Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ni bande bazozukira kuba kw’isi, kandi izuka ryabo rizoba ari bwoko ki?

Rimbura inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo.

Mu Vyakozwe 24:15 havuga ko hazobaho “izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” Abagororotsi ni abantu bagamburukiye Imana imbere y’uko bapfa, amazina yabo rero akaba yanditswe muri ca gitabu c’ubuzima. (Mal. 3:16) Mu batagororotse harimwo abapfuye bataronse akaryo ko kumenya Yehova, amazina yabo rero akaba atanditswe muri ca gitabu c’ubuzima.

Muri Yohani 5:28, 29 herekeza kuri iyo migwi ibiri nyene ivugwa mu Vyakozwe 24:15. Yezu yavuze ko “abakoze ivyiza bazozukira ubuzima, abagiye barakora ivy’agahomerabunwa bakazukira urubanza.” Abo bagororotsi bakoze ivyiza imbere y’uko bapfa. Bazozukira ubuzima kubera ko amazina yabo acanditswe muri ca gitabu c’ubuzima. Abatari abagororotsi na bo, bagiye barakora ivy’agahomerabunwa imbere y’uko bapfa. Bazozukira urubanza. Amazina yabo ntarandikwa muri ca gitabu c’ubuzima, kandi bazohabwa ikiringo c’urubanza, ni ukuvuga ikiringo co gusuzumwa. Muri ico kiringo, bazoronka akaryo ko kwiga ivyerekeye Yehova no kwandikisha amazina yabo muri ca gitabu c’ubuzima.

Mu Vyahishuwe 20:12, 13 havuga yuko abazozuka bose bazotegerezwa kugamburuka “ibintu vyanditswe [mu] mizingo,” ni ukuvuga amategeko mashasha Imana izoduha mw’isi nshasha. Abatazoyagamburuka bazoca barandurwa.​—Yes. 65:20.

Muri Daniyeli 12:2 havuga ko bamwe mu basinziriye mu rupfu bazokwikangurira “ubuzima bw’igihe kitagira urugero, abandi na bo bikangurire umugayo n’ukuzinukwa kw’igihe kitagira urugero.” Uwo murongo uvuga amaherezo y’ibizoshikira abantu inyuma yo kuzuka, ni ukuvuga “ubuzima bw’igihe kitagira urugero” canke “ukuzinukwa kw’igihe kitagira urugero.” Ya myaka 1.000 rero niyahera, bamwe bazoronka ubuzima budahera, abandi barandurwe ibihe bidahera.​—Ivyah. 20:15; 21:3, 4.

Raba akarorero. Ivy’iyo migwi ibiri y’abantu bazozuka twobigereranya n’abanyamahanga barondera kuba mu kindi gihugu. Abagororotsi twobagereranya n’abantu bahabwa uruhusha rwo gukorera muri ico gihugu canke rwo kukibamwo ruca rutuma bemerwa kandi bakidegemvya ku rugero kanaka. Abatagororotse na bo twobagereranya n’abanyamahanga barondera uruhusha rwo kuba muri ico gihugu igihe gito, canke rwo gutemberayo gusa. Abanyamahanga nk’abo barakenera kubanza kwerekana ko ari abizigirwa imbere y’uko bahabwa uburenganzira bwo kubandanya kuba muri ico gihugu. Muri ubwo buryo nyene, kugira ngo abatari abagororotsi bazozuka bazokwemererwe kuguma mw’Iparadizo, bazotegerezwa kugamburuka amategeko ya Yehova no kwerekana ko ari abagororotsi. Vyongeye, uruhusha abanyamahanga bahabwa mu ntango rwo kuba mu kindi gihugu rwaba ari uruhe, amaherezo bamwe boshobora guhabwa ubwenegihugu abandi na bo bakirukanwa bagasubira iwabo. Ingingo yo kugumayo canke kwirukanwa ifatwa hisunzwe ukuntu bigenjeje muri ico gihugu. No kuri abo bose bazoba bazutse rero, ingingo ya nyuma izofatwa hisunzwe ubwizigirwa bwabo be n’inyifato bazoba bagaragaje mw’isi nshasha.

Yehova si Imana y’impuhwe gusa, ariko kandi ni Imana y’ubutungane. (Gus. 32:4; Zab. 33:5) Azogaragaza urukundo rwiwe mu kuzura abagororotsi n’abatari abagororotsi. Naho ari ukwo, azoba yiteze ko bose bakurikiza ingingo ziwe zigenga iciza n’ikibi. Abazokwerekana ko bamukunda bakongera bakabaho bakurikiza ingingo ngenderwako ziwe, ni bo bonyene bazokwemererwa kuguma baba mw’isi nshasha.