Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Hoba hari icizigiro c’uko akana gapfiriye mu nda y’umuvyeyi wako kazozuka?

Ku bantu batarigera babura muri ubwo buryo akana kataravuka, vyobagora kwumva ingene abo vyashikiye bamererwa. Abavyeyi bamwebamwe baratuntuzwa cane n’ukubura mwene ukwo. Hari inabibondo umwe yari amaze kubura utwana dutanu imbere y’uko tuvuka. Haciye igihe, yarahimbawe no kuronka uduhungu tubiri, araturera turakura. Yamara, yari acibuka urupfu rw’akana kamwekamwe kose. Mu buzima bwiwe, yama nantaryo azi neza imyaka nya twana twiwe twobaye tumaze iyo tuza kuba tukiriho, zaba ari inda zakorotse canke izo yaruhiye ubusa. Abakirisu babura muri ubwo buryo hoba hari icotuma bizigira ko mw’izuka bazosubira kubona utwana twabo babuze?

Inyishu yoroshe twotanga kuri ico kibazo ni iy’uko ata vyo tuzi. Bibiliya ntiyigera ivuga mu buryo budomako ibijanye n’izuka ry’inda zikoroka canke ry’izo abavyeyi baruhira ubusa. Naho ari ukwo, Ijambo ry’Imana ririmwo ingingo ngenderwako zivuga ivy’ico kibazo kandi zoshobora guhoza abo bakirisu ku rugero runaka.

Reka turimbure ibibazo bibiri bifitaniye isano n’ico kibazo. Ica mbere: Twisunze ukuntu Yehova abona ibintu, ubuzima bw’umuntu butangura ryari, bwoba butangura igihe habaye agasamo canke igihe avutse? Ica kabiri: Yehova abona gute utwana tutaravuka, yoba abona ko ari abantu bameze ukwabo canke ko ari urusobangane gusa rw’utugingo ngengabuzima dufatanganiye mu gitereko? Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziratanga inyishu zitomoye kuri ivyo bibazo vyompi.

Itegeko rya Musa ryarerekana neza ko ubuzima budatangura igihe umuntu avutse, ariko ko buba bwatanguye kera cane imbere y’aho. Uti gute? Iryo tegeko ryerekana ko umuntu yociriwe urwo gupfa aramutse azimanganije ubuzima bw’akana kataravuka. Iryo tegeko ryavuga riti: “Uz’ugere k’ubugingo buhōrwa ubundi.” a (Kuv. 21:22, 23) Ku bw’ivyo rero, akana kataravuka kaba karatanguye kubaho kandi ni umuntu muzima. Gutahura ukwo kuri kumaze igihe kirekire vyarafashije Abakirisu benshi cane kwamirira kure ivy’ugukorora inda, bakabona ko ari ugucumura bimwe bikomeye ku Mana.

Ego ni ko, akana kataravuka kaba ari kazima; ariko none ubuzima bw’ako kana Yehova abuha agaciro kangana gute? Rya tegeko twavuga, ryasaba ko umuntu akuze yicwa kubera ko yaba yazimanganije ubuzima bw’akana kataravuka. Biratomoye rero ko ubuzima bw’akana kataravuka ari ubw’agaciro kanini mu nyonga z’Imana. N’ikindi kandi, hariho ivyanditswe bitari bike vyo muri Bibiliya bihishura ko Yehova abona utwana tutaravuka nka kurya nyene abona abandi bantu bose. Nk’akarorero, Umwami Dawidi ahumekewe, yaravuze ivyerekeye Yehova ati: “Wanteranirije mu nda ya mama. . . . Nkir’urusoro, inyonga zawe zarambona, mu gitabo cawe handitswemw’imisi yanje yose.”​—Zab. 139:13-16; Yobu 31:14, 15.

Yehova kandi arabona ko utwana tutaravuka dufise kamere twisangije kandi ko muri kazoza twoshobora kugira ububangukirwe budasanzwe. Igihe Rebeka muka Izahaki yari yibungenze amahasa, Yehova yaravuze ubuhanuzi bwerekeye utwo duhungu tubiri twasitanira mu nda yiwe, aba yerekanye ko yari amaze kubona muri utwo duhungu kamere zogize ico zikoze ku bantu benshi.​—Ita. 25:22, 23; Rom. 9:10-13.

Ivyabaye kuri Yohani Umubatizi na vyo nyene birashimishije. Inkuru dusanga mu Njili yigana iti: “Elizabeti yumvise indamutso ya Mariya, uruyoya ruri mu nda yiwe ruca rurasimbasimba; buno Elizabeti yuzura impwemu nyeranda.” (Luka 1:41) Mu kudondora ico kintu cabaye, umuganga Luka yakoresheje ijambo ry’ikigiriki ryashobora kuba ryerekeza ku kana kataravuka canke ku ruyoya rukivuka. Yakoresheje ijambo nk’iryo nyene igihe yavuga ibijanye na Yezu akiri akayoya karyamye mu bwato bw’inka.​—Luka 2:12, 16; 18:15.

Dufatiye kuri ivyo bintu vyose duhejeje kuvuga, Bibiliya yoba ivuga ko hariho itandukaniro rikomeye hagati y’akana kataravuka be n’uruyoya rukivuka? Biboneka ko atari uko bimeze. Vyongeye, ivyo birahuza n’ivyo abanyasiyansi bo mu bihe vya none bashitseko. Nk’akarorero, abashakashatsi baratahuye yuko akana kakiri mu nda gashobora kwumva ukuntu ibintu vyifashe aho nyina wako ari kandi kakagira ico gakoze. Ni co gituma bidatangaje kubona umuvyeyi yibungenze agiranira ubucuti bwa hafi cane n’akana kari mu nda.

Iyo uruyoya amaherezo ruvutse, igihe ruba rumaze imbere y’uko ruvuka si co kintu umuntu yofatirako. Rimbura aka karorero: Umuvyeyi umwe aravyaye akana kataragera, maze haciye imisi mikeyi gaca karapfa. Uwundi na we aribungenze gushika hageze ko yibaruka, mugabo akana gaciye gapfa imbere gatoyi y’uko kavuka. Uwo muvyeyi wa mbere yoba ari we yokwizigira ko akana kiwe kazozurwa kubera gusa vyashitse kakavuka naho katari bwagere, uwa kabiri na we ntavyizigire?

Tubivuze muri make rero, Bibiliya yigisha itomoye yuko ubuzima butangura igihe habaye agasamo be n’uko Yehova abona ko akana kataravuka ari umuntu muzima kandi afise agaciro. Twisunze ukwo kuri kwo muri Bibiliya, hari abobona ko bitoba bifise ishingiro kuvuga yuko ata cizigiro c’izuka kiriho ku nda iba yakorotse. Nkako, bashobora kuba babona ko ico ciyumviro gituma haba ugukekeranya ku bijanye n’impagararo yacu ishingiye ku Vyanditswe yerekeye ivy’ugukorora inda, iyo na yo ahanini ikaba ishingiye kuri ukwo kuri nyene.

Mu myaka iheze, iki kinyamakuru carabajije ibibazo vy’ingirakamaro bisa n’ibituma haba ugukekeranya ku bijanye n’uko abana bapfa imbere y’uko bavuka bashobora kuzozurwa. Nk’akarorero, Imana yoba yoshira mw’Iparadizo mbere n’umusoro ugikurira mu gitereko utari bwakwize ibihimba vyose? Ariko rero, ibindi vyigwa vyagizwe be n’ukuzirikana kugiranywe isengesho vyatumye Inama Nyobozi ishika ku ciyumviro c’uko izo nsobanuro mu vy’ukuri ata kintu kinini zifasha ku vyerekeye ico kibazo kijanye n’icizigiro c’izuka. Yezu yavuze ati: “Vyose bi[ra]shoboka ku Mana.” (Mrk. 10:27) Ivyashikiye Yezu ubwiwe vyarerekanye ko ayo majambo ari ay’ukuri, kuko ubuzima bwiwe bwo mw’ijuru bwarigeze kwimurirwa mu nda y’umwigeme w’isugi, ico kikaba ari ikintu mu vy’ukuri kidashoboka ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu.

None ivyo vyose vyoba bisobanura yuko Bibiliya yigisha ko abana bapfa imbere y’uko bavuka bazozurwa? Turashimika cane ku vy’uko Bibiliya itishura ico kibazo mu buryo budomako, kikaba ari co gituma ata mvo n’imwe yotuma abantu baguma bemeza ko iryo zuka rizoba ata kabuza. Ico kibazo coshobora gutuma haca havyuka ibindi bibazo umuyoro. Mu y’ukuri rero, vyoba vyiza kuruta umuntu yirinze gutanga inyishu zitagira ifatiro. Ico tuzi ni uko ico kibazo kiri mu maboko ya Yehova Imana, na we akaba agwije umutima mwiza n’imbabazi. (Zab. 86:15) Nta gukeka ko afise icipfuzo gikomeye co gukuraho buhere urupfu biciye kw’izuka. (Yobu 14:14, 15) Turashobora kwizigira tudakeka ko yama nantaryo akora ibigororotse. Azodukiza inguma nyinshi twagize mu buzima bwo muri iyi si mbi niyategeka Umwana wiwe abigiranye urukundo ngo “asambure ibikorwa vya wa Mubesheranyi.”​—1 Yoh. 3:8.

[Akajambo k’epfo]

a Ico canditswe usanga rimwe na rimwe gihindurwa mu buryo bwerekana ko urupfu rw’umuvyeyi yibungenze ari rwo rwonyene rwotumye umuntu acirwa urwo gupfa. Ariko rero, igisomwa c’igiheburayo co mu ntango cerekana ko iryo tegeko ryavuga ibijanye n’ukugirira nabi uwibugenze, maze hakagira uwuhasiga ubuzima, yaba we canke akana yibungenze.

[Ifoto ku rup. 13]

Yehova azodukiza ibintu vyose bibabaza vyadushikiye