Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ni ryari abasavyi b’Imana bagizwe imbohe na Babiloni Akomeye?

Ukwo kugirwa imbohe mu buryo bw’impwemu kwatanguye mu kinjana ca kabiri inyuma ya Kristu kurangira mu 1919. Kubera iki dukwiye guhindura ukuntu twahora dutahura ico kintu?

Ibimenyamenya vyose vyerekana yuko ukwo kugirwa imbohe kwarangiye mu 1919, abakirisu barobanuwe baca batangura kwegeranirizwa mw’ishengero ryari ryatyorowe. Rimbura iki kintu: Abasavyi b’Imana barageragejwe maze baratyororwa inyuma y’aho Ubwami bw’Imana bushingiwe mw’ijuru mu 1914. * (Mal. 3:1-4) Mu 1919, Yezu yaciye agena “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” amuzeza abasavyi b’Imana bari batyorowe kugira abahe “ibifungurwa vyabo [vy’impwemu] ku gihe kibereye.” (Mat. 24:45-47) Muri uwo mwaka nyene ni ho abasavyi b’Imana basubira kumera nk’uko Imana igomba mu vy’impwemu. Ni na co gihe babohorwa mu buryo bw’ikigereranyo barava muri Babiloni Akomeye. (Ivyah. 18:4) Ariko none ukwo kugirwa imbohe kwatanguye ryari?

Twaramaze imyaka dusigura yuko abasavyi b’Imana bamaze igihe gito baboshwe na Babiloni Akomeye guhera mu 1918. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 1992 (mu gifaransa), wavuze uti: “Nka kurya nyene abasavyi b’Imana ba kera bamaze igihe baboshwe n’Abanyababiloni, ni na ko mu 1918 abasavyi ba Yehova baboshwe ku rugero runaka na Babiloni Akomeye.” Ariko rero, ubundi bushakashatsi bwagizwe bwerekanye ko ukwo kubohwa kwatanguye imbere cane ya 1918.

Nk’akarorero, rimbura bumwe mu buhanuzi bwari bwaravuze yuko abasavyi b’Imana bagizwe imbohe mu nyuma bakarekurwa. Tubusanga muri Ezekiyeli 37:1-14. Mu vyo Ezekiyeli yeretswe, yarabonye umubande wuzuye amagufa. Yehova yasiguriye Ezekiyeli yuko ayo magufa yagereranya “inzu ya Isirayeli yose.” Mw’iranguka ryagutse, ubwo buhanuzi bwerekeza ku kuntu “Isirayeli y’Imana” yorekuwe ikava muri Babiloni Akomeye. (Gal. 6:16; Ivyak. 3:21) Ubukurikira, Ezekiyeli yabonye ayo magufa asubira kuba mazima maze acika inteko za gisirikare nyinshi. Ese ukuntu ari uburyo bubereye bwo kudondora izuka ryo mu buryo bw’impwemu ry’abasavyi b’Imana ryabaye mu 1919! None ubwo buhanuzi butwereka gute ko bamaze ikiringo kirekire baboshwe?

Ubwa mbere, Ezekiyeli yabonye ko ayo magufa yari ‘yumye’ canke “yumye cane.” (Ezk. 37:2, 11) Ivyo vyerekana ko bene ayo magufa bari bamaze igihe kirekire cane barapfuye. Ubwa kabiri, ivyo gusubira kuba bazima biba intambwe ku yindi, ntibiba bukwi na bukwi. Hatanguye kuza ijwi, hanyuma ukubomborana, maze “amagufa atangura kwēgērana, igufa rikēgēra igufa ryaryo.” Mu nyuma, harashizweko “imitsi n’inyama.” Ubukurikira, ayo magufa, iyo mitsi n’izo nyama vyarometsweko urukoba. “Impemu [zahavuye] ziyazamwo, atangura kuba mazima.” Amaherezo, abo bantu basubiye kuba bazima Yehova yarabashize mu gihugu cabo. Ivyo vyose vyarafashe igihe.​—Ezk. 37:7-10, 14.

Ihanga rya Isirayeli ya kera ryaramaze igihe kirekire riboshwe. Ukwo kugirwa imbohe kwatanguye mu 740 imbere ya Kristu igihe bwa bwami bwo mu buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi bwatemba maze benshi bagatwarwa mu bunyagano. Mu nyuma mu 607 imbere ya Kristu, Yeruzalemu yaratikijwe maze abo mu bwami bwa Yuda bwo mu bumanuko na bo nyene burajanwa mu bunyagano. Ukwo kugirwa imbohe kwarangiye mu 537 imbere ya Kristu igihe amasigarira y’Abayuda basubira i Yeruzalemu kugira basubire kwubaka urusengero maze basubizeho ugusenga gutyoroye.

Ayo makuru yose arerekana neza ko abasavyi b’Imana bataboshwe na Babiloni Akomeye kuva mu 1918 gushika mu 1919 gusa, ariko ko bategerezwa kuba baramaze igihe kirekire cane kuruta ico. Ico kiringo bamaze bagizwe imbohe kirahuye neza n’igihe ca catsi kibi c’ikigereranyo cokuranye n’“abana b’ubwami” bameze nk’ingano. (Mat. 13:36-43) Ico kiringo co gukura cerekeza ku gihe abahuni baba benshi cane kuruta abakirisu b’ukuri. Ni nk’aho ishengero rya gikirisu ryari riboshwe na Babiloni Akomeye. Ukwo kubohwa kwatanguye nko mu kinjana ca kabiri inyuma ya Kristu maze kurabandanya gushika igihe urusengero rwo mu buryo bw’impwemu rwatyororwa mu gihe c’iherezo.​—Ivyak. 20:29, 30; 2 Tes. 2:3, 6; 1 Yoh. 2:18, 19.

Muri ico kiringo kirekire abakirisu b’ukuri bamaze bagizwe imbohe mu buryo bw’impwemu, indongozi z’amadini be n’abanyapolitike bifatanya na zo, bakaba bipfuza kugumana ububasha bwabo, baratumye abo bigaruriye badashobora kuronka Ijambo ry’Imana. Rimwe na rimwe, gusoma Bibiliya mu rurimi rwavugwa cane kwari nk’ukumenja. Mbere abayisomye bamwebamwe baratuririwe ku biti. Uwahirahira ngo aserure iciyumviro giteye kubiri n’ivyo indongozi z’idini zigisha, baramuhana ata kinya. Gutyo rero, bari banigiye mu menshi utwigoro twose two gukwiragiza ukuri.

Tuvuge iki ku bijanye n’ikintu kigira kabiri cabaye, ni ukuvuga ugusubira kuba bazima? Ivyo vyabaye ryari kandi gute? Ico gikorwa co gusubiza mu buryo ivy’impwemu cabaye intambwe ku yindi. Ubwo buhanuzi buravuga ibijanye n’“ukubomborana.” Ivyo vyatanguye kuba mu binjana bikeyi imbere y’uko igihe c’iherezo gitangura. Naho inyigisho z’ikinyoma zari ziganje nka hose, abantu bamwebamwe b’abizigirwa barashigikiye ukuri uko bashoboye kwose. Bamwe muri bo barihatiye gusohora Bibiliya mu ndimi zavugwa n’abantu baciye bugufi. Abandi baratangaje ukuri bari barubuye mw’Ijambo ry’Imana.

Mu nyuma mu myaka ya 1870, Charles Taze Russell na bagenziwe barakoranye umwete kugira bagarukire ukuri kwo muri Bibiliya. Ni nk’aho inyama n’urukoba vy’ikigereranyo vyari bitanguye gushirwa ku bikankara vyo mu buryo bw’impwemu. Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni be n’ibindi bisohokayandikiro vyarafashije abantu b’imitima nziraburyarya gutahura ukuri. Mu nyuma, ibikoresho nka rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivy’irema” rwasohotse mu 1914 be n’igitabu Akayobera karangizwa casohowe mu 1917, na vyo nyene vyarakomeje abasavyi b’Imana. Amaherezo mu 1919, abasavyi b’Imana barahawe ubuzima tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, maze barashirwa mu gihugu cabo gishasha co mu buryo bw’impwemu. Uko igihe carengana, ayo masigarira y’abarobanuwe yarifatanije n’abafise icizigiro co kuba kw’isi maze bose hamwe baba “inteko za gisirikare nyinshi, nyinshi cane.”​—Ezk. 37:10; Zek. 8:20-23. *

Twisunze ayo makuru, turabona neza ko abasavyi b’Imana baboshwe na Babiloni Akomeye igihe ubuhuni bwagwirirana mu kinjana ca kabiri inyuma ya Kristu. Cari ikiringo c’umwiza gisa na kimwe Abisirayeli ba kera bacamwo igihe bari mu bunyagano. Ariko rero naho abasavyi b’Imana bamaze ibinjana n’ibindi bacinyizwa mu vy’impwemu, ntiworaba ukuntu duhimbawe kuba twibereye muri ca gihe “abafise ugutahura kwimbitse bazokayangana nk’ukwakaka” kandi “benshi bazokwihumanura” bongere “batyororwe”!​—Dan. 12:3, 10.

Igihe Shetani yariko aragerageza Yezu, yoba yaramutwaye koko ku rusengero canke yarumweretse mu bwenge?

Muri make, ntitwokwemeza ko Yezu yahagaze koko ku rusengero canke ko yoba gusa yarweretswe mu bwenge. Ivyo vyiyumviro vyompi vyarigeze kuvugwa mu bisohokayandikiro vyacu.

Reka tubanze turimbure ivyo Bibiliya ivuga. Mu Njili yanditswe na Matayo, hagira hati: “Maze Shetani amujana [Yezu] mu gisagara ceranda, amushira hejuru ku gakuta k’ikirindiro k’urusengero.” (Mat. 4:5) Inkuru ya Luka isa n’iyo igira iti: “Amujana i Yeruzalemu amushira hejuru ku gakuta k’ikirindiro k’urusengero.”​—Luka 4:9.

Muri kahise, ibitabu vyacu vyavuze ko Shetani atari gushobora gufata nya gufata Yezu ngo amujane ku rusengero. Nk’akarorero, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 1961 (mu congereza) wavuze uti: “Bisa n’ibitumvikana ko dufata urudome ku rundi ibintu vyose biri mu nkuru y’ukuntu Yezu yageragejwe mu gahinga. Nkako, nta musozi uriho umuntu ashobora guhagararako ngo abone ‘ubwami bwose bw’isi be n’ubwiza bwabwo.’ Muri ubwo buryo nyene, twoshobora kuvuga ko Shetani atateruye nya guterura Yezu ngo ‘amujane mu gisagara ceranda’ maze ngo amushire ‘hejuru ku gakuta k’ikirindiro k’urusengero.’ Ivyo vyose ntivyari ngombwa kugira ico kigeragezo kibe igikomeye.” Ariko rero, mu nomero z’iki kinyamakuru zakurikiye, twavuze ko iyo Kristu yemera ico kintu Shetani amusavye yari kuhasiga agatwe, bikaba vyerekanye yuko vy’ukuri bari ahantu hejuru cane.

Hari abavuze ko Yezu atari yemerewe guhagarara aheranda h’urusengero kuko atari Umulewi. Vyiyumviriwe rero ko Yezu ashobora kuba ‘yajanywe’ ku rusengero biciye kw’iyerekwa. Ivyo birasa n’ivyari vyarashikiye umuhanuzi Ezekiyeli ibinjana n’ibindi imbere y’aho.​—Ezk. 8:3, 7-10; 11:1, 24; 37:1, 2.

Mugabo rero, nimba ico kigeragezo cabaye mu buryo bw’iyerekwa gusa, haca havyuka ibi bibazo:

  • Ico kigeragezo coba carabaye koko canke cari ikintu co mu vyiyumviro gusa?

  • Nimba ibindi bigeragezo vyari ivyo kwosha Yezu ngo akore ibintu bibaho koko nko guhindura amabuye imikate canke kwikubita hasi agasenga Shetani, ubwo si ko vyari biri no kuri ico kigeragezo co gusaba Yezu ngo yikororere hasi avuye hejuru ku rusengero?

Ku rundi ruhande, nimba Yezu yarahagaze nya guhagarara ku gakuta k’urusengero, hari ibindi bibazo bica bivyuka:

  • Yezu yoba yararenze rya Tegeko mu guhagarara hejuru y’aheranda?

  • Yezu yavuye gute mu gahinga aja i Yeruzalemu?

Ubushakashatsi bwiyongereye buradufasha kubona ukuntu twoshobora kwishura ivyo bibazo bibiri vya nyuma.

Ubwa mbere, umuhinga mu vya Bibiliya D. A. Carson avuga ko ijambo ry’ikigiriki (hi·e·ron’) ryahinduwe ngo “urusengero” muri izo nkuru zompi “kumbure ryerekeza kuri iyo nyubakwa yose, aho kwerekeza ku heranda gusa.” Ntivyari ngombwa rero ngo Yezu ahagarare hejuru y’aheranda gusa. Nk’akarorero, yoshobora kuba yahagaze ku ruhande rwo mu bumanuko bushira uburengero bw’urwo rusengero. Ukorotse uvuye aho hantu hareha n’imetero nka 137, waca ugwa mu Mwonga Kidironi. Kuri ico gice, urusengero rwari rufise igisenge kiriko igitangirizo kandi ico gice ni o cari kirekire kuruta ibindi vyose. Umuhinga mu vya kahise Josèphe yavuze ko uhagazeho ukaraba hasi “waca ugira ibizunguzungu” kubera uburebure. Naho Yezu atari Umulewi, yari yemerewe guhagarara aho hantu, kandi nta wari kumubuza kubigira.

Ariko none Yezu yajanywe gute kuri urwo rusengero kandi yari mu gahinga? Ntawubizi neza. Inkuru y’incamake ijanye n’ivyo bigeragezo ntivuga umwanya vyamaze canke aho Yezu yari aherereye muri ako gahinga. Ntidushobora kwemeza ko Yezu yoba yarasubiye i Yeruzalemu, naho nyene ivyo vyari gushobora kumutwara umwanya. Iyo nkuru ntivuga neza ko Yezu yagumye mu gahinga muri ico gihe cose yamaze ariko arageragezwa. Ivuga gusa ko yajanywe i Yeruzalemu.

Ariko none tuvuge iki ku bijanye na ca kigeragezo aho Yezu yeretswe “ubwami bwose bw’isi”? Biragaragara ko atabonye nya kubona ubwami bwose. Nta musozi n’umwe ubaho wohagararako ngo ubone ubwami bwose. Shetani rero ashobora kuba yakoresheje ibijanye n’ukwerekwa kugira Yezu abubone mu bwenge, kurya nyene televiziyo ishobora gukoreshwa mu kwereka umuntu amashusho y’ahantu hatandukanye kw’isi. Ariko rero naho Shetani yoba yarakoresheje iyerekwa, yashaka ko Yezu yikubita hasi koko ‘akamusenga.’ (Mat. 4:8, 9) Vyoshobora kuvugwa rero ko gukoroka avuye hejuru ku gakuta k’ikirindiro k’urusengero cari ikintu kiboneka Yezu yari gukora bigatuma ashikirwa n’ingaruka zigaragara, gutyo bikarushiriza kuba ibikomeye kuruta uko vyari kumera iyo riba iyerekwa risanzwe.

Ku bw’ivyo, birashoboka ko Yezu yagiye koko i Yeruzalemu maze agahagarara hejuru ku gakuta k’urusengero. Ego ni ko nk’uko twabivuze mu ntango, ntitwokwemeza neza ukuntu Shetani yeretse Yezu urusengero. Mugabo turashobora kwemera tudakeka ko ivyo bigeragezo vyabaye koko be n’uko Yezu yiyamirije Shetani yivuye inyuma kuri kimwekimwe cose.

^ ing. 2 Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2013, rup. 10-12, ing. 5-812.

^ ing. 1 Muri Ezekiyeli 37:1-14 no mu Vyahishuwe 11:7-12 hompi haravuga ibijanye n’ugusubiza mu buryo ivy’impwemu kwabaye mu 1919. Ariko rero, ubuhanuzi buri muri Ezekiyeli bwerekeza ku basavyi b’Imana bose bagarutse ku gusenga kw’ukuri haciye ikiringo kirekire cane baboshwe. Ubuhanuzi bwo mu Vyahishuwe bwobwo bwerekeza ku kwikangura mu buryo bw’impwemu kw’umugwi mutoyi w’abavukanyi barobanuwe bagiye imbere abandi haciye ikiringo bisa n’uko ari kigufi babujijwe gukora.