Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza

Raba impanuro nziza zogufasha kuroranirwa mu buzima.

IKIBAZO CA 1

Ndi nde?

Kumenya ingingo wisunga, ivyo ushoboye, ivyo udashoboye n’imigambi ufise bizogufasha gufata ingingo nziza igihe wohejwe nabi.

IKIBAZO CA 2

Kuki ntashima uko nsa?

Woba wumva wiyanse igihe wiravye mu kiyo? Ni ibiki woryohora utarinze kurenza urugero?

IKIBAZO CA 3

Noganira gute n’abavyeyi banje?

Ibi vyiyumviro vyoshobora kugufasha kworoherwa kuyaga n’abavyeyi bawe.

IKIBAZO CA 4

Nokora iki igihe nkoze ikosa?

Bizoshika ukore ikosa, kandi twese turayakora. Nivyashika uzokora iki?

IKIBAZO CA 5

Nokora iki bansindiye kw’ishure?

Ntiwibaze ko ata kundi uri bugire. Urashobora kunesha uwugusindira utamuriye n’urwara.

IKIBAZO CA 6

Nonanira gute agakuku?

Hari igihe bitoroha kwumira ku vyo uzi ko ari vyiza.

IKIBAZO CA 7

Nokora iki hari uwunsavye ngo turyamane?

Raba ingaruka zimwezimwe zishikira abakiri bato bahuza ibitsina batarubaka izabo.

IKIBAZO CA 8

Gufatwa ku nguvu: Ni ibiki nkwiye kumenya?

Abakiri bato ni bo bakarirwa. Bigushikiye wovyifatamwo gute?

IKIBAZO CA 9

Twoba twavuye mu nguge?

Ni igiki cumvikana?

IKIBAZO CA 10

Bibiliya yomfasha iki?

Abantu benshi bavuga ko Bibiliya yuzuyemwo ibitito, ko yataye igihe be n’uko igoye cane gutahura. Ivyo vyose ni ibinyoma vyabaye ubusa.