Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Uburovyi bwo ku Kiyaga c’i Galilaya

Uburovyi bwo ku Kiyaga c’i Galilaya

Uburovyi bwo ku Kiyaga c’i Galilaya

MBEGA umurovyi wo ku Kiyaga c’i Galilaya yari abayeho gute mu kinjana ca mbere? Inyishu y’ico kibazo iradufasha gutahura inkuru nyinshi ziganwa mu Njili, nk’izarimbuwe mu kiganiro c’imbere y’iki.

Mu bisanzwe, ico Kiyaga c’i Galilaya gifise uburebure bw’ibilometero 21 n’ubwaguke bw’ibilometero 12. Kuva kera na rindi, abarovyi bamye baroba muri ico kiyaga kirimwo amafi menshi cane. Biboneka ko Irembo ry’Amafi ry’i Yeruzalemu cari ikibanza cadandarizamwo amafi. (Nehemiya 3:3) Amwamwe mu mafi yadandarizwa muri ico kibanza yava mu Kiyaga c’i Galilaya.

Intumwa Petero yaturuka i Betsayida, igisagara co kuri ico Kiyaga c’i Galilaya, iryo zina rikaba ryoba risobanura ngo “Inzu y’umurovyi.” Ikindi gisagara co kuri ico kiyaga ni icitwa Magadani, canke Magdala, kikaba ari co Yezu yatwayemwo abigishwa biwe ahejeje kugendera ku mazi. (Matayo 15:39) Nk’uko umwanditsi umwe abivuga, izina ry’ikigiriki ry’ico gisagara ryoshobora guhindurwa ngo “Igisagara gitegurirwamwo amafi.” Ico gisagara cabaye rurangiranwa kubera ko carimwo amahinguriro menshi cane kandi manini y’amafi, aho hakaba ari ho amafi yo muri ico kiyaga yumishirizwa maze agashirwamwo umunyu, canke agahingurwamwo ico twokwita isosi y’amafi, iyo na yo ikaba yabikwa mu nzavya z’ibumba zitwa amphores. Nya mafi yahinguwe yarapakirwa mu mato maze agatwarwa mu mihingo nka yose ya Isirayeli, eka mbere no mu tundi turere twa kure.

Ku bw’ivyo, kuroba amafi, kuyategura no kuyacuruza vyari ibikorwa bihambaye vyakorwa i Galilaya mu gihe ca Yezu. Biroroshe kwibwira ko ivyo bikorwa vyateza imbere abantu benshi bo muri ako karere. Yamara, si ngombwa bibe ari ukwo vyari vyifashe. Incabwenge imwe ivuga yuko kuroba “kitari igikorwa vyovugwa ko cakorwa n’uwo ari we wese, nk’uko abasomyi b’Isezerano Rishasha bo mu bihe vya none bashobora kuvyiyumvira.” Cari kimwe “mu bikorwa vyacungerwa na Leta vyatungisha abantu bakomakomeye ariko bari ku rushi.”

Herodi Antipa ni we yashizweho n’Uburoma ngo atware intara y’i Galilaya. Ku bw’ivyo, yaba amabarabara yo mu karere yatwara, ibivuko vyaho be n’ubutunzi kama bwaho, nk’ubutare, amashamba, uburimyi be n’uburovyi vyose vyaganzwa na we. Ivyo ni vyo bintu nyamukuru vyaronsa Herodi inyungu nyinshi biciye ku makori. Nta makuru y’ido n’ido dufise ku bijanye n’ukuntu amakori yatozwa mu kinjana ca mbere i Galilaya. Ariko rero, biboneka ko uburyo Herodi yakoresha muri rusangi butari butandukanye cane n’ubwo abategetsi b’Abagiriki be n’Abaroma bakoresha mu zindi ntara zo mu Buseruko batwara. Inyungu nyinshi zava mu mirimo itandukanye y’ivy’ubutunzi yarangurwa muri ako karere be no mu kuntu ubutunzi kama bwaho bwakoreshwa zatwarwa n’abantu bakomakomeye, aho gutwarwa n’abantu babayabaye bakora ivyo bikorwa nka vyose.

Amakori y’umurengera

Mu gihe ca Yezu, amatongo meza gusumba ayangi yose i Galilaya yari ay’abantu bakomoka mu muryango wa cami kandi wasanga agabaguwemwo mu matongo maninimanini, ayo Herodi Antipa yagabira abakomakomeye biwe be n’abo bafadikanya gutwara. Abatwarwa ba Herodi bategerezwa gutanga amahera menshi cane yakoresha mu bijanye n’ubuzima bwiwe bwo kwidibamira, ibikorwa vyiwe bikomakomeye vy’ubwubatsi, ubutegetsi bwiwe buhanitse no mu bijanye n’ingabirano yaha abagenzi biwe be n’ibisagara. Bivugwa ko amakori be n’amatagisi abantu babayabaye batozwa wari umuzigo uhahaza cane.

Herodi kandi yari yarifatiye mu minwe ibijanye n’ukuntu ibiyaga n’inzuzi vyo mu karere yatwara vyakoreshwa. Uca wumva rero ko uburovyi cari igikorwa cagenzurwa ku rugero runini cane n’umwami canke na bene amatongo yaba yaragavye. Mu turere twatwarwa n’umwami ubwiwe, abakuru b’abatozakori, bano bakaba bari abantu bifise baba batanze amahera menshi kugira ngo baronke uburenganzira bwo gutoza amakori, bari bafise uburenganzira bwo kugiranira amasezerano n’abarovyi kugira ngo bemererwe kuroba, na bo bakaza barabariha amahera. Abantu bamwebamwe bakunze kugira ico bavuze ku bintu binaka baravuze ko kubera yuko ibiro Matayo yatorezako amakori vyari i Kaperinawumu, kino kikaba cari ikibanza gikomeye c’uburovyi co ku Kiyaga c’i Galilaya, ashobora kuba yakorera abo bakuru b’abatozakori nka we umuntu wo muri ako karere “yagiranira amasezerano n’abarovyi kugira baronke uburenganzira bwo kuroba buvuye ku mwami.” a

Ibimenyamenya vyo mu kinjana ca mbere n’ica kabiri B.G.C. vyerekana ko muri Palesitina akenshi abantu batanga ibintu mu kuriha amakori, aho gutanga amahera. Ku bw’ivyo, abarovyi bamwebamwe bakanongoreye bariha nk’ibice 25 gushika ku bice 40 kw’ijana vy’amafi baba barovye kugira ngo baronke uburenganzira bwo kuroba. Ivyandiko vya kera vyerekana ko n’imiburiburi mu turere tumwetumwe twatwarwa n’Uburoma, uburovyi bwamye ari igikorwa cifatiwe mu minwe na Leta cacungerwa n’abagenzuzi bayo. Muri Pisidiya, urwego rwakora nk’igipolisi c’uburovyi rwariyemeza neza yuko ata muntu n’umwe aroba atabirekuriwe be n’uko abarovyi bagurisha amafi barovye ku baranguzi gusa babifitiye uburenganzira, na bo nyene Leta ikaba ari yo yagenzura igikorwa cabo kandi ikabarihisha amakori.

Umuntu umwe yihweza ibintu n’ibindi avuga ko ivyo bikorwa vyose vyo gucungera be n’ayo makori yose vyahava bigatuma “umwami canke mwene itongo aronka inyungu nyinshi cane, mu gihe abarovyi bo baronka intica ntikize.” Abakora iyindi mirimo y’ivy’ubutunzi na bo nyene baronka inyungu z’intica ntikize kubera ko babwirizwa gutanga amakori y’umurengera. Abantu ntibigera bashimishwa no gutanga amakori. Ariko rero, urwanko abantu muri rusangi banka abatozakori ruvugwa mu nkuru ziganwa mu Njili, nta gukeka ko rwarushirije kwiyongera bitumwe n’ubugunge butagira izina be n’umwina vy’abatungishwa n’uguca amaboko abantu babayabaye.​—Luka 3:13; 19:2, 8.

Abarovyi bavugwa mu Njili

Injili zirerekana ko Simoni Petero yari afise abo bakorana igikorwa ciwe c’uburovyi. Abarovyi baje gufasha Petero gukwega amafi yari yarovye ku gitangaro bari ‘bagenzi we bo mu bundi bwato.’ (Luka 5:3-7) Incabwenge zisigura ko “abarovyi bashobora gushinga ‘amakoperative’ . . . kugira ngo bashobore kuriha amahera yasabwa mu masezerano y’ivyo kuroba.” Ubwo bushobora kuba ari bwo buryo abahungu ba Zebedayo, Petero, Andereya na bagenzi babo bakoresheje kugira ngo baronke uburenganzira bwo gukora igikorwa cabo c’uburovyi.

Ivyanditswe ntibivuga mu buryo budomako niba abo barovyi b’i Galilaya bari bafise canke batari bafise amato yabo bwite be n’ibikoresho vyabo bwite vy’uburovyi. Hari abiyumvira ko bari babifise. Nkako, bivugwa ko Yezu yuriye mu bwato “bwari ubwa Simoni.” (Luka 5:3) Ariko rero, ikiganiro kimwe canditswe n’umuhinga mu vy’uburovyi kivuga yuko “n’imiburiburi bishoboka ko ayo mato mu bisanzwe yari ay’abakuru b’abatozakori kandi akaba yakoreshwa n’ikoperative.” Uko vyari biri kwose, Ivyanditswe biravuga ivy’uko Yakobo na Yohani basana insenga zabo. Vyongeye, bishoboka ko abarovyi babwirizwa kwumvikana ku bijanye n’ukuntu bogurisha amafi barovye be n’ukuntu bibaye ngombwa bokoresha abakozi.

Ku bw’ivyo rero, igikorwa c’abarovyi b’i Galilaya bo mu kinjana ca mbere carimwo n’ibindi kuruta uko umuntu yovyiyumvira. Ico gikorwa cabo cari mu bintu bigize urufatangane rw’imirimo myinshi cane y’ivy’ubutunzi ifitaniye isano. Kuzirikana kuri ivyo biratuma turushiriza gutahura bimwe vyimbitse insobanuro y’inkuru ziganwa mu Njili be n’iy’amajambo Yezu yavuze ku bijanye n’uburovyi be n’abarovyi. Ikiruta ivyo, ayo makuru aradufasha kandi gutahura ukwizera Petero, Andereya, Yakobo na Yohani bari bafise. Bari babeshejweho n’uburovyi. Uko ivy’ubutunzi vyabo vyari vyifashe kwose, igihe Yezu yabahamagara, baremeye guheba umwuga bari bazi neza, ukaba ari na wo wari co kintu nyamukuru cabinjiriza amahera, kugira ngo babe “abarovyi b’abantu.”​—Matayo 4:19.

[Akajambo k’epfo]

a Biboneka ko intumwa Petero yavuye i Betsayida yimukira i Kaperinawumu aho yakoranye igikorwa c’uburovyi na mwene wabo Andereya be n’abahungu ba Zebedayo. Yezu na wenyene yaramaze igihe aba i Kaperinawumu.​—Matayo 4:13-16.

[Ikarata ku rup. 25]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Ikiyaga Hula

Betsayida

Kaperinawumu

Magadani

Ikiyaga c’i Galilaya

Yeruzalemu

Ikiyaga c’Umunyu

[Credit line]

Todd Bolen/Bible Places.com

[Abo dukesha ifotoon page 26]

Todd Bolen/Bible Places.com