko aba asangiye amaraso mu buryo budasanzwe.

RIMBURA IKI KINTU: Uwaremye amahasa muri ubwo buryo budasanzwe nta gukeka ko azi ibintu vyose bigize umwumwe muri twebwe. Nkako, umwanditsi w’amazaburi Dawidi yavuze ati: “Watumye nguma ntwikiriye mu nda ya mama. Amagufa yanje ntiwayanyegejwe igihe nahingurirwa mw’ibanga. . . . Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo, kandi mu gitabu cawe ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe.” (Zaburi 139:13, 15, 16) Imana yonyene ni yo izi ikongera igatahura neza ukuntu twaremwe hamwe n’ibidushikira mu buzima vyose bigatuma tumera uku canke kuriya. Kuba Imana ituzi bimwe bidasanzwe ikamenya n’ingene turemwe biradukura amazinda yuko idutahura mu kantu kose.

INGENE BIBILIYA ITWEREKA KO IMANA IDUTAHURA

Dawidi yasenze ati: “Ewe Yehova, waranseranguye, kandi uranzi. Urazi iyicara ryanje n’ihaguruka ryanje. Warimbūriye kure iciyumviro canje. Kuko ata jambo riba ku rurimi rwanje, ewe Yehova, ngo ube utamaze kurimenya ryose!” (Zaburi 139:1, 2, 4) Vyongeye, Yehova arazi ibiri ibwina mu mutima wacu, mbere akamenya “impengamiro yose y’ivyiyumviro.” (1 Ngoma 28:9; 1 Samweli 16:6, 7) None ivyo vyanditswe bihishura iki ku bijanye n’Imana?

Umuremyi wacu aritegereza ivyo dukora kandi agatahura ivyo twiyumvira be n’imvo zituma dukora ibintu, n’igihe nyene tutobimubwira vyose mw’isengesho. Vyongeye, aratahura ko twipfuza gukora iciza, naho nyene tutogishikako bivanye n’uko ivyacu vyifashe. Mu vy’ukuri, kubera ko Imana ari yo yaturemanye urukundo, iritegereza kandi igatahura ivyiyumviro n’ivyipfuzo vyacu vyerekana ko dufise urukundo, mbere irashashaye kubigira.​—1 Yohani 4:7-10.

Nta kintu na kimwe Imana itabona. Mbere iramenya imibabaro idushikira n’igihe abandi batoba bayizi canke batayitahura neza

Ivyanditswe bituremesha

  • “Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi, n’amatwi yiwe akaba ku gutakamba kwabo.”​—1 PETERO 3:12.

  • Imana isezerana iti: “Nzotuma ugira ugutahura kwimbitse nongere nkwigishe inzira ukwiye gucamwo. Nzokugīra inama ijisho ryanje riri kuri wewe.”​—ZABURI 32:8.

IMANA IRAFISE IKIBABARWE CINSHI

Kumenya ko Imana itahura ivyacu be n’ingene twiyumva vyoba bidufasha kwihanganira ingorane? Rimbura ivyashikiye Anna, wo muri Nijeriya. Asigura ati: “Ingorane narimwo zaratumye nibaza ico mbereyeho. Nari umupfakazi ndiko nitwararika agakobwa kanje kari mu bitaro karwaye indwara ituma umuntu avyimba umutwe kubera amazi ari mu bwonko (hydrocéphalie).” Ico gihe nyene Anna baramutoye kanseri yo mw’ibere, akaba yategerezwa kubagwa no kuza aravurwa hakoreshejwe ubuhinga bubabaza cane. Yongerako ati: “Vyarangora cane kubera nari ndwaye nkongera nkarwaza agakobwa kanje.”

None ni igiki cafashije Anna? Avuga ati: “Narazirikanye ku vyanditswe nk’​Abafilipi 4:6, 7, ahavuga ngo ‘amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.’ Igihe cose nibutse ico canditswe, narumva ko mfitaniye na Yehova ubucuti bwa hafi, nkamenya ko antahura kuruta uko ubwanje niyizi. Vyongeye, abo dusangiye ukwemera barandemesheje cane.

“Naho ngikitswe n’amagara, twe n’agakobwa kanje twararushirije kworoherwa. Kubera ko Yehova ari iruhande yacu, twarize kutihebura igihe turi mu ngorane. Muri Yakobo 5:11 haduhumuriza hati: ‘Abihanganye tubita abahirwe. Mwarumvise ivya kwa kwihangana kwa Yobu mwongera murabona icavuyemwo gitanzwe na Yehova, murabona yuko Yehova ari umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi.’” Yehova yaratahura neza ivyariko birashikira Yobu, kandi na twebwe turashobora kwemera neza ko atahura ingorane zidushikira.