Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | GUSENGA BIMAZE IKI?

Hoba hari uwumviriza amasengesho?

Hoba hari uwumviriza amasengesho?

Hari abiyumvira ko gusenga ari uguta umwanya. Babona ko ata n’umwe yumviriza amasengesho. Abandi na bo baragerageza gusenga mugabo bakabona umenga ntibishurwa. Umuhakanamana umwe yaragerageje kwiyumvira ingene Imana imeze aca asenga ati: “Pfuma basi unyongorera.” Ariko yavuze ko Imana “itigeze ikurako umunwa.”

Ariko rero, Bibiliya iradukura amazinda ko hariho Imana yumviriza amasengesho. Bibiliya irimwo amajambo yabwiwe ihanga rimwe rya kera agira ati: “[Yehova] ntazobura kukugirira ubutoni niyumva ijwi ry’amaborogo yawe; akiryumva ntazobura kukwishura.” (Yesaya 30:19) Uwundi murongo wo muri Bibiliya uvuga uti: “Isengesho ry’abagororotse riramuhimbara.”Imigani 15:8.

Yezu yarasenze Se “kandi yarumviwe.”Abaheburayo 5:7

Bibiliya kandi irimwo uburorero bw’abantu basenze Imana irabumvira. Umurongo umwe uvuga ko Yezu “[yasavye] Umwe yari ashoboye kumukiza” kandi “yarumviwe.” (Abaheburayo 5:7) Ubundi burorero buraboneka muri Daniyeli 9:21 no muri 2 Ngoma 7:1.

Ni kubera iki none abantu bamwebamwe babona ko amasengesho yabo atishurwa? Kugira amasengesho yacu yishurwe dutegerezwa gusenga gusa Yehova * ya Mana ivugwa muri Bibiliya. Ntidukwiye gusenga iyindi mana iyo ari yo yose canke aba kera. Imana kandi yipfuza ko “dusaba . . . twisunze ukugomba kwayo,” ni ukuvuga ko dusaba ivyo igomba. Tubigenjeje gutyo, Imana idusezeranira ko “itwumva.” (1 Yohani 5:14) Kugira rero Imana yumve amasengesho yacu, turakeneye kuyimenya no kumenya ivyo igomba.

Abantu benshi bemera ko isengesho atari ikintu kijanye gusa n’idini ahubwo ko Imana yumviriza koko amasengesho kandi ikabishura. Uwitwa Isaac wo muri Kenya avuga ati: “Narasenze nsaba ko noronka uwumfasha gutahura Bibiliya. Budakeye na kabiri nararonse uwubimfashamwo.” Hilda wo muri Filipine na we yashaka guheba kunywa itabi. Amaze kugerageza kenshi bimunanira, umugabo wiwe yamubwiye ati: “Ubona gute usavye Imana ngo igufashe?” Yarashize mu ngiro iyo mpanuro. Avuga ati: “Naratangajwe n’ingene Imana yamfashije. Ni nk’aho naciye ntangura kwumva ntagishaka kunywa itabi. Narashoboye kuriheba.”

Imana yoba yipfuza kugufasha igihe uhagaritswe umutima n’ibintu bihuye n’ivyo igomba?

^ ing. 6 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.