Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyotuma mu rugo haba agahimbare

Mwosubira gute kwizigirana?

Mwosubira gute kwizigirana?

Steve * avuga ati: “Sinari bwigere niyumvira ko Jodi yorenze ibigo. Sinabaye nkimwizigira na gato. Sinokubwira ukuntu vyangoye kumubabarira.”

Umukenyezi wiwe Jodi na we ati: “Ndatahura igituma Steve atabaye akinyizigira. Vyafashe imyaka myinshi kugira abone vy’ukuri ko nicuza.”

BIBILIYA iravuga ko abahemukiwe bashobora guhitamwo kwahukana canke kutahukana. * (Matayo 19:9) Steve, umwe duhejeje kuvuga, yafashe ingingo yo kutahukana. We na Jodi bafashe ingingo yo kurokora umubano wabo. Ariko ntibatevye kubona ko vyabasaba n’ibindi uretse kubandanya babana gusa. Kubera iki? Kubera ko nk’uko bibonekera mu vyo bavuze, uguhemuka kwa Jodi kwatumye bataba bacizigirana. Narirya kwizigirana bihambaye cane kugira ngo abubakanye bagire agahimbare, hari igikorwa kitoroshe cari kibarindiriye.

Nimba wewe n’uwo mwubakanye muriko mwihatira kurokora umubano wanyu inyuma y’aho ushikiwe n’ingorane ikomeye nk’ukurenga ibigo, birumvikana ko muhanganye n’urugamba rutoroshe. Umaze kumenya ko uwo mwubakanye yarenze ibigo, amezi nk’angahe ya mbere arashobora kuba co gihe kigoye cane. Ariko birashobora kugenda neza! Mwokora iki ngo musubire kwizigarana? Ubukerebutsi bwo muri Bibiliya burashobora kubafasha. Ng’izi inama zine zobafasha.

1 Nimuvugane ukuri.

Intumwa Paulo yanditse ati: “Ubu ko mwiyambuye ibinyoma, umwe wese muri mwebwe navugane ukuri na mugenziwe.” (Abanyefeso 4:25) Ibinyoma, ukuri kw’igice, eka mbere n’ukwinumira bironona ukwizigirana. Murakeneye rero kuvugana ukuri kandi mudahishanya.

Mu ntango, mwoshobora kuba mubabaye cane ku buryo mutoganira ivy’ubwo buhemu. Ariko impera n’imperuka muzokenera kuyaga ivyabaye mudahishanya. Hari aho mwoshima kutinjira mu kantu kose, mugabo kwirinda kubiganirako si vyiza. Umwe Jodi twavuga agira ati: “Mu ntango nabona ko kuyaga ivy’ico kibazo bigoye cane kandi bitaryoshe na gato. Naricuza cane kubona vyarashitse ku buryo ntashaka no gusubira kuvyiyumvira.” Ariko rero, kutayaga kuri ico kintu vyarateje ingorane. Kubera iki? Steve avuga ati: “Kubera ko Jodi atashaka ko tuyaga ivy’ubwo buhemu, naca nguma ndamwikeka.” Ku bijanye n’ico kintu, Jodi yiyemerera ati: “Kutabiganirako n’umugabo wanje vyatumye igisebe giteba gukira.”

Igihe cose muganiriye ivy’ubwo buhemu ntimuzobura kwumva mubabaye. Debbie, umugabo wiwe Paul akaba yararenze ibigo n’umunyamabanga wiwe, avuga ati: “Naribaza ibibazo vyinshi. Vyagenze gute? Kubera iki vyabaye? Bavuganye ibiki? Narajanjaguritse mu mutima, umwanya wose nkaguma ndavyiyumvira, mbere n’ibibazo bikaguma vyiyongera uko amayinga yahaca.” Paul avuga ati: “Vyarashika twe na Debbie turiko turaganira tugahazuka, kandi ivyo birumvikana. Mugabo mu nyuma twama duca dusabana imbabazi. Ukwo kuganira tudahishanya kwarakomeje ubucuti dufitaniye.”

Mwokora iki kugira imitsi ntirande igihe muriko muraganira? Uribuka ko intumbero yawe nyamukuru atari iyo guhana mugenzawe, ariko ko ari iyo gukura icigwa kuri ico kintu kibabaje cabaye no gukomeza umubano wanyu. Nk’akarorero, Chul Soo n’umukenyezi wiwe Mi Young barasuzumye ukuntu ubucuti bwabo bwari bwifashe bafatiye ku guhemuka kwa Chul Soo. Chul Soo avuga ati: “Nasanze nahora mfatirwa cane n’ivyanje. N’ikindi kandi, naritwararika birenze urugero gushimisha abandi no gukora ivyo bashaka ko nkora. Ni bo nahebera umwanya munini kandi ni bo nitwararika cane. Ivyo vyatuma marana umwanya muto n’umugore wanje.” Gutahura ivyo vyarafashije Chul Soo na Mi Young kugira amahinduka yahavuye abafasha gukomeza umubano wabo.

GERAGEZA IKI KINTU: Niba ari we wahemukiye uwo mwubakanye, niwirinde kwisigura canke guta ikosa kuri mugenzawe. Niwemange ivyo wakoze n’umubabaro wamuteje. Nimba ari we wahemukiwe, ntukankamire mugenzawe canke ngo umutukagure. Wirinze iyo mvugo, bizotuma abandanya kukuyagira adahisha.​—Abanyefeso 4:32.

2 Nimusenyere ku mugozi umwe.

Bibiliya ivuga iti: “Babiri baruta umwe.” Kubera iki? “Kuko bafise impera nziza ku bw’igikorwa cabo c’ubutame. Kuko umwe muri bo aramutse aguye, uwundi arashobora kuvyura mugenziwe.” (Umusiguzi 4:9, 10) Iyo ngingo ngenderwako ni iy’ukuri na canecane igihe muriko murakora uko mushoboye kwose kugira musubire kwizigirana.

Wewe n’uwo mwubakanye mufadikanije murashobora gutsinda ukutizigirana kwononye ubucuti bwanyu. Ariko rero, ni ngombwa ko mwempi muba mufise umwiyemezo wo kurokora umubano wanyu. Mugerageje kwirwanako umwe wese ukwiwe, mwoshobora gusanga muriko mwiteza n’izindi ngorane. Umwe wese akwiye kubona ko asangiye urugamba na mugenziwe.

Ivyo ni vyo Steve na Jodi biboneye. Jodi avuga ati: “Vyafashe igihe, ariko twe na Steve twarasenyeye ku mugozi umwe kugira ngo twubake ubucuti bukomeye. Nari niyemeje kutigera nsubira kumubabaza. Naho Steve yari afise umubabaro, yari yiyemeje kutareka ngo umubano wacu usambuke. Imisi yose nararondera uburyo bwo kumusubiriza umutima mu nda ko ntazosubira kumuhemukira, kandi na we yaguma angaragariza urukundo. Ico kintu nzokwama ndakimushimira.”

GERAGEZA IKI KINTU: Uko muri babiri nimwiyemeze gusenyera ku mugozi umwe kugira musubire kwizigirana.

3 Utumenyero twa kera nudusubirize utumenyero dushasha.

Yezu amaze kugabisha abariko bamwumviriza ku bijanye no kurenga ibigo, yatanze iyi mpanuro igira iti: “Iryo jisho ryawe ry’iburyo rero nimba rigutsitaza, rinogore urite kure yawe.” (Matayo 5:27-29) Nimba ari we wahemutse, hoba hari ibikorwa canke inyifato wonogora ugashiburira kure ku neza y’umubano wanyu?

Birumvikana ko ukwiye guhagarika imigenderanire n’uwo mwarenze ibigo. * (Imigani 6:32; 1 Abakorinto 15:33) Umwe Paul twavuga yarahinduye urutonde rwiwe rw’imirimo n’inomero ziwe za telefone ngendanwa kugira ntasubire kugiranira imigenderanire na wa mugore. Ariko ivyo ntivyabujije ko basubira kubonana. Kubera ko Paul yari yiyemeje gutuma umukenyezi wiwe asubira kumwizigira yaciye aheba ako kazi. Yarikuyeko n’itelefone yiwe ngendanwa, aza arakoresha gusa telefone y’umugore wiwe. Ako kigoro hoba hari ico kavuyemwo? Umugore wiwe Debbie avuga ati: “Ubu haraheze imyaka itandatu, ariko n’ubu birashika nkibaza nimba nya mugore atazosubira kugerageza kuvugana na we. Ariko ubu ndizigira ko Paul atazotwarwa n’inyosha mbi.”

Nimba ari we wahemutse, hari aho kandi wokenera kugira ivyo uhinduye muri kamere yawe. Nk’akarorero, ushobora kuba ukunda kumenyerana mu buryo butabereye n’abo mudasangiye igitsina, canke ukaba ukunda kwiyumvira ivy’ugukundana n’abandi bantu. Niba ari ukwo bimeze, “[ni]wambure wa muntu wa kera n’ingeso ziwe.” Utumenyero twa kera nudusubirize n’utumenyero dushasha tuzotuma uwo mwubakanye arushiriza kukwizigira. (Abakolosayi 3:9, 10) Vyoba bikugora kugaragaza igishika kubera ukuntu warezwe? Naho mu ntango vyogutera ubuyega, nugaragarize cane urukundo uwo mwubakanye wongere umusubirize umutima mu nda cane. Steve yibuka ibi: “Jodi yarakunda kungaragariza urukundo mu kunkorako, kandi yama yambwiye ati: ‘Ndagukunda.’”

Vyoba vyiza umaze igihe kinaka uza uramubwira ibintu vyose ukora ku musi ku musi. Mi Young, umwe twavuga agira ati: “Chul Soo yariyemeje kuza arambwira ku musi ku musi ibintu vyose vyaba vyabaye uwo musi, mbere n’ivyaba bidahambaye, kugira anyereke ko ata co ampisha.”

GERAGEZA IKI KINTU: Umwe wese nabaze mugenziwe ivyo yokora vyoshobora gutuma asubira kumwizigira. Nimugire urutonde rwavyo hanyuma mubishire mu ngiro. N’ikindi kandi, mu rutonde rw’ivyo musanzwe mukora, nimwongereko ibintu bimwebimwe mushobora gukorera hamwe.

4 Nimumenye igihe co gutera intambwe.

Ntiwihutire kubona ko hageze yuko mutangura kubaho nk’uko vyahora. Mu Migani 21:5 hagabisha hati: “Uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene.” Kugira musubire kwizigirana bizofata igihe, kumbure imyaka.

Nimba ari wewe wahemukiwe, nufate umwanya wo kumuharira bimwe bishitse. Mi Young yibuka ibi: “Nahora niyumvira nti: ‘Je sinumva ingene umugore atoshobora kubabarira umugabo wiwe yamuhemukiye.’ Vyarangora gutahura igituma yomara igihe kirekire ashavuye cane. Ariko rero, igihe umugabo wanje yampemukira, naratahuye ko kubabarira bigoye.” Kubabarira, eka n’ukwizigirana, bishobora kuzoza buhorobuhoro.

Ariko rero, mu Musiguzi 3:1-3 havuga ko hari ‘igihe co gukira.’ Mu ntango, woshobora kwiyumvira yuko kutabwira uwo mwubakanye ukuntu wiyumva ari wo muti. Ariko kubandanya ubigenza ukwo ntibizotuma asubira kukwizigira. Kugira ngo ubucuti bwanyu bukire, ni ukuvuga busubire kumera neza, numubabarire maze werekane ko wamubabariye mu kumuserurira akari ku mutima. Numuremeshe kandi kuvuga ibimunezera n’ibimuraje ishinga.

Ntugumane inzika. Ahubwo niwihatire kuyitsinda. (Abanyefeso 4:32) Kuzirikana ku karorero Imana ubwayo yatanze vyoshobora kugufasha. Yarababaye cane igihe abasavyi bayo bo muri Isirayeli ya kera bayita. Mbere Yehova Imana yigereranije n’umugabo yahemukiwe n’umugore wiwe. (Yeremiya 3:8, 9; 9:2) Mugabo “[ntiyagumanye] inzika gushika igihe kitagira urugero.” (Yeremiya 3:12) Igihe abasavyi biwe bigaya vy’ukuri bakamugarukako, yarabababariye.

Nimwashika aho mubona ko amahinduka mwagize mu mubano wanyu ashimishije, muzokwumva mutekaniwe. Ico gihe, aho kuguma gusa mwihatira kurokora umubano wanyu, murashobora kuzoca mwitunira ku yindi migambi. Ariko ntiwumve, muzoze murategekanya umwanya wo gusuzuma intambwe mugezeko. Ntimuzoce mwijajara. Muratorere umuti ingorane ntonto zizoza zirabaciramwo, kandi musubirizanye umutima mu nda ko mutazohemukiranira.​—Abagalatiya 6:9.

GERAGEZA IKI KINTU: Aho kurondera gutuma umubano wanyu usubira kumera nk’uko wari umeze kera, nimubone ko muriko murubaka umubano mushasha kandi urushirije kuba uwukomeye.

Murashobora kuroranirwa

Bishitse mukumva umengo ntimubona neza iyo muriko muraja, muribuka iki kintu: Imana ni yo yatanguje umubano w’abubatse. (Matayo 19:4-6) Rero ibibafashijemwo, murashobora kuroranirwa. Ba bubakanye twavuga bose barashize mu ngiro impanuro nziza Bibiliya itanga maze barashobora kurokora umubano wabo.

Ubu haraciye imyaka irenga 20 umubano wa Steve na Jodi uhuye n’ingorane. Ehe raba ukuntu Steve avuga muri make impinga bagenze kugira umubano wabo usubirane: “Tumaze kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova ni ho twagize ibintu bikomeye cane turyohora. Imfashanyo twaronse yarabaye ngirakamaro koko. Yaradufashije kurengana ivyo bihe bitoroshe.” Jodi avuga ati: “Emwe, ni umuhezagiro koko kubona twarashoboye kwihangana muri ico gihe kigoye. Biciye ku kwiga Bibiliya no ku twigoro twinshi, ntiworaba ukuntu umubano wacu ari agahore.”

^ ing. 3 Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

^ ing. 5 Ushaka amakuru yogufasha gufata mwene iyo ngingo, raba ikinyamakuru Be maso! (mu gifaransa) co ku wa 22 Ndamukiza 1999, urupapuro rwa 6, n’ico ku wa 8 Myandagaro 1995, urupapuro rwa 10 n’urwa 11.

^ ing. 17 Nimba hari igihe bidakunda ko umwirinda rwose (nko ku kazi), mukwiye kuvugana igihe gusa bikenewe. Nuvugane na we igihe hari abandi bantu kandi uwo mwubakanye abe abizi.

NIWIBAZE UTI . . .

  • Ni imvo izihe zatumye nshima ko umubano wacu ubandanya igihe umwe muri twebwe yahemukira uwundi?

  • Ni kamere nziza izihe mbona ubu mu wo twubakanye?

  • Tukireshanya nagaragaza gute urukundo mu tuntu dutoduto, kandi nosubira gute kubigira?