Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Izuba be n’imibumbe irizunguruka vyabayeho gute?

Izuba be n’imibumbe irizunguruka vyabayeho gute?

Izuba be n’imibumbe irizunguruka vyabayeho gute?

HARIHO ibintu vyinshi bituma igice c’ikirere isi yacu irimwo kiba ikidasanzwe. Izuba be n’imibumbe irizunguruka biri hagati y’ibice bibiri vy’inzinguzingu vya ya Nzira Nyamweru, aho hakaba ari ahantu hari inyenyeri nkeyi ugereranije n’iziri ahandi. Inyenyeri hafi nka zose tubona mw’ijoro, ziri kure cane ku buryo umuntu azirabiye mu matarubindi maninimanini kuruta ayandi abona umengo ni utuburungu twakaka. Vyoba bibereye none kuba uwo mugwi ugizwe n’izuba be n’imibumbe irizunguruka uri aho hantu?

Iyo uwo mugwi uba wegereye cane igice co hagati c’iyo galagisi yitwa Nzira Nyamweru, twoshikiwe n’ingaruka mbi zoterwa no kuba turi ahantu hari inyenyeri nyinshi cane. Nk’akarorero, inzira isi icamwo mu kuzunguruka izuba vyoshoboka cane ko ihungabana, ivyo bikaba vyogira ingaruka zikomeye ku buzima bw’abantu. Mu bisanzwe, uravye aho izuba be n’imibumbe irizunguruka biri muri iyo galagisi, biboneka ko biri neza na neza ahantu hatuma bidashikirwa n’izo ngaruka be n’izindi ngeramizi. Zimwe muri izo ngeramizi ni nk’ugushuha cane igihe izuba be n’iyo mibumbe irizunguruka vyoba biciye mu bipfungu bigizwe n’imyuka, canke ukugeramirwa n’inyenyeri ziturika be n’ibindi bintu vyo mu kirere birekura imishwarara yica.

Uravye ivyo dukeneye, emwe, nta yindi nyenyeri yoza iturutira izuba. Ubushuhe rirekura ntibuhindagurika, ryamaho, si rinini birenze urugero, eka kandi ntirishuha birenze urugero. Igice kinini cane c’inyenyeri zo mw’igalagisi isi yacu irimwo usanga ari ntonto cane ugereranije n’uko izuba ringana, zikaba kandi zidatanga umuco canke ubushuhe bibereye vyotuma ku mubumbe umeze nk’isi haba ubuzima. Ikigeretseko, inyenyeri hafi nka zose usanga zikwegakwegana ari zibirizibiri canke zirenga, kandi imwimwe yose muri zo ugasanga igenda izunguruka iyindi. Ariko izuba ryoryo ririgenga. Iyo umubumbe wacu uba ukwegwakwegwa n’inyenyeri zibiri canke zirenga zimeze nk’izuba, vyogoye cane ko izuba be n’imibumbe irizunguruka biguma bidahungabanye.

Ikindi kintu gituma izuba be n’imibumbe irizunguruka biba ibidasanzwe, ni ahantu imibumbe mininiminini muri iyo itegereye izuba iri. Igihe iyo mibumbe iba iriko irazunguruka izuba, igenda ikurikira inzira zigomba kumera nk’umuzingi, kandi uravye ukuntu ikwegakwega ibindi bisyo usanga itageramira imibumbe yegereye izuba imeze nk’isi *. Ahubwo riho, iyo mibumbe itegereye izuba irakingira mu gukwega ibintu vyo mu kirere vyoba biteye akaga igaca ibikebereza mu yindi nzira. Umunyasiyansi yitwa Peter D. Ward be n’uwitwa Donald Brownlee, mu gitabu kimwe (Rare Earth​—Why Complex Life Is Uncommon in the Universe) banditse, basigura yuko “ibisyo vyitwa asiteroyide be n’ivyitwa komete hari igihe biza bikagwa ku mubumbe wacu; ariko ntibikunze kuba kenshi, ivyo tukaba tubikesha ya mibumbe mininiminini igizwe n’imyuka, nk’umwe witwa Jipiteri uri hirya y’umubumbe wacu”. Abahinga mu vy’imibumbe basanze hariho iyindi migwi y’ibisyo bizunguruka inyenyeri zinaka, irimwo imibumbe mininiminini. Ariko myinshi muri iyo mibumbe mininiminini, uravye inzira icamwo mu kuzunguruka inyenyeri yisunga, usanga yoshobora kugeramira akabumbe gatoyi nk’isi.

Ico ukwezi kumaze

Abantu bamye kuva kera na rindi batangarira ukwezi. Abaryoshamvugo barakuyaze, abaririmvyi na bo barakuririmba. Nk’akarorero, umuryoshamvugo umwe w’Umuyuda wo mu gihe ca kera avuga ko ukwezi “[gu]shimangi[we] gushitsa ibihe bidashira” be n’uko ari ‘icabona kiri mw’ijuru co gushinga intahe co kwizigirwa’.​—Zaburi 89:37.

Uburyo bumwe buhambaye ukwezi kugira ico gukoze ku buzima bwo kw’isi, ni ukuntu inguvu gufise zo gukwega ibintu zituma urugero rw’amazi y’ibiyaga n’ay’amabahari ruduga canke rukamanuka. Ukwo kuntu urugero rw’ayo mazi ruduga canke rukamanuka vyiyumvirwa yuko ari ikintu gihambaye gituma mu mabahari haba imikuba, iyo na yo ikaba igira ikintu gihambaye cane ikora ku kuntu ikirere kimera.

Ikindi kintu gihambaye ukwezi gukora ni uko inguvu gufise zo gukwega ibintu zituma isi iguma ihengamye ku rugero rutigera ruhinduka ufatiye ku buringanire bw’inzira icamwo mu kuzunguruka izuba. Ikinyamakuru kimwe (Nature) kivuga ivya siyansi cerekana yuko iyo ukwezi kutaba kuriho, urugero isi ihengamyeko rwogiye mu myaka n’iyindi rurahinduka kuva kuri dogere “nka 0 gushika kuri [dogere] 85”. Iyumvire nk’ubu iyaba isi idahengamye! Rya hindagurika ryiza ry’ibihe ntiryoheza ngo ribe, ivyo bikaba vyoca bituma imvura itara. Kuba isi ihengamye bituma kandi ubukanye n’ubushuhe biguma ku rugero rubereye ku buryo dushobora kubandanya kubaho. Umuhinga mu vy’imibumbe umwe yitwa Jacques Laskar aca asozera ati: “Kuba ukuntu ikirere kimeze kutaza kurahindagurika cane, tubikesha ikintu kimwe kidasanzwe: ukuba hariho ukwezi”. Igituma ukwezi gushobora kurangura urwo ruhara ni uko ari kunini, ukugereranije n’amezi y’imibumbe mininiminini.

Ukwezi kandi kuramurikira isi mw’ijoro, nk’uko umwanditsi w’igitabu ca kera ca Bibiliya c’Itanguriro yavyerekanye.​—Itanguriro 1:16.

Vyoba vyariyadukije canke vyashizweho ku bw’intumbero yinaka?

Umuntu yosigura gute none ukuba hariho ivyo bintu vyinshi bituma ubuzima bwo kw’isi bushoboka bikanatuma buba ubuhimbaye? Biboneka ko yobisigura mu buryo bubiri gusa butandukanye. Ubwa mbere yovuga yuko ivyo bintu vyose vyapfuye kwiyadukiza ata ntumbero n’imwe yavyo ihari. Ubwa kabiri yovuga yuko vyashizweho ku bw’intumbero yinaka iranga ubwenge.

Haraciye imyaka ibihumbi n’ibihumbi Ivyanditswe Vyeranda bivuze yuko ibiriho vyose, hariho Umuremyi yavyiyumviriye aba ari na we abishiraho, uno akaba ari Imana Mushoboravyose. Nimba ari ukwo biri, vyoca bisobanura yuko ibintu biranga wa mugwi ugizwe n’izuba be n’imibumbe irizunguruka bitapfuye kwiyadukiza, ahubwo riho ko vyashizweho ku bw’intumbero yinaka. Uwo Muremyi yaraduhaye ico twokwita raporo yigana ivyo yagiye arakora kugira atume ubuzima kw’isi bushoboka. Hari aho wokwumva utangaye umenye yuko naho iyo raporo imaze imyaka nka 3.500 yanditswe, ukuntu idondora ingene ibiriho vyose vyatanguye kubaho, ubiravye usanga guhuje n’ukuntu abanyasiyansi biyumvira ko ari ko bitegerezwa kuba vyaragenze. Iyo raporo tuyisanga mu gitabu ca Bibiliya c’Itanguriro. Reka turabe ico ivuga.

Inkuru yo mw’⁠Itanguriro yigana ivy’irema

“Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi” (Itanguriro 1:1). Ayo majambo ya mbere na mbere yo muri Bibiliya arerekeza kw’iremwa rya wa mugwi ugizwe n’izuba be n’imibumbe irizunguruka, harimwo n’umubumbe wacu, akongera akerekeza kw’iremwa ry’inyenyeri zo mu magalagisi amamiliyaridi agize ikirere. Bibiliya ivuga yuko isi yigeze kuba “ikir’i buziba, [i]rik’ubusa gusa”. Nta mashinga canke isi-ndimwa vyariho. Ariko amajambo akurikira aca ashira ahabona ikintu abanyasiyansi bavuga yuko ari co gihambaye kuruta ibindi vyose bituma ku mubumbe munaka hashobora kuba ubuzima, ico na co akaba ari amazi menshi. Ayo majambo avuga yuko impwemu y’Imana “yatambatamba hejuru y’amazi”.​—Itanguriro 1:2.

Kugira ngo amazi yo hejuru ku mubumbe munaka agume ari amazi buzi, uwo mubumbe utegerezwa kuba uri kure y’izuba canke kure y’ikinyenyeri uzunguruka kimeze nka ryo, ku burebure bubereye. Umunyasiyansi w’ivy’imibumbe umwe yitwa Andrew Ingersoll asigura ati: “Ku mubumbe witwa Marise harakanye birenze urugero, ku witwa Venisi na ho harashushe birenze urugero, ariko kw’Isi hoho ubushuhe n’ubukanye biri ku rugero rubereye”. Vyongeye, kugira ngo ku mubumbe ibimera bishobore gukura, hategerezwa kuba hari umuco ukwiye. Biri n’ico bivuze kubona inkuru ya Bibiliya yigana yuko mu kiringo c’irema co mu ntango, Imana yatumye umuco w’izuba umenera ugaca mu bipfungu bicura umwiza bigizwe n’umwuka w’amazi vyari bitwikiriye amazi yari apfutse isi nka kurya kw’“impuzu y’uruyoya”.​—Yobu 38:4, 9; Itanguriro 1:3-5.

Mu mirongo yo mw’⁠Itanguriro ica ikurikira, dusoma yuko Umuremyi yatumye habaho ico Bibiliya yita “itāzānure” (Itanguriro 1:6-8). Iryo tazanure ryuzuyemwo imyuka igize ikirere tubona gikikije isi.

Bibiliya ica isigura yuko Imana yahinduye ya si yari ikiri i buziba maze haraboneka isi butaka (Itanguriro 1:9, 10). Biboneka ko yatumye isi imera nk’iyigonda ikananyiganyiga. Ivyo bishobora kuba vyaciye bituma haboneka imisozi n’imyonga, vyongera bituma imigabane itandukanye y’isi butaka yiburuka.​—Zaburi 104:6-8.

Mu gihe kinaka kitadomwako urutoke co muri kahise k’isi, Imana yararemye utumera dutoduto mu mabahari (utwo bita algues). Utwo tumera usanga tugizwe n’akagingo ngengabuzima kamwe, kandi mw’igwirirana ryatwo kamwekamwe kose kakaba kigabura kakavamwo tubiri, gutyogutyo. Utwo tumera, dukoresheje inguvu dukuye ku zuba, twaratanguye kuza turafata wa mwuka witwa gaze karubonike tukawuhinguramwo ivyo ubwatwo dufungura, tukongera tukarekurira mu kirere wa mwuka witwa ogisijeni. Mu kiringo c’irema kigira gatatu, aho ibimera vyaremwa mu nyuma bigahava bikwiragira kw’isi yose, ico kintu gitangaje ibimera bikora caciye kirushiriza kuza kiraba. Ivyo vyatumye mu kirere uwo mwuka witwa ogisijeni uba mwinshi kuruta, uno ukaba mu nyuma wohavuye utuma abantu n’ibikoko bishobora kubaho mu kuza birawuhumeka.​—Itanguriro 1:11, 12.

Kugira ngo isi butaka ibe iyimera, Umuremyi yararemye utunyabuzima dutoduto cane tutaboneka tw’ubwoko butandukanye ngo tube muri ubwo butaka (Yeremiya 51:15). Utwo tunyabuzima dutoduto cane tutaboneka turatuma ibintu vyapfuye bibora, gutyo tugatuma ingaburo ibiterwa vyikorako kugira bikure ziboneka zasubiye kugira imero nk’iyo zahorana. Utunyabuzima dutoduto cane tutaboneka twitwa bagiteri tw’ubwoko budasanzwe two mw’ivu turakwega umwuka witwa azote wo mu kirere, maze tugatuma ibiterwa bishobora kuronka iyo ngaburo ihambaye cane ituma bikura. Biratangaje kubona urushi rumwe rw’ivu ry’isi-ndimwa rushobora kuba rurimwo utunyabuzima tutaboneka nk’amamiliyaridi atandatu!

Mw’​Itanguriro 1:14-19 haradondora ukuntu izuba, ukwezi n’inyenyeri vyaremwe mu kiringo c’irema kigira kane. Ukihasoma, womengo ntihavuga rumwe n’ico Ivyanditswe vy’imbere y’aho vyavuze. Ariko rero, niwibuke yuko Musa, uwanditse ico gitabu c’Itanguriro, yanditse inkuru y’irema asa nk’aho yoba yariko abirabira kw’isi. Biboneka yuko muri ico kiringo ari ho izuba, ukwezi be n’inyenyeri vyatangura kwibonekeza mu kirere tubona gikikuje isi.

Iyo nkuru yo mw’⁠Itanguriro ivuga yuko ibiremwa vyo mu mazi vyaremwe mu kiringo c’irema kigira gatanu, ibikoko bitari ivyo mu mazi na vyo be n’abantu biremwa mu kiringo c’irema kigira gatandatu.​—Itanguriro 1:20-31.

Isi yaremwe kugira ngo tuyinezererwe

Ubiravye, ntubona nawe ko ubuzima bwo kw’isi, ubwatanguye kubaho mu buryo budondorwa mu nkuru yo mw’⁠Itanguriro, Imana yabushizeho kugira ngo tubunezererwe? Mbega vyoba bimaze gushika uvyutse ugasanga ijuru rirakeye, ugahumeka akayaga keza maze ukumva uryohewe no kuba uri muzima? Hari aho woba umaze kugendagenda mw’itongo ryiza maze ugahimbarwa no kwitegereza ubwiza bw’amashurwe ukongera ukaryoherwa n’akamoto keza kayo. Canke ushobora kuba umaze guca mu murima maze ukamura icamwa kiryoshe. Ivyo bintu bihimbaye ntivyobaye biriho iyo hataba hariho: (1) amazi menshi kw’isi, (2) ubushuhe be n’umuco vy’izuba biri ku rugero rubereye, (3) ikirere gikikuje isi kigizwe n’uruvange rubereye rw’imyuka, be (4) n’isi-ndimwa.

Ivyo bintu vyose tudashobora gusanga kuri Marise, Venisi no ku yindi mibumbe izunguruka izuba, ntivyapfuye kwiyadukiza. Vyashizweho vyitondewe kugira ngo bitume ubuzima bwo kw’isi buba uburyoshe. Nk’uko ikiganiro gikurikira kiza kuvyerekana, Bibiliya iravuga kandi yuko Umuremyi yaremye umubumbe wacu mwiza kugira ngo wameho ibihe bidahera.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 5 Imibumbe ine yegereye izuba, ari yo Merekire, Venisi, Isi be na Marise, yitwa ko imeze nk’isi kubera yuko iriko ibibuyebuye. Imibumbe mininiminini iri kure y’izuba, ari yo Jipiteri, Satirine, Iranisi na Neputine, ahanini igizwe n’imyuka.

[Uruzitiro ku rup. 6]

“Jewe, bwa muhinga mu vy’umubumbe w’isi, hamwe hogira abansaba gusigura muri make ivyiyumviro vyemerwa muri kino gihe ku bijanye n’inkomoko y’isi be n’ukuntu ubuzima bwo kuri yo bwatanguye, nkabisigurira abantu batobato b’aborozi nka barya bo mu miryango Igitabu c’Itanguriro candikiwe, nibaza ko icoba ciza kuruta kwoba ari ukubivuga ngerageza kwigana cane uburyo bivugwa mu kigabane ca mbere c’Itanguriro”.​—Vyavuzwe n’umuhinga mu vy’umubumbe w’isi yitwa Wallace Pratt.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 7]

BIRI AHANTU HABEREYE CANE HOROHEREZA ABATOHOZA IVY’IMIBUMBE

Iyaba izuba ryari ahandi hantu mw’igalagisi isi irimwo, ntitwoshoboye kuba tubona neza inyenyeri nk’uko biri. Ca gitabu Umubumbe utameze nk’iyindi (mu congereza) gisigura giti: “Izuba be n’imibumbe irizunguruka biri . . . kure y’ibice vy’ikirere birimwo umukungugu bikwiragiyemwo umuco mwinshi, ivyo bikaba bituma umuntu ashobora kubona neza cane inyenyeri ziri hafi be n’ibice vy’ikirere biri kure cane, bimwebimwe vyose akabibona uko bigize umugwi”.

Vyongeye, ukuntu ukwezi kungana be n’ukuntu aho kuri uvuye kw’isi hareha, usanga biri ku rugero rwiza cane ku buryo ukwezi kuzibira izuba ryose igihe habaye ubwirakabiri. Ico kintu c’imbonekarimwe kandi giteye akoba kirorohereza abatohoza ivy’imibumbe mu bijanye no kwiga ivyerekeye izuba. Ivyo vyigwa vyatumye abo bahinga bashobora kumenya vyinshi ku bijanye n’ukuntu inyenyeri zaka.

[Ifoto ku rup. 5]

Ukwezi gufise uburemere bukwiye butuma isi iguma ihengamye ku rugero rutigera ruhinduka

[Amafoto ku rup. 7]

Ni ibintu ibihe bituma kw’isi ubuzima bushoboka? Ni amazi menshi ari kuri yo, ubushuhe be n’umuco biri ku rugero rubereye, ikirere kiyikikuje, be n’isi-ndimwa

[Abo dukesha ifoto]

Umubumbe: Ifoto ya NASA; ingano: Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.