Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UMUNARA W’INDERETSI No 1 2017 | Ingene wosoma Bibiliya ikakugirira akamaro

UVYIBAZAKO IKI?

Bibiliya yoba yarataye igihe, canke iracafise agaciro? Bibiliya ubwayo ivuga iti: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro.”2 Timoteyo 3:16, 17.

Uwu Munara w’Inderetsi uratanga uburorero bwerekana ko Bibiliya ari ngirakamaro, hamwe n’ivyiyumviro vyogufasha kwungukira cane ku gusoma Bibiliya.

 

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Kubera iki wosoma Bibiliya?

Abantu amamiliyoni bungukiye gute ku gusoma Bibiliya?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Wotangura gute?

Ibintu bitanu vyotuma gusoma Bibiliya birushiriza kukworohera no kukuryohera.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Wokora iki ngo birushirize kukuryohera?

Bibiliya zitandukanye, ubuhinga bwa none, ibikoresho bifasha kwiga Bibiliya, be n’uburyo butandukanye bwo gusoma Bibiliya, birashobora gutuma kuyisoma birushiriza kukuryohera.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Bibiliya yomarira iki mu buzima?

Naho ico gitabu ari ica kera, kirimwo impanuro nziza cane.

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

Sinashaka gupfa!

Yvonne Quarrie yarigeze kwibaza ati: “Kubera iki none ndiho?” Inyishu y’ico kibazo yarahinduye ubuzima bwiwe.

NIWIGANE UKWIZERA KWABO

“Yari yahimbaye Imana rwose”

Nimba utunze umuryango canke ukaba uriko ugwa uvyuka ngo ukore ibigororotse, urashobora kugira ico wigiye ku kwizera kwa Henoki.

Kwoba ari ukwihenda gusanzwe?

Turakwiye kudatahura nabi Bibiliya kubera ko ubutumwa buri muri yo buhambaye cane. None woyitahura gute?

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya irerekana ibiteza abantu imibabaro, ikerekana n’ingene iyo mibabaro izorangira.

Ibindi usanga kuri internet

Ibiri muri Bibiliya vyoba bidahuza?

Suzuma ibintu biri muri Bibiliya bisa n’ibidahuza be n’uburyo wokwisunga kugira ubitahure neza.