Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyago bituma tugira icizigiro

Ivyago bituma tugira icizigiro

Ivyago bituma tugira icizigiro

“Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.”​—2 TIMOTEYO 3:1.

MURI ibi bintu bibabaje bikurikira, hari na kimwe woba umaze kwumva canke kwibonera?

● Indwara yica ihitana abantu benshi cane.

● Ikigoyi gihitana abantu amajana n’amajana.

● Ca nyamugigima cica abantu ibihumbi, abandi benshi bagasigara batagira aho bakika umusaya.

Mu biganiro bikurikira, uraza kubona amakuru amwamwe atuma umuntu azirikana ajanye n’ibintu mwene ivyo bishika. Uraza kubona kandi yuko Bibiliya yari yaravuze ibintu mwene ivyo vyobaye mu kiringo citwa “imisi ya nyuma.” *

Ariko rero, intumbero y’ibi biganiro si iyo kukujijura ko tubayeho mw’isi idurumbanye. Wewe ubwawe ushobora kuba wibonera ivyo vyago. Ibi biganiro bigenewe nyabuna gutuma ugira icizigiro. Birerekana ko iranguka ry’ubuhanuzi butandatu tugira tuvuge risobanura yuko vuba “imisi ya nyuma” igiye kurangira. Ibi biganiro bikurikirana birarimbura kandi ivyiyumviro bimwebimwe bikunze gutangwa n’abahakana ico iryo ranguka ry’ubuhanuzi ryerekana, bikongera bigatanga imvo zumvikana zotuma twemera ko hariho ibintu vyiza cane vyimirije.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 7 Ku bijanye n’igituma Imana ireka ivyo bintu bibi bigashika, raba ikiganiro kivuga ngo “Ni kubera iki Imana ireka hakaba ikibi be n’imibabaro?” ku rupapuro rwa 16 n’urwa 17 rw’iki kinyamakuru.