Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nkwiye guterera ayangana gute?

Nkwiye guterera ayangana gute?

Ivyabajijwe n’abasomyi bacu

Nkwiye guterera ayangana gute?

“Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” (2 Abakorinto 9:7) Ayo majambo arazwi n’abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi. Ariko rero, hariho abayoboke b’amadini usanga boshobora kwumva ko bategerezwa gutanga ibirengeye ivyo bashoboye. Nkako, amadini amwamwe asaba ko abayoboke bayo batanga igitigiri c’amahera cashinzwe. Uwo mugenzo bavuga ko ari ugutanga ikigiracumi, ni ukuvuga uguha ishengero ibice 10 kw’ijana vy’ivyo umuntu aba yaronse.

Bibiliya yoba vy’ukuri idusaba gutanga intererano y’igitigiri cashinzwe c’amahera? Ubwawe woshobora kwibaza uti: “Nkwiye guterera ayangana gute?”

Intererano abantu ba kera basabwa gutanga be n’izo batanga bavyishakiye

Bibiliya irimwo amabwirizwa atomoye yahawe ihanga rya Isirayeli ku bijanye n’ivyo Imana yasaba ko batanga. (Abalewi 27:30-32; Guharūra 18:21, 24; Gusubira mu vyagezwe 12:4-7, 11, 17, 18; 14:22-27) Ayo mabwirizwa ntiyari arengeye ivyo bari bashoboye. Yehova yasezeranye ko bivanye n’uko bobaye bagamburutse amabwirizwa yiwe, na we ‘yosesekarije ivyiza’ iryo hanga.​—Gusubira mu vyagezwe 28:1, 2, 11, 12.

Mu bindi bihe, Abisirayeli bari gushobora kwibwiriza gutanga bike canke vyinshi bivanye n’uko bavyipfuza. Nk’akarorero, igihe Umwami Dawidi yagira umugambi wo kwubakira ingoro Yehova, abanyagihugu yatwara baraterereye “amazahabu italanto ibihumbi bitanu.” a (1 Ngoma 29:7) Gereranya ico kintu be n’ivyo Yezu yitegereje igihe yari kw’isi. Yarabonye “umupfakazi umwe w’umukene [atiburiye] uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane” mu dusandugu two mw’ishikaniro ryo mu rusengero. None ivyo yatanze vyangana gute? Vyangana n’ica 64 c’umushahara w’umusi umwe. Ariko rero, Yezu yavuze ko utwo duhera duke cane twashimwe.​—Luka 21:1-4.

Abakirisu boba basabwa gutanga igitigiri cashinzwe c’amahera?

Abakirisu ntibagengwa n’isezerano rya rya Tegeko ryahawe Isirayeli. Ku bw’ivyo, ntibategerezwa guha Imana igitigiri cashinzwe c’amahera. Ariko rero, mw’ishengero rya gikirisu ry’ukuri, ugutanga ni isôko ry’umunezero mwinshi. Yezu Kristu ubwiwe yavuze ati: “Gutanga kurimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ibikorwa 20:35.

Ivyabona vya Yehova barashigikira igikorwa cabo co gushinga intahe kw’isi yose biciye ku ntererano batanga bavyishakiye. Izo ntererano zikoreshwa mu gucapura ibitabu, nka mwene iki kinyamakuru uriko urasoma, be no mu kwubaka no kubungabunga ibibanza vyo gusengeramwo, ivyitwa Ingoro z’Ubwami. Ayo mahera ntiyigera akoreshwa ngo ariko arariha imishahara. Abantu bamwebamwe bitanga bavyishakiye kugira ngo bagire uruhara igihe cose mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, bararonka imfashanyo ibashoboza kuriha amahera yo kwiyunguruza be n’ay’ibindi baba barakoresheje. Ariko rero, nta n’umwe asaba ngo bamuhe iyo mfashanyo. Nkako, abenshi cane mu Vyabona vya Yehova nta mfashanyo namba y’amahera bahabwa kugira ngo bashigikirwe mu gikorwa barangura co kwamamaza. Ahubwo nyabuna, abenshi usanga bakora akazi k’umubiri kugira ngo birwaneko, nka kumwe nyene Paulo yabigira igihe yakora ari umujishi w’amahema.​—2 Abakorinto 11:9; 1 Abanyatesalonika 2:9.

None nimba umuntu ashatse gutanga intererano kugira ngo ashigikire igikorwa kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova, akwiye gutanga ayangana gute? Intumwa Paulo yanditse ati: “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.”​—2 Abakorinto 8:12; 9:7.

[Akajambo k’epfo]

a Mu 2008, igarama imwe y’inzahabu yagurwa incahagati y’amadolari y’Abanyamerika 31 (amarundi arenga 31.000), bigatuma iyo ntererano ica ingana n’amadolari y’Abanyamerika yababa 4.794.855.000 (amarundi arenga 4.794.855.000.000).