Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukuntu ibiremwa vy’impwemu bigira ico bikoze ku bitwerekeye

Ukuntu ibiremwa vy’impwemu bigira ico bikoze ku bitwerekeye

Ivyo twigira kuri Yezu

Ukuntu ibiremwa vy’impwemu bigira ico bikoze ku bitwerekeye

Yezu yarabanye na Se mu karere k’impwemu “imbere y’uko isi ibaho.” (Yohani 17:5) Ku bw’ivyo, arashoboye vy’ukuri kwishura ibibazo bikurikira.

Abamarayika boba batwitwararika?

▪ Yezu aradufasha kumenya ko abamarayika bitwararika cane abantu. Yavuze yuko “haba akanyamuneza mu bamarayika b’Imana ku mucumuzi umwe yigaye.”​—Luka 15:10.

Yezu yarahishuye ko abamarayika bafise ibanga ryo gufasha abasavyi b’Imana kugira bagume bafitaniye na yo ubucuti bwiza. Ni co gituma igihe Yezu yagabisha abigishwa biwe ngo ntibatsitaze abandi, yavuze ati: “Murabe ntimusuzugure n’umwe muri aba batoyi; kuko ndababwiye yuko abamarayika babo mw’ijuru bama bitegereza mu maso ha Dawe ari mw’ijuru.” (Matayo 18:10) Mu kuvuga ivyo, Yezu si ngombwa ngo abe yashaka kuvuga ko umwumwe mu bayoboke biwe ari n’umumarayika-murinzi amujejwe. Ariko Yezu yarerekanye ko abamarayika bakorana n’Imana mu bumwe usanga bitwararika cane abagize ishengero rya gikirisu.

Shetani ashobora gute kutugirira nabi?

▪ Yezu yaragabishije abayoboke biwe abereka ko Shetani agerageza kubabuza kwiga ukuri kwerekeye Imana. Yavuze ati: “Iyo hagize umuntu yumva ijambo ry’ubwami mugabo ntategere ico risobanura, wa mubisha araza akanyahura ivyabibwe mu mutima wiwe.”​—Matayo 13:19.

Yezu yarashize ahabona uburyo bumwe Shetani ahenda abantu, igihe yatanga ikigereranyo cerekeye umuntu yabivye ingano mu murima wiwe. Uwo muntu yagereranya Yezu, ingano na zo zikagereranya abakirisu b’ukuri bazofatanya na Yezu kuganza bari mw’ijuru. Ariko rero, Yezu yavuze ko haje umwansi maze “abiba icatsi kibi mu ngano.” Ico catsi kibi kigereranya abakirisu b’ikinyoma. “Umwansi yakibivye . . . ni Shetani.” (Matayo 13:25, 39) Nka kurya icatsi kibi gishobora gusa n’ingano zikiriko zirakura, abiyita abakirisu boshobora kuboneka nk’aho ari abasavyi b’Imana b’ukuri. Amadini yigisha inyigisho z’ikinyoma arahenda abantu bakagambararira Imana. Shetani arakoresha idini ry’ikinyoma kugira ngo anyage abantu ubucuti bafitaniye na Yehova.

Ni igiki gishobora gutuma Shetani atatugirira nabi?

▪ Yezu yise Shetani “umutware w’isi.” (Yohani 14:30) Mw’isengesho Yezu yatuye Se, yarahishuye ukuntu dushobora gukingirwa Shetani. Ku vyerekeye abigishwa biwe, Yezu yasenze Se wo mw’ijuru ati: “Ubarinde kubera wa mubisha. Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi. Ubeze biciye ku kuri; ijambo ryawe ni ukuri.” (Yohani 17:15-17) Ubumenyi bwerekeye Ijambo ry’Imana burashobora kudukingira akosho k’isi y’abantu Shetani ategeka.

Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe muri iki gihe?

▪ Yezu yavuze ati: “Ku nsozero y’ivy’isi, abamarayika bazosohoka barobanure ababisha mu bagororotsi.” (Matayo 13:49) Ubu rero tugeze ku “nsozero y’ivy’isi” kandi abantu amamiliyoni bariko barakira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.​—Matayo 24:3, 14.

Yamara rero, si abantu bose batangura kwiga Ijambo ry’Imana bahava bagatoneshwa na yo. Abamarayika barayobora igikorwa abasavyi ba Yehova barangura, maze abantu bakunda Imana vy’ukuri bagatandukanywa n’abadashaka gushira mu ngiro ivyo biga. Mu kudondora abahava bagatoneshwa n’Imana, Yezu yavuze ati: “Abo ni bamwe iyo bamaze kwumva iryo jambo n’umutima mwiza kandi umeze neza baheza bakarigumya, bakama ivyamwa bihanganye.”​—Luka 8:15.

Ushaka kumenya amakuru yiyongereye, raba ikigabane ca 10 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 16]

Abamarayika baragira uruhara mu bijanye no kwegeraniriza mw’ishengero rya gikirisu abantu b’inziraburyarya