Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ABAPFUYE BOBA BAZOZUKA?

Abapfuye boba bazozuka?

Abapfuye boba bazozuka?

Abapfuye boba bazosubira kubaho?

INYISHU BIBILIYA ITANGA: “Isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi [rya Yezu] bakazivamwo.”Yohani 5:28, 29.

Mu kuvuga ayo majambo, Yezu yari yerekanye ko igihe azoba ategeka mu Bwami bwiwe, abari mu mva bose bazozivamwo. Umwe Fernando twavuga, agira ati: “Naratangaye cane igihe nasoma ari bwo bwa mbere muri Yohani 5:28, 29. Hatumye ngira icizigiro, nca ntangura kubona kazoza mu buryo bwiza.”

Wa mugabo w’umwizigirwa Yobu wo mu bihe vya kera, yarizera ko niyapfa hazogera igihe Imana ikamuzura. Yabajije ati: “Umuntu w’umugabo apfuye, yosubira kubaho?” Yaciye yishura abigiranye ukujijuka ati: “Mu misi yose y’igikorwa canje c’umuruho nzorindira [ni ukuvuga ikiringo yomaze mu kuzimu], gushika ugutabarwa kwanje kuje. Uzohamagara, nanje nzokwitaba.”Yobu 14:14, 15.

Izuka rya Lazaro rituma tugira icizigiro

Icizigiro c’izuka nticari gishasha kuri Marita mushiki wa Lazaro. Lazaro amaze gupfa, Yezu yabwiye Marita ati: “Musazawe arazuka.” Marita yishuye ati: “Ndazi ko azozuka mw’izuka ku musi wa nyuma.” Yezu yaciye amubwira ati: “Ni jewe zuka n’ubuzima. Uwunyizera, naho yopfa, azoba muzima.” (Yohani 11:23-25) Ubwo nyene Yezu yaciye azura Lazaro. Iyo nkuru iteye umunezero ni imponjo gusa y’ibintu vyiza cane bizoba muri kazoza. Iyumvire nawe igihe abantu bazoba bariko barazuka kw’isi yose!

Hoba hari abazozukira kuba mw’ijuru?

INYISHU BIBILIYA ITANGA: Ijambo ry’Imana rirerekana ko izuka rya Yezu ritandukanye na ya mazuka umunani avugwa muri Bibiliya. Abo bantu umunani bazutse basubiye kuba kw’isi. Mugabo ku bijanye n’izuka rya Yezu, dusoma duti: “Yezu Kristu . . . ari iburyo bw’Imana, kuko yigiriye mw’ijuru.” (1 Petero 3:21, 22) None ni we wenyene yozukiye kuba mw’ijuru? Yezu yari yarabwiye intumwa ziwe ati: “Nimba ngiye nkabategurira ikibanza, ndiko ndagaruka kandi nzobakira i muhira iwanje, kugira ngo aho ndi abe ari ho namwe muba.”Yohani 14:3.

Kristu yaragiye mw’ijuru maze ategurira ikibanza bamwebamwe mu bigishwa biwe. Abazozukira kuba mw’ijuru bose hamwe bazoba ari 144.000. (Ivyahishuwe 14:1, 3) None bazokorayo iki?

Bazoba bafise ibikorwa vyinshi. Bibiliya itubwira iti: “Arahiriwe kandi ni mweranda uwo wese afise umugabane mw’izuka rya mbere; abo, urupfu rwa kabiri nta bubasha rubafiseko, mugabo bazoba abaherezi b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganzanya na we iyo myaka igihumbi.” (Ivyahishuwe 20:6) Abazozukira kuba mw’ijuru bazotegeka isi ari abami n’abaherezi bari kumwe na Kristu.

Ni bande bazozurwa mu nyuma?

INYISHU BIBILIYA ITANGA: Muri Bibiliya turasangamwo aya majambo y’intumwa Paulo agira ati: “Ndafise icizigiro ku Mana, ari na co cizigiro aba na bo nyene bafise, yuko hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.”Ivyakozwe 24:15.

Ijambo ry’Imana riradukura amazinda ko abantu amamiliyaridi bazozuka

Ni bande bazoba bari mu mugwi w’abo Paulo yita “abagororotsi”? Dutange akarorero. Wa mugabo yakunda Imana Daniyeli igihe yari mu gupfa yabwiwe ati: “Uzoruhuka, mugabo uzohaguruka ngo utorane umugabane wawe mu mpera y’imisi.” (Daniyeli 12:13) None Daniyeli azozukira he? Bibiliya ivuga iti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zaburi 37:29) Yezu na we yavuze ati: “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Matayo 5:5) Daniyeli be n’abandi bagabo n’abagore bakunda Imana bazozukira kuba kw’isi ibihe bidahera.

Ni bande bazoba bari mu mugwi w’abo Paulo yita “abatari abagororotsi”? Ni abantu amamiliyaridi bapfuye, benshi muri bo bakaba batigeze baronka akaryo ko kwiga ukuri kwo muri Bibiliya ngo bagushire mu ngiro. Nibamara kuzuka, bazoshobora kwiga ivyerekeye Yehova * na Yezu. (Yohani 17:3) Abazohitamwo gukorera Imana bazobaho ibihe bidahera nka kurya nyene Yehova abaho ibihe bidahera.

Abazohitamwo gukorera Imana bazobaho ibihe bidahera bafise amagara meza kandi bahimbawe

Ubuzima buzoba bumeze gute kw’isi?

INYISHU BIBILIYA ITANGA: Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.” (Ivyahishuwe 21:4) Muri Yesaya 65:21 na ho hagira hati: “Bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo.”

Iyumvire ntuze uba ahantu nk’aho uri kumwe n’abawe bazoba bazutse! Ariko ikibazo gica kivyuka ni iki: Twokwemezwa ni iki ko abapfuye bazozuka?

^ ing. 15 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.