Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihe hari uwakubabaje

Igihe hari uwakubabaje

Igihe hari uwakubabaje

ABANTU benshi bavuga ko kwihora ari vyiza. Ivyo bitumwa n’uko ari ibisanzwe kwumva dushavuye igihe hari uwatubabaje canke uwatugiriye nabi mu buryo bunaka. Ubushobozi twaremanywe bwo kumenya iciza n’ikibi butuma twipfuza ko akarenganyo gatorerwa umuti. Uti none kotorerwa umuti gute?

Mu vy’ukuri, ibintu bibabaza umuntu usanga bigenda birarutarutana, bikaba bihera ku gukubitwa urushi, gusunurwa canke gusuzugurwa bigashika ku gutukwa, gukubagurwa ku mubiri, kunyagwa utwawe, n’ibindi. None uhora uvyifatamwo gute igihe hari uwukubabaje muri ubu buryo canke buriya? Bisa n’uko abantu benshi muri iki gihe baca ‘bagera ingere ku yindi.’

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abanyeshure batari bake bo mu mashure yisumbuye baragirije ibinyoma abigisha babo kugira ngo babihore kuko bari babahanye. Umukuru w’Urunani rw’abigisha rwo muri leta ya New Orleans yitwa Brenda Mitchell avuga ati: “Igihe umwigisha yagirijwe ibinyoma, biramusiga iceyi.” Naho ivyo yagirijwe vyogaragara mu nyuma ko ari ibinyoma koko, iceyi yasizwe coco ntigica kimuvako.

Mu kazi, igitigiri kiguma ciyongera c’abakozi badashimishwa n’abakoresha babo usanga barondera ingene bobihora mu kwonona canke mu gufuta muri za orodinateri amakuru ahambaye y’ishirahamwe bakoreramwo. Abandi na bo usanga biba ibintu vy’amabanga vyega iryo shirahamwe bakabigurisha canke bakabitanga ahandi. Uretse kwiba ibintu vy’amabanga y’ishirahamwe, ikinyamakuru kimwe (The New York Times) kivuga yuko “kwiba ibintu vyegukira ishirahamwe umuntu asanzwe akoreramwo kikiri co kintu abakozi bakunze cane gukora kugira ngo bihore.” Kugira ngo amashirahamwe menshi arwanye iyo ngeso y’ukwihora, yarashinze ivy’uko habaho umupolisi aherekeza umukozi yakuwe mu kazi gushika aho akorera, akamurindira kugira ngo atekere utwiwe, maze agaca amusohora.

Ukwihora kuruta ukundi kwose gukunze kuba ni ukugirwa hagati y’abagenzi somambike, abari n’ivyo basangiye canke abagize imiryango. Kubabazwa n’amajambo ataranga ubuntu canke ibintu vyakozwe umuntu atabanje kwiyumvira birashobora gutuma haba ukwihora. Niba umugenzi wawe agukankamiye, woba nawe uca ugera ingere ku yindi? Niba uwo mu muryango agushavuje mu buryo bunaka, woba uhora uca urondera ingene womwihora? Mbega ukuntu vyoroshe kuvyifatamwo muri ubwo buryo igihe twababajwe n’uwo dusanganywe!

Ikibi kiri mu kwihora

Abantu barondera kwihora abandi usanga akenshi babigira kugira ngo bagabanye umubabaro wo mu mutima uva ku kuba bagiriwe nabi. Nk’akarorero, Bibiliya itubwira ko igihe abahungu b’umwe sekuruza w’imiryango w’Umuheburayo Yakobo bamenya yuko Umunyakanani yitwa Shekemu yari yafashe ku nguvu mushiki wabo Dina, ‘bababaye, bakaraka cane.’ (Itanguriro 34:1-7) Kugira ngo babiri mu bahungu ba Yakobo bihore ku bijanye n’ico kibi cari cakorewe mushiki wabo, bapfunditse umugambi wo gutera Shekemu n’urugo rwiwe. Bakoresheje amayeri, Simeyoni na Lewi barinjiye mu gisagara c’i Kanani maze bica abantu bose b’igitsina-gabo, harimwo na Shekemu.​—Itanguriro 34:13-27.

None ayo maraso yose yasheshwe yoba yaratoreye umuti ico kibazo? Igihe Yakobo yamenya ivyo abo bahungu biwe bakoze, yarabahambariye, ati: “Munkwegeye ibara, kuko mutumye nzinukwa na ben’igihugu, . . . bazokwikoraniriza hamwe, bantere, mpeze ndanduke, ndanduranwe n’inzu yanje.” (Itanguriro 34:30) Emwe, aho gutorera umuti nya kibazo, ukwo kwihora kwabo kwongeye ikibi mu kindi; ico gihe umuryango wa Yakobo wabwirizwa kuguma uri maso ku bijanye n’ibitero vyo kwihora vyogizwe n’ababanyi bashangashiwe. Bishoboka ko ivyo ari vyo vyatumye Imana itegeka Yakobo kwimukira mu karere k’i Beteli ari kumwe n’umuryango wiwe.​—Itanguriro 35:1, 5.

Ibintu vyabaye Dina amaze gufatwa ku nguvu birashira ahabona icigwa gihambaye. Ukwihora akenshi gutuma haba ukwihorahorana. Ni co gituma umugani umwe w’Abadagi uvuga ko ukwihora kutijana, ari uw’ukuri.

Ububi bwo kwihorahorana

Igihe tugumye twiyumvira ivyo gusubiriza umuntu mu nkoko ikibi yatugiriye, ntivyubaka ahubwo birasambura. Igitabu kimwe (Forgiveness​—How to Make Peace With Your Past and Get On With Your Life) kivuga giti: “Ishavu ni wewe nyene rigirira nabi. Riragutwara umwanya n’inkomezi uko uguma wiyumvira ibintu vyakubabaje, widogera mu mutima abakugiriye nabi kandi uguma ubahigira.” Nk’uko Bibiliya ibidondora mu buryo butomoye, “ishari ni nk’ikimungu co mu magufa.”​—Imigani 14:30.

Nk’ako, umuntu yoshobora gute kunezerwa mu gihe aba yariziziwe n’agatima k’urwanko be n’inyiyumvo zonona? Umuntu umwe akunze gushikiriza iryo agona ku bintu binaka yavuze ati: “Niba wibaza ko ‘kwihora ari vyiza,’ uraraba ukuntu abamaze imyaka n’iyindi ari vyo bakora bameze mu maso.”

Rimbura ivyagiye biraba mu mihingo myinshi cane y’isi aho usanga haba imishamirano ikomeye ishingiye ku moko no ku madini. Akenshi abantu barihorana mu kwicana, ivyo akaba ata kindi bishikanako atari ugukorereza urwanko n’ubwicanyi bidahera. Nk’akarorero, igihe ibombe yica abakiri bato 18 mu gitero ca bagaterabwoba, umukenyezi umwe yari yishwe n’intuntu yavuganye ishavu ati: “Dukwiye kubasubiriza mu nkoko incuro igihumbi!” Muri ubwo buryo, ubugizi bwa nabi buca bwiyongera, maze igitigiri c’abantu bisuka muri ayo matati kikarushiriza kwongerekana.

“Ijisho rihōrwe irindi”

Hari abitwaza ibivugwa muri Bibiliya kugira ngo basigure igituma bihora. Bavuga bati: “None Bibiliya ntivuga ngo ‘ijisho rihōrwe irindi, n’iryinyo rihōrwe irindi’?” (Abalewi 24:20) Mu bisanzwe, itegeko rivuga ngo “ijisho rihōrwe irindi” ryoshobora gusa nk’aho umengo riremesha kwihora. Yamara rero, iryo tegeko ryariho kugira ngo rishingire akarimbi ivyo kwihorahorana. Uti gute?

Mu gihe Umwisirayeli yaba arengeye kuri mugenzi we akamunogora ijisho, iryo Tegeko ryarasaba ko uwo muntu ahanwa. Ariko rero, uwagiriwe nabi canke uwo mu muryango wiwe si bo bihanira. Iryo Tegeko ryasaba ko ico kibazo cihwezwa n’abategetsi babifitiye uburenganzira, ari bo bacamanza batiwe. Kumenya yuko uwagiriye nabi uwundi n’ibigirankana canke akamutoteza yashobora guhanwa mu kugera ingere ku yindi, cari ikintu gikomeye cane catuma hatabaho ivyo kwihorana. Ariko, hari n’ibindi vyari muri iryo tegeko.

Imbere y’uko Yehova Imana avuga ibijanye n’iryo tegeko ryo kugera ingere ku yindi, yari yabwiye ihanga rya Isirayeli abicishije kuri Musa ati: “Ntihaze hagire uwamanira akazīka uw’i wabo mu mutima wiwe. . . . Ntihaze hagire uwihōra, cank’[uwubika] inzigo.” (Abalewi 19:17, 18) Mu vy’ukuri, iciyumviro kiri muri iyi mvugo ngo “ijisho rihōrwe irindi, n’iryinyo rihōrwe irindi” gikwiye gutahurwa hishimikijwe ibiri mw’isezerano ryari rishingiye kw’Itegeko, iryo Yezu yavuze ko ripoperanirijwe mu mategeko abiri, na yo akaba ari aya: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose” be n’iri ngo “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Matayo 22:37-40) None Abakirisu b’ukuri bakwiye kuvyifatamwo gute igihe barenganijwe?

Nukurikirane amahoro

Bibiliya idondora ko Yehova ari we “ya Mana y’amahoro” kandi ihimiriza abamusenga ‘kurondera amahoro bakayakurikirana.’ (Abaheburayo 13:20; 1 Petero 3:11) Ariko none iyo ngendo yoba ari ngirakamaro?

Igihe Yezu yariko arangura ubusuku bwiwe ng’aha kw’isi, yaraciriweko amate, aratonagurwa yongera arahamwa n’abansi biwe, aragurwa n’uwo bari basangiye ibanga, mbere n’abayoboke biwe bwite baramuta. (Matayo 26:48-50; 27:27-31) None yavyifashemwo gute? Intumwa Petero yanditse iti: “Igihe yatukwa, ntiyasubizayo igitutsi. Igihe yababazwa, ntiyahiga, ariko yaguma yiha umwe aca imanza mu bugororotsi.”​—1 Petero 2:23.

Petero yasiguye ati: “Kristu ya[ra]babajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe.” (1 Petero 2:21) Emwe, abakirisu baremeshwa kwigana Yezu, be n’ingene yavyifatamwo igihe yaba arenganijwe. Ku bijanye n’ivyo, Yezu ubwiwe yaravuze muri ya Nsiguro yo ku Musozi ati: “Mushishikare gukunda abansi banyu no gusabira ababahama; kugira ngo mwerekane ko muri abana ba So ari mw’ijuru.”​—Matayo 5:44, 45.

None abagaragaza urukundo nk’urwa Kristu bavyifatamwo gute igihe bagiriwe nabi canke biyumviriye ko bagiriwe nabi? Mu Migani 19:11 hagira hati: “Kwitonda kw’umuntu kumutera guteba kuraka, kand’icubahiro ciwe n’ukwirengagiza ico yacumuweko.” Barumvira kandi iyi mpanuro igira iti: “Ntureke ngo utsindwe n’ikibi, ahubwo ugume utsindisha ikibi iciza.” (Abaroma 12:21) Ese ukuntu ivyo bitandukanye n’agatima ko kwihora kiraye muri iy’isi ya none! Urukundo nyakuri twebwe abakirisu dufitaniye rurashobora kudufasha kwamirira kure icipfuzo co kwihora, gutyo ‘tukirengagiza ico twacumuweko’ kubera ko urukundo “[rutaza] ruraharura ikibi.”​—1 Abakorinto 13:5.

None ivyo vyoba bisobanura ko igihe dukorewe ikibi canke dufashwe nabi mu buryo bunaka, dukwiye guca twinumira tugapfa kuvyemera? Habe namba! Igihe Paulo yavuga ngo “ugume utsindisha ikibi iciza,” ntiyashaka kuvuga ko umukirisu akwiye kwemera kugirirwa nabi ku karenganyo. Ahubwo riho, igihe dutewe, nta gukeka ko dufise uburenganzira bwo kwirwanira. Igihe wewe canke ivyawe bigiriwe nabi, woshobora guhitamwo gutabaza igipolisi. Igihe ivyo bidushikiye ku kazi canke kw’ishure, usanga hariho abadukurira dushobora kwitura.​—Abaroma 13:3, 4.

Naho biri ukwo, vyoba vyiza tugumije ku muzirikanyi yuko muri iyi si ata butungane nyakuri buharangwa. Nk’ako, abantu benshi babayeho barondera ubutungane nyakuri, nta kindi vyabashikanyeko atari ukwicwa n’ishavu ry’umururazi be n’inzigo igihe batashitse ku vyo baba biteze.

Nta kindi Shetani ashaka atari ukubona abantu batandukanijwe n’ukwihorahorana n’urwanko. (1 Yohani 3:7, 8) Vyoba vyiza kuruta tugumije ku muzirikanyi aya majambo yo muri Bibiliya agira ati: “Ntimwihore, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake; kuko vyanditswe ngo: ‘uguhora ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza mu nkoko, ni ko Yehova avuga.’” (Abaroma 12:19) Igihe turekeye ibintu mu maboko ya Yehova, tuba twirinze kugira umubabaro mwinshi, uburake be n’ubukazi.​—Imigani 3:3-6.

[Iciyumviro ku rup. 22]

“Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose” kandi “utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda”

[Amafoto ku rup. 23]

Urukundo “ntiruza ruraharura ikibi.”​—1 Abakorinto 13:5