Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akarorero wokwigana​—Yakobo

Akarorero wokwigana​—Yakobo

Akarorero wokwigana​—Yakobo

Yakobo na mwene wabo Esawu bamaze imyaka batavugana. Esawu aranka Yakobo. Naho Yakobo ata kibi yakoze, ni we yibwiriza gutorera umuti ingorane iri hagati yabo. Aremera kugira ivyo ahevye. Intumbero yiwe si iyo kwemeza ikosa mwene wabo ahubwo ni iyo gusubiza hamwe na we. Yakobo ntadohoka ku ngingo yisunga, ariko kandi ntashimika ngo mwene wabo abanze kumusaba ikigongwe imbere y’uko basubiza hamwe.—Itanguriro 25:27-34; 27:30-41; 32:3-22; 33:1-9.

Utorera umuti gute ingorane uba ufitaniye n’abo mu muryango? Hari igihe wobona neza ko wewe uri mu kuri, mwene wanyu canke umuvyeyi wawe akaba ari we ari mw’ikosa. Mu bihe nk’ivyo, woba urindira ko uwo wundi ari we atera intambwe ya mbere? Canke, ubona wokwigana Yakobo? Mu gihe ata ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya woba urenze, woba uzogira umutima ukunze wo kumuhebera mugasubiza hamwe? (1 Petero 3:8, 9) Yakobo ntiyaretse ngo ubwibone bucanishemwo umuryango wabo. Yaricishije bugufi aruzura na mwene wabo. Woba nawe uzogira nk’ukwo ku bo mu muryango wanyu?