Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwige Ijambo ry’Imana

Kubera iki abakirisu babatizwa?

Kubera iki abakirisu babatizwa?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Ibatisimu ya gikirisu isobanura iki?

Ibatisimu ni uburyo bwo gusaba Imana ngo mugiranire ubucuti bwiza. Ku bw’ivyo, umukirisu ntakwiye kubatizwa akiri uruyoya, ahubwo akwiye kubatizwa amaze gukura bihagije ku buryo ashobora kwiga ivyerekeye Imana maze akaba umwigishwa wa Yezu. (Ivyakozwe 8:12; 1 Petero 3:21) Ducika abigishwa ba Yezu mu kwiga ivyo adutegeka kandi tukabikora.​—Soma Matayo 28:19, 20.

Mu gihe c’intumwa za Yezu, hari abantu benshi bafashe ingingo badatebaganye yo kwiga ivyerekeye Imana na Yezu. Nk’akarorero, igihe umugabo umwe yamenya ko urupfu rwa Yezu rwari rwuguruye inzira ijana ku bukiriro, yaciye ubwo nyene acika umwigishwa. Muri kino gihe, abantu b’inziraburyarya benshi barahisemwo gucika abayoboke ba Yezu.​—Soma Ivyakozwe 8:26-31, 35-38.

2. Kubera iki Yezu yabatijwe?

Yezu yari afise imyaka nka 30 igihe Yohani Umubatizi yamwibiza mu mazi y’uruzi Yorodani. Ibatisimu ya Yezu yashaka kwerekana ingingo yafashe yo gukora ivyo Imana igomba ku bimwerekeye. (Abaheburayo 10:7) Ivyo vyarimwo n’ugutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu y’ivyaha vy’abantu. N’igihe yari akiri mw’ijuru ataraza ng’aha kw’isi, yama nantaryo akunda Se wiwe Yehova kandi amugamburukira.​—Soma Mariko 1:9-11; Yohani 8:29; 17:5.

3. Kubera iki umukirisu akwiye kubatizwa?

Ivyacu biratandukanye n’ukuntu ivya Yezu vyari vyifashe kuko twebwe tuvuka turi abacumuzi. Yamara, urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka ruratuma bishoboka ko tugiranira ubucuti bwiza n’Imana. (Abaroma 5:10, 12; 12:1, 2) Birashoboka vy’ukuri ko tuba abayo, abo mu muryango wayo. (2 Abakorinto 6:18) None ako gateka tugaterwa gute? Biciye kw’isengesho dutura mu mwiherero, turiyegurira Yehova tukamusezeranira gukora ivyo agomba igihe cose dusigaje kubaho. Tumaze kwiyegura muri ubwo buryo, turavyerekana ku mugaragaro mu kubatizwa.​—Soma Matayo 16:24; 1 Petero 4:2.

4. Wokwitegurira gute ibatisimu?

Ivyabona vya Yehova barigana Bibiliya n’umuntu wese ashaka kwiyegereza Imana. Kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro ya gikirisu bizotuma urushiriza gukunda Imana no kuyizera. Bizogufasha kandi gutsimbataza kamere nziza n’ingeso nziza. Utsimbataje urukundo, ukwizera n’izindi kamere zishimwa n’Imana bizogufasha kubaho uhuza n’indagano uzoba wagize yo gukorera Yehova ibihe vyose.​—Soma Yohani 17:3; Abaheburayo 10:24, 25.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 18 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.