Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wokwizigira idini ku vyerekeye intambara?

Woba wokwizigira idini ku vyerekeye intambara?

Alberto yamaze imyaka hafi cumi mu gisoda. Avuga ati: “Umupatiri wo mu gisoda cacu yaraduhezagira ati: ‘Imana iri kumwe namwe.’ Ariko nariyumvira nti: ‘Ngiye kwica abantu kandi Bibiliya ivuga ngo “Ntukice.”’”

Ray na we yari mu gisoda kirwanira mu mazi muri ya Ntambara ya kabiri y’isi yose. Igihe kimwe yarabajije umupasitori w’igisoda cabo ati: “Ko uhora wurira ubwato ugasengera inteko zacu ngo zitsinde, none abansi bacu bobo ntibafise uwubasengera?” Nya mupasitori yaciye amwishura yuko inzira z’Imana ari amayobera.

Nimba wumva iyo nyishu itakumaze amazinda, numenye ko atari wewe wenyene.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Yezu yavuze ko rimwe mu mabwirizwa y’Imana aruta ayandi yose ari iryo “gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Mariko 12:31) Yezu yoba yavuze ko twokunda mugenzi wacu tubanje kuraba aho aba canke igihugu akomokamwo? Habe namba. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:34, 35) Urukundo bakundana rwobaye ari urudasanzwe ku buryo rwobaye ikimenyetso kibaranga. Bokwemeye gutanga ubuzima bwabo ku bwa bagenzi babo, aho kububaka.

Abakirisu bo mu ntango babaho bisunga ayo majambo Yezu yavuze. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The Encyclopedia of Religion) kivuga giti: “Abakuru ba Ekeleziya bo mu ntango, dushizemwo Terituliyano na Orijeni, baremeje yuko abakirisu [bo mu ntango] babuzwa kwaka umuntu ubuzima, iyo ikaba yari ingingo ngenderwako yatuma bataja mu gisoda c’Abaroma.”

IVYABONA VYA YEHOVA BOBA BABIKURIKIZA?

Iyo ibihugu kanaka biri mu ntambara, usanga muri ivyo bihugu hari Ivyabona vya Yehova kubera ko bari mu bihugu nka vyose. Naho ari ukwo, barihatira kuguma bagaragaza urukundo, co kimenyetso kibaranga.

Nk’akarorero, mu gihe ca ya matati ashingiye ku moko yaba hagati y’Abahutu n’Abatutsi mu Rwanda mu 1994, Ivyabona vya Yehova bagumye ata ho bahengamiye. Ivyabona vya Yehova bo mu bwoko bumwe wasanga banyegeza bagenzi babo bo mu bundi bwoko, naho kenshi vyashobora gutuma bahasiga ubuzima. Igihe Ivyabona vya Yehova babiri b’Abahutu bafatwa, bakaba bari banyegeje abavukanyi babo b’Abatutsi, abarwanyi b’Interahamwe b’Abahutu bababwiye bati: “Mutegerezwa gupfa kuko mwafashije Abatutsi guhunga.” Ikibabaje ni uko ivyo Vyabona vya Yehova b’Abahutu baciye bicwa bompi.​—Yohani 15:13.

Uvyibazako iki: Ivyo Ivyabona vya Yehova bakora vyoba bihuje n’ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’urukundo rwo kwihebera abandi?

Indongozi z’amadini zoba zarigishije abantu urukundo nyakuri ruranga abakirisu?