Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Ku bavukanyi na bashiki bacu bakundwa,

IKuva ku nomero ya mbere y’Umunara w’Inderetsi integuro ya bose, ino ikaba ari iyo ku wa 1 Nzero 2008, haratanguye kuza harasohorwa ibiganiro bishasha bishimishije bishingiye ku mutwe uvuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo.” Kuva ico gihe, uko haciye amezi atatu haza harasohorwa ikiganiro gishasha gishingiye kuri uwo mutwe, ivyo bikaba vyaraduhimbaye cane!

None ivyo biganiro abasomyi bavyakiriye gute? Umusomyi umwe ahejeje gusoma ikiganiro cavuga ivya Marita, yanditse ati: “Naratwenze igihe nasoma ico kiganiro kuko meze neza na neza nka we; nama nipfuza kuba umwakiranyi rwose kandi ngafatirwa cane, ariko rimwe na rimwe ndibagira ko nkeneye guhagarika kugira nifatanye n’abagenzi.” Umuyabaga umwe amaze gusoma inkuru ya Esiteri yashitse kuri iki ciyumviro gishimishije: “Nagira mvuge ku bijanye n’ingene dushobora kurazwa ishinga cane n’impuzu be n’imideri igezweho. Egome, turakwiye kwambara no kwitunganya neza, yamara ntitwipfuza kurenza urugero.” Yongeyeko ati: “Yehova yitwararika ico turi imbere.” Ikiganiro cerekeye intumwa Petero na co caratumye mushiki wacu umwe avuga ibi bintu bishimishije, ati: “Narinjiye cane muri iyo nkuru igihe nayisoma. Wamengo ni ho nari! Narakoresheje ubushobozi bwanje bwose bwo kumenya ibidukikije kugira ngo niyumvishe ibintu vyariko biraba.”

Ivyo abo basomyi bavuze, be n’ivyavuzwe n’abandi benshi banditse baserura ukuntu bakenguruka ivyo biganiro, biremeza amajambo intumwa Paulo yanditse kera, ati: “Ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe.” (Rom. 15:4) Egome, Yehova yarashize izo nkuru muri Bibiliya kugira ngo atwigishe ibintu bihambaye. Twese, twaba tumaze imyaka ingahe tumenye ukuri, turashobora kugira ivyo twigiye kuri izo nkuru.

Tubaremesheje guca musoma iki gitabu mudatebaganye. Nimwagikoresha mu Gusenga kwo mu muryango kwanyu, emwe abana bazogikunda cane! Nimwatangura kuciga mu Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero, ntuze wigere usiba na rimwe! Nugisome witonze kandi uzirikane ku vyo usoma. Nukoreshe ububasha bwawe bwo kwiyumvira; nushiremwo ubushobozi bwawe bwose bwo kumenya ibidukikije. Nugerageze kwiyumva nk’uko abo bantu bavugwa muri Bibiliya biyumva, ubone ivyo babona. Nugereranye ukuntu bavyifashemwo mu bihe binaka n’ukuntu wewe wari kuvyifatamwo.

Turahimbawe no kubaronsa iki gitabu. Ese cobabera umuhezagiro mwe n’imiryango yanyu. Turabakunda cane.

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova