Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nokwikingira gute kw’ishure?

Nokwikingira gute kw’ishure?

IKIGABANE CA 14

Nokwikingira gute kw’ishure?

Shira akamenyetso ahabereye:

1. Gutotezwa ni ukugirirwa nabi ku mubiri gusa.

□ Ni vyo

□ Si vyo

2. Abarondera guhumbisha umuntu bama babigira mu kumukorakora.

□ Ni vyo

□ Si vyo

3. Abakobwa na bo nyene barashobora gutoteza umuntu canke kugerageza kumuhumbisha.

□ Ni vyo

□ Si vyo

4. Igihe bagutoteje canke barondeye kuguhumbisha, nta co wokora.

□ Ni vyo

□ Si vyo

ABAKIRI BATO amamiliyoni bama batekewe n’ubwoba kubera batotezwa kw’ishure. Uwukiri muto yitwa Ryan avuga ati: “Urugendo rw’iminuta 15 nafata na bisi rwahavuye rucika amagume yasa n’ayamara amasaha kubera ko abanturubika batantuka gusa, ariko bahavuye batangura no kungirira nabi ku mubiri.” Hari n’abandi barondera guhumbisha abakiri bato. Umwigeme yitwa Anita avuga ati: “Hari umuhungu azwi cane yamfatiye muri koridoro aca atangura kunkorakora. Naramusavye n’urupfasoni ngo asigeho, ariko nta co vyashitseko. Yiyumvira ko ndiko ndafyina.”

Hari n’abakiri bato bataronka agahengwe n’iyo bari kuri Internet. Vyoba bishika ugatotezwa? Nimba bishika, wokora iki? Hari vyinshi wokora! Ariko reka tubanze dutandukanye ukuri n’ikinyoma mu gutomora ivyiyumviro biri mu ntangamarara y’iki kigabane.

1. Si vyo. Abatoteza abandi akenshi ntibakoresha ingumu, ahubwo bakoresha umunwa. Gutera ubwoba abandi, kubatuka, kubacokora no kubatwenga, ni uburyo butandukanye bwo kubatoteza.

2. Si vyo. Mbere n’akajambo keza ubwiye umuntu urondera kumuresharesha, kuguma umuraba umuresharesha canke kumubwira ibitebu biteye isoni, birashobora kwerekana ko urondera kumuhumbisha.

3. Ni vyo. Abahungu n’abakobwa bose baratoteza abandi canke bakarondera kubahumbisha.

4. Si vyo. Urashobora kugira ico ukoze kugira abandi bareke kugufata nabi. Reka tubirabe.

Ingene wotsinda uwugutoteje mutiriwe murashira mu migere

Hari abantu bamwebamwe bagucokoza kugira gusa barabe ingene uvyifatamwo. Ariko Bibiliya itanga impanuro igira iti: “Ntiwihute kubabara mu mutima wawe.” (Umusiguzi 7:9) Ikizwi coco, “[k]wishura ikibi ku kindi” vyoshobora kwunyura ibintu, bigatuma urushiriza kugira ingorane. (Abaroma 12:17) None wotsinda gute uwugutoteje mutiriwe murashira mu migere?

Nubifate ibisanzwe. Nimba umuntu agucokoye kugira gusa atwenze abandi, niwitwengere aho guca ubabara. Umuhungu yitwa Eliu avuga ati: “Rimwe na rimwe bisaba gusa kwirengagiza amajambo ababaje umuntu aba avuze.” Igihe nyene kugutoteza abonye ko amajambo yiwe ata co ashitseko, yoshobora guca abihagarika.

Nugaragaze ubwitonzi. Bibiliya ivuga iti: “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake.” (Imigani 15:1) Uwuriko aragutoteza ntaba yiteze na gato ko umwishurana ubuntu, kandi ubigize birashobora gusukamwo mabisi. Ni ivy’ukuri ko kuguma utekanye igihe bagusomborokeje bisaba ukwigumya, ariko vyama ari vyo vyiza gusumba. Mu Migani 29:11 havuga hati: “Ikijuju kirekura umutima waco wose, mugabo umuntu w’inkerebutsi atuma uguma utekanye gushika kw’iherezo.” Ubwitonzi si ubugoyagoye. Umuntu yitonda ntapfa guhungabana, ariko uwutoteza abandi we akenshi usanga ari umuntu atiyizigira, ahagaritse umutima canke mbere yihebuye. Birabereye kubona Bibiliya ivuga iti: “Uwuteba gushavura aruta umunyenkomezi.”—Imigani 16:32.

Niwikingire. Igihe ubonye ko ibintu bitanguye gukomera, woshobora gukura meza. Mu Migani 17:14 havuga hati: “Imbere y’uko haduka imitongano, have.” Nimba rero ubona ko uhava umererwa nabi, hunga. Nimba bidashoboka ko uhunga, wokenera kwikingira uko ushoboye kwose ngo ntugirirwe nabi.

Nubivuge. Abavyeyi bawe barakwiye kumenya ibiriko biragushikira. Barashobora kandi kuguha impanuro ngirakamaro. Nk’akarorero, boshobora kuguhanura ngo ubimenyeshe umwigisha. Numenye neza ko abavyeyi n’abigisha bashobora gutorera umuti ico kibazo mw’ibanga kugira ntugire izindi ngorane.

None iciyumviro nyamukuru ni ikihe? Uwugutoteza nta co ashobora gushikako utamushiriye aho ashaka. Ntuce ushavura rero igihe agusomborokeje. Ahubwo nuvyifatemwo neza mu gushira mu ngiro impanuro duhejeje gutanga.

Ico wokora igihe barondeye kuguhumbisha

Gushavura igihe hari uwugerageje kuguhumbisha, ni ikintu cumvikana! Ariko rero ikibazo ni iki: Wokora iki? Hari vyinshi wokora! Raba bikeya muri vyo.

Numwiyame ushikamye. Hamwe utokwereka neza uwurondera kuguhumbisha ko bidashoboka, yoshobora kwibaza ko wavyemeye canke ko hari aho wovyemera. Oya yawe rero nibe oya. (Matayo 5:37) Uciye utangura gutwengatwenga canke kwigirisha amasoni, naho mu ntango woba wabitumwe n’ubuyega, vyoshobora kumwereka ko washimye ico kintu. Nushikame rero kandi nturye umunwa. Ubwo ni bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kwikingira!

Numumaramaze. Umwigeme yitwa Anita avuga ati: “Naramumaramaje imbere y’abagenzi biwe mu kumubwira n’ijwi ryumvikana nti: ‘NTUSUBIRE kunkorako gutyo!’” None vyavuyemwo iki? Avuga ati: “Abagenzi biwe bose baciye bamutwenga. Mu ntango yaranshavuriye, ariko haciye imisi yaransavye ikigongwe kandi mu nyuma yaramvugiye igihe hari uwundi yariko arangora.”

Nimba amajambo ata co ashitseko, nukure meza. Mbere bikenewe, nuhunge. Nimba bidashoboka ko uhunga, urafise uburenganzira bwo kwirwanira. (Gusubira mu vyagezwe 22:25-27) Umwigeme mukirisu umwe avuga ati: “Igihe umuhungu umwe yagerageza kumfata, naramukubise n’inguvu zanje zose nca ndiruka!”

Nugire uwo ubibwiye. Uwitwa Adrienne w’imyaka 16 yiyemerera ati: “Ivyo ni vyo nahavuye nkora. Narasavye impanuro abavyeyi banje igihe umuhungu nibaza ko ari umugenzi mwiza yaguma angora. Uko narushiriza kumwankira ni ko yarushiriza kumbuza amahoro, ukamenga ni umukino.” Abavyeyi ba Adrienne baramuhaye impanuro ngirakamaro zamufashije gutorera umuti iyo ngorane. Nta gukeka ko na wewe abavyeyi bawe bashobora kugufasha.

Ntivyoroshe kumenya ingene wovyifatamwo igihe hari uwugutoteje canke arondeye kuguhumbisha. Ariko urama wibuka iki kintu: Abakirisu bakiri bato ntibakwiye kurera amaboko igihe batotejwe, eka kandi ntibakwiye kworohera abarondera kubahumbisha canke ngo bemere guhendwa na bo. Ushize mu ngiro impanuro duhejeje gutanga, urashobora kuvyifatamwo neza muri ivyo bintu bitoroshe.

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 18

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Akosho k’urunganwe ni kimwe mu bintu bikomeye kuruta ibindi utegerezwa guhangana na vyo. Raba ingene wohangana na ko umutima uri mu nda.

ICANDITSWE NYAMUKURU

Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.”​Abaroma 12:18.

IMPANURO

Igihe umuntu agutoteje, nuvuge ushikamye ariko utarondera gutata. Numusabe ahagarike, kandi ubigire udafyina. Nukure meza utekanye. Nimba abandanije, nubimenyeshe abagukurira.

WARI UBIZI . . . ?

Mu bihugu bimwebimwe usanga hariho utugwi tw’inkozi z’ikibi dufise umwambaro uturanga. Kwambara umwambaro nk’uwo birashobora kugukwegera. Umuntu umwe yahoze ari mu kagwi nk’ako avuga ati: “Igihe umuntu yaba yambaye nkatwe kandi atari uwo muri twebwe yaba yikwegeye. Yategerezwa kwifatanya natwe canke na ho tukamwereka.”

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Nihagira uwuntuka canke uwunsotora, nzokora ibi: ․․․․․

Kugira nirinde kwikwegera ingorane, nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

Worushiriza gute kuba umuntu yihagararako kandi aturuye kugira ngo abogutoteza ntibagume bakubangamira?

Wokora iki nimba hari abarondeye kuguhumbisha? (Iyumvire ibintu bimwebimwe vyoshobora gushika be n’ingene wovyifatamwo.)

Ni kubera iki ikibazo c’abarondera kuguhumbisha atari ico gufata minenegwe?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 123]

“Igihe ubonye ko intambara ihava yaduka, ntuvyisukemwo, ahubwo nuce witahira. Hari abagumaho maze bagashikirwa n’ingorane.”​—Jairo

[Uruzitiro ku rup. 125]

Ukuntu wokwikingira aborondera kuguhumbisha

Ntukwegane n’abo mudasangiye igitsina. Ugukwegana na bo ni ukwikwegera. Bibiliya ibaza iti: “Mbega umuntu yorunda umuriro mu gikiriza ciwe, impuzu ziwe ntizishe?” (Imigani 6:27) Ni ukuvuga rero ko gukwegana na bo ari ugukinisha umuriro.

Raba neza abo mwifatanya. Abantu bazokwibaza ko umeze nk’abagenzi bawe. Umwigeme yitwa Carla avuga ati: “Nimba wifatanya n’abakobwa bakunda ko abantu babashima, na wewe ntihazobura abarondera kuguhumbisha.”—1 Abakorinto 15:33.

Nurabe neza uburyo wambara. Igihe urengeje urugero mu kwambara bica vyerekana neza ko ushashaye gukwegera abo mudasangiye igitsina, kandi bazoza bariruka.​—Abagalatiya 6:7.

Ntuhishe ko uri umukirisu. Niwabihisha, nta n’umwe azomenya ko ubayeho wisunga ingingo ngenderwako za gikirisu.​—Matayo 5:15, 16.

[Ifoto ku rup. 124]

Gushavura igihe uwuriko aragutoteza agusomborokeje ni nko gusuka igitoro ku muriro

[Ifoto ku rup. 127]

Nubwire uwuriko agerageza kuguhumbisha aguhe amahoro!