Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nushigikire ubusegaba bwa Yehova!

Nushigikire ubusegaba bwa Yehova!

“Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose.”IVYAH. 4:11.

INDIRIMBO: 112, 133

1, 2. Umwe wese muri twebwe akwiye kumenya neza iki? (Raba ishusho itangura.)

NK’UKO twabibonye mu kiganiro giheruka, Shetani avuga ko Yehova atabereye kuba Segaba be n’uko abantu bomererwa neza kuruta mu gihe bokwitegeka. None kwoba ari ukuri? Dufate ko abantu bashobora kwitegeka no kubaho ibihe bidahera. None vyoca bituma barushiriza kuroranirwa, batisunze Imana? Hamwe woba bugabo bwigaba kandi ukabaho ibihe bidahera, ubwo woca urushiriza kugira agahimbare?

2 Nta n’umwe yokwishura ivyo bibazo mu kibanza cawe. Umwe wese arakwiye kubizirikanako yitonze. Hamwe wobigira, wobona neza ko uburyo Imana itegeka ari bwo bubereye. Ni bwo bwiza kuruta, kandi turakwiye kubushigikira n’umutima wacu wose. Bibiliya iraduha imvo zifadika zotuma tubushigikira. Rimbura nk’akarorero zimwe muri izo mvo zerekana ko Yehova ari we abereye kuba Segaba.

YEHOVA NI WE ABEREYE GUTEGEKA

3. Kubera iki Yehova ari we wenyene abereye kuba Segaba w’ibiriho vyose?

3 Yehova ni we abereye kuba Segaba w’ibiriho vyose, kuko ari we Mana Mushoboravyose akaba n’Umuremyi. (1 Ngo. 29:11; Ivyak. 4:24) Mu vyo Yohani yeretswe mu Vyahishuwe 4:11, bamwe 144.000 bazofatanya na Kristu kuganza bavuga bati: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, biraremwa.” Vy’ukuri, Yehova arafise uburenganzira bwo gutegeka abantu n’abamarayika, kuko ari we yaremye ibintu vyose.

4. Kubera iki kugarariza Imana ari ugukoresha nabi umwidegemvyo wacu wo kwihitiramwo?

4 Shetani nta na kimwe yaremye. Nta burenganzira afise rero bwo gutegeka ivyaremwe. Igihe Shetani n’abavyeyi bacu ba mbere bagarariza ubutegetsi bwa Yehova, bari berekanye ko ata co bibanga. (Yer. 10:23) Ego ni ko barashobora guhitamwo kutisunga Imana, kuko bari baremanywe umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Ariko rero ivyo ntivyabaha na gato uburenganzira bwo kugarariza Imana. Buri musi, abantu barakoresha umwidegemvyo wabo wo kwihitiramwo mu gufata ingingo nziza. Mugabo ivyo ntibica bibaha uburenganzira bwo kugarariza Umuremyi wabo. Mu vy’ukuri, uwufashe ingingo yo kugarariza Yehova aba akoresheje nabi umwidegemvyo wiwe wo guhitamwo. Twebwe abantu rero, icotubera ciza ni ukuyobokera ubutegetsi bugororotse bwa Yehova.

5. Twemezwa n’iki ko ingingo za Yehova zirangwa ubutungane?

5 Hariho iyindi mvo yerekana ko Yehova abereye kuba Segaba. Akoresha ubukuru bwiwe mu butungane ntangere. Avuga ati: “Ndi Yehova, Umwe agira ubuntu bwuzuye urukundo, ubutungane n’ubugororotsi mw’isi; kuko ivyo ari vyo koko bimpimbara.” (Yer. 9:24) Ntiyisunga amategeko y’abantu badatunganye, kugira ngo amenye ikibereye n’ikitabereye. Ubutungane ni ikintu gisanzwe kimurimwo, kandi n’amategeko yahaye abantu arangwa n’ubutungane. Bibiliya igira iti: “Ubugororotsi be n’ubutungane ni vyo kibanza gishimangiye c’intebe [yiwe] y’ubwami.” Ivyo rero birerekana neza ko amategeko yiwe yose n’ingingo ngenderwako ziwe zose bigororotse. (Zab. 89:14; 119:128) Ku rundi ruhande, naho Shetani avuga ko ubutegetsi bwa Yehova buri n’agahaze, vyaramunaniye gutuma isi irangwamwo ubutungane.

6. Imwe mu mvo zituma Yehova aba uwubereye gutegeka isi ni iyihe?

6 Vyongeye, Yehova arabereye kuba Segaba kuko afise ubumenyi n’ubukerebutsi butuma yitwararika ibiremwa vyiwe vyose. Nk’akarorero, Imana yarashoboje Umwana wayo gukiza indwara zari zarananiye abaganga. (Mat. 4:23, 24; Mrk. 5:25-29) Kuri Yehova, ico nticari igitangaro. Arazi neza umubiri wacu kandi arashoboye guhagarika ikintu cose cowubangamira. Vyongeye, arashoboye mbere kuzura abapfuye no gukinga ivyago vy’ivyaduka.

7. Ni mu buryo ki ubukerebutsi bwa Yehova buruta kure n’iyo ubukerebutsi bw’iyi si itwarwa na Shetani?

7 Iyi si itwarwa na Shetani iracarondera ingene yotorera umuti indyane ziba mu bihugu bitandukanye be n’iziba hagati y’ibihugu. Yehova ni we wenyene afise ubukerebutsi bwo gusasagaza amahoro kw’isi. (Yes. 2:3, 4; 54:13) Tuzirikanye ku bumenyi bwa Yehova n’ubukerebutsi bwiwe, turumirwa nka Paulo, uwahumekewe kwandika ati: “Ewe bwimbike bw’ubutunzi n’ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana! Ese ukuntu imanza zayo zidaserangurika be n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitora!”Rom. 11:33.

UBUTEGETSI BWA YEHOVA NI BWO BWIZA KURUTA

8. Ni igiki kigukora ku mutima uravye ukuntu Yehova akoresha ubukuru bwiwe?

8 Bibiliya ntivuga gusa ko Yehova abereye gutegeka. Iratanga n’imvo zerekana igituma ubutegetsi bwiwe burengeye ubundi bwose. Imvo ya mbere ni uko Yehova ategeka abigiranye urukundo. Nkako, turakorwa ku mutima n’ukuntu akoresha ubukuru bwiwe. Ni Imana “y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri.” (Kuv. 34:6) Imana iraha iteka n’icubahiro abasavyi bayo. Iritwararika ivyacu kuruta uko ubwacu tuvyitwararika. Nta ciza Yehova yima abasavyi biwe b’abizigirwa, nk’uko Shetani abivuga. Ibaze nawe: Yaratanze mbere n’Umwana wiwe kugira ngo dushobore kuzobaho ibihe bidahera!—Soma Zaburi 84:11; Abaroma 8:32.

9. Twemezwa n’iki ko Imana yitwararika umuntu umwumwe ku giti ciwe?

9 Yehova ntiyitaho abasavyi biwe muri rusangi gusa. Aritwararika n’umwumwe ku giti ciwe. Rimbura nk’akarorero imyaka amajana atatu Yehova yamaze akoresha abacamanza kugira ngo bayobore ihanga rya Isirayeli bongere barikure mu vyara vy’abansi. Muri ico kiringo kitari coroshe, Yehova ntiyabuze kwitaho umugore umwe yitwa Rusi atari Umwisirayelikazi. Uwo mugore yaragize akigoro gakomeye maze arahindukirira ugusenga kw’ukuri. Yehova yarahezagiye Rusi, aramuronsa umugabo be n’umwana w’umuhungu. Si ivyo gusa. Rusi niyazuka, azomenya ko umuhungu wiwe yahavuye aba umwe muri basekuruza ba Mesiya. Vyongeye, iyumvire ingene azoryoherwa niyamenya ko inkuru y’ubuzima bwiwe yazigamwe mu gitabu co muri Bibiliya citirirwa izina ryiwe!Rusi 4:13; Mat. 1:5, 16.

10. Kubera iki twovuga ko Yehova adatwaza agahotoro?

10 Yehova ntatwaza igikenye canke agahotoro. Abamugamburukira baragira umwidegemvyo n’umunezero. (2 Kor. 3:17) Dawidi yavuze ati: “Iteka n’ubwiza bwakaka biri imbere [y’Imana], inkomezi n’akanyamuneza biri ahantu [hayo].” (1 Ngo. 16:7, 27) Umwanditsi w’amazaburi Etani, na we nyene yanditse ati: “Hahiriwe abantu bazi akaruru k’umunezero ico ari co. Ewe Yehova, mu muco wo mu maso hawe ni ho baguma bagendera. Mw’izina ryawe baranezerwa bukarinda bwira, kandi mu bugororotsi bwawe barashirwa hejuru.”Zab. 89:15, 16.

11. Dushobora gute kurushiriza kwemera ko ubutegetsi bwa Yehova ari bwiza kuruta ubundi bwose?

11 Kwama tuzirikana ku kumera neza kwa Yehova birashobora gutuma turushiriza kwemera ko ubutegetsi bwiwe ari bwiza kuruta ubundi bwose. Duca tubona ibintu nk’umwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Umusi umwe mu bigo vyawe uruta imisi igihumbi ahandi.” (Zab. 84:10) Emwe, ukwo ni ukuri nk’ukurima! Kubera ko Yehova ari we Muremyi wacu yuzuye urukundo, arazi ivyo dukeneye kugira ngo turonke agahimbare nyakuri, kandi arabiduha ku bwinshi. Ivyo adusaba gukora vyose ni ibitwungura, kandi bituma tugira umunezero ntangere, n’igihe nyene biba bisaba ko tugira ivyo duhevye.Soma Yesaya 48:17.

12. Imvo nyamukuru ituma dushigikira ubusegaba bwa Yehova ni iyihe?

12 Bibiliya ivuga ko inyuma ya ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, hari abazogarariza ubusegaba bwa Yehova. (Ivyah. 20:7, 8) Ni igiki none kizotuma bagarariza? Shetani niyakurwa mw’ibohero ashashaye kuzimiza abantu, nta gukeka ko azobashiramwo agatima k’ubwikunzi, nk’uko yamye. Birashoboka ko azojijura abantu yuko hari ukuntu bobaho ibihe bidahera batarinze kugamburukira Yehova. Ariko rero, ivyo ntibizokwigera bishoboka. Naho ari ukwo, twokwibaza duti: Twoba natwe tuzokwemera ico kinyoma? Nimba dukunda Yehova kandi tukamukorera tubitumwe n’uko ameze neza kandi abereye kuba Segaba w’ibiriho vyose, ico kinyoma ca Shetani tuzocamirira kure. Nta wundi tuzokwipfuza ko yodutegeka kiretse Yehova wenyene, kuko abibereye kandi akaba ategeka abigiranye urukundo.

NUSHIGIKIRE UBUSEGABA BW’IMANA UDAHEMUKA

13. Twerekana gute ko dukunda uburyo Yehova ategeka?

13 Vy’ukuri, birabereye ko dushigikira ubusegaba bwa Yehova n’umutima wacu wose. Nk’uko twabibonye, arabereye gutegeka kandi ubutegetsi bwiwe ni bwo bwiza kuruta. Dushigikira ubusegaba bwa Yehova mu kuguma turi abizigirwa no mu kumukorera tudahemuka. Si ivyo gusa. Turashigikira kandi ubusegaba bwa Yehova mu kugerageza kumwigana. Igihe twiganye Yehova mu vyo dukora, tuba twerekanye ko dukunda uburyo ategeka kandi ko tubushigikiye.Soma Abanyefeso 5:1, 2.

14. Abakurambere be n’abahagarikiye imiryango bokwigana gute Yehova?

14 Bibiliya irerekana ko Yehova akoresha ubukuru bwiwe abigiranye urukundo. Ku bw’ivyo, abahagarikiye imiryango canke abakurambere bazokwirinda gusaba abandi amananiza canke kubacinyiza. Aho kubigenza gutyo, bazokwigana Yehova. Paulo yariganye Imana n’Umwana wayo. (1 Kor. 11:1) Ntiyagora abandi canke ngo abahatire gukora ikibereye. Ahubwo nyabuna yarabinginga. (Rom. 12:1; Ef. 4:1; Flm. 8-10) Mu kubigenza gutyo, yaba yiganye Yehova. Ukwo nyene ni ko abashigikiye ubutegetsi bwa Yehova bose bakwiye kubigenza.

15. Twerekana gute ko dushigikiye ubusegaba bwa Yehova?

15 None tweho tubona gute abo Yehova yahaye ubukuru? Iyo tubayobokeye tubigiranye icubahiro tuba twerekanye ko dushigikiye ubusegaba bwa Yehova. Naho twoba tudatahura neza ingingo yafashwe canke tutayemera, turashigikira iyo ntunganyo yashizweho n’Imana. Naho abo mw’isi baterekwa ico kintu, abagamburuka ubutegetsi bwa Yehova ni ko bakwiye kubigenza. (Ef. 5:22, 23; 6:1-3; Heb. 13:17) Kubigenza gutyo ni twe vyungura, narirya Imana itwipfuriza ineza.

16. Abashigikiye ubusegaba bwa Yehova bisunga iki mu gufata ingingo?

16 Vyongeye, turashobora gushigikira ubusegaba bwa Yehova mu ngingo dufata. Yehova ntadushingira amategeko ku kantu kose, ahubwo aradusigurira ingene abona ibintu. Nk’akarorero, ntadushingira urutonde rw’impuzu twokwambara n’izo tutokwambara. Ahubwo aratubwira ko yipfuza yuko twambara kandi tukitunganya mu buryo buranga ukwifata ruto kandi buberanye n’abakirisu. (1 Tim. 2:9, 10) N’ikindi kandi, ntiyipfuza ko ingingo dufata zitsitaza abandi canke ngo zibabuze amahoro. (1 Kor. 10:31-33) Igihe dufata ingingo twisunze ivyo Yehova adusaba aho kwisunga ivyo twikundira gusa, tuba twerekanye ko dukunda ubusegaba bwiwe kandi ko tubushigikiye.

Nushigikire ubusegaba bwa Yehova mu mahitamwo ugira be no mu muryango (Raba ingingo ya 16-18)

17, 18. Abubakanye bokwerekana gute ko bashigikiye ubusegaba bwa Yehova?

17 Rimbura ingene abubakanye bashobora kwisunga inzira za Yehova, gutyo bakerekana ko bashigikiye ubusegaba bwiwe. Bokora iki mu mubano wabo hadutse ingorane zikomeye batari biteze? Bite ho hamwe bobona umengo barengewe? Vyoba vyiza bazirikanye ku vyabaye hagati ya Yehova na Isirayeli. Yehova yidondoye nk’umugabo w’iryo hanga. (Yes. 54:5; 62:4) Naho umubano wabo w’ikigereranyo utari woroshe, Yehova ntiyihutiye guca awuheba. Yaragiriye imbabazi iryo hanga incuro n’izindi yongera arumira kw’isezerano yagiranye na bo. (Soma Zaburi 106:43-45.) Umve yemwe urwo rukundo rudahemuka rwa Yehova!

18 Abubakanye bakunda inzira za Yehova, na bo nyene baramwigana. Igihe mu mubano hadutse ingorane zikomeye, ntibaca barondera imvo zo kwahukana mu buryo butemewe na Bibiliya. Baratahura ko Yehova yababoheye ku ngǒgo imwe kandi ko yipfuza yuko babana akaramata. Bibiliya ivuga ko ata mvo n’imwe yotuma umuntu yahukana ngo hanyuma yubakane n’uwundi, uretse igihe habaye ukurenga ibigo. (Mat. 19:5, 6, 9) Iyo abubakanye bakoze uko bashoboye kwose kugira ngo batunganye ingorane, baba berekanye ko bashigikiye ubusegaba bwa Yehova.

19. Bishitse tugakora ikosa, dukwiye gukora iki?

19 Kubera ko tudatunganye, birashika tugakora ibintu bibabaza Yehova. Ivyo na we nyene arabizi. Ni co gituma urwo adukunda rwatumye aduha incungu ya Kristu. Bishitse rero tugakora ikosa, turakwiye kumusaba imbabazi. (1 Yoh. 2:1, 2) Aho kuguma twiyagiriza, dukwiye nyabuna kugira ico twigiye kw’ikosa tuba twakoze. Nitwaguma twiyegereje Yehova, azotubabarira maze tubone gutekana no kuvyifatamwo neza, bishitse tugasubira guhura n’ingorane nk’iyo.Zab. 103:3.

20. Kubera iki dukwiye gushigikira ubusegaba bwa Yehova muri iki gihe?

20 Mw’isi nshasha, twese tuzoyobokera ubusegaba bwa Yehova, twige n’inzira ziwe zigororotse. (Yes. 11:9) Ariko rero no muri iki gihe, turamaze kumenya ibitari bike. Vyongeye, ca kibazo c’uwukwiye kuba Segaba kiriko kiraronka inyishu. Ubu rero ni co gihe co gushigikira ubusegaba bwa Yehova mu kuguma turi intahemuka, mu kurangura igikorwa twashinzwe no mu gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tumwigane mu vyo dukora vyose.