Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

FPG/The Image Bank via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Kuba abanyepolitike bavuga ko Harumagedoni iri hafi, Bibiliya ibivugako iki?

Kuba abanyepolitike bavuga ko Harumagedoni iri hafi, Bibiliya ibivugako iki?

 Mu gitondo co ku wa mbere, itariki 10 Gitugutu 2022, Uburusiya bwarateye ibibombe mu bisagara vyo muri Ukraine mu ntumbero yo kwihora ikibombe gikaze cari kimaze imisi ibiri giturikijwe, kikaba carasambuye ikiraro gihuza Crimée n’Uburusiya. Ivyo vyabaye inyuma y’imisi mikeya abanyepolitike bavuze ko Harumagedoni ishobora kuba iri hafi.

  •   “Ibintu bigaragaza ko Harumagedoni iri hafi vyaheruka ku ntwaro ya [prezida wa Amerika John F.] Kennedy hamwe n’igihe ca ya ntambara y’amamisile yo muri Kiba. . . . Sinumva ko hokoreshwa ibirwanisho ruhonyanganda gutyo, hanyuma Harumagedoni ntize.”​—Vyavuzwe n’umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden, ku wa 6 Gitugutu 2022.

  •   “Mbona ko vuba Harumagedoni igiye kuza, kandi coba ari icago kw’isi yose.”​—Vyavuzwe n’umukuru w’igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky ku wa 8 Gitugutu 2022, igihe ikinyamakuru ca BBC camubaza ingaruka zo gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda.

 Gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda, vyoba vyodushikana kuri Harumagedoni? Bibiliya ibivugako iki?

Ibirwanisho ruhonyanganda vyoba bizotuma Harumagedoni iza?

 Oya. Ijambo “Harumagedoni” riboneka incuro imwe gusa muri Bibiliya mu Vyahishuwe 16:16. Ntiryerekeza ku ntambara iba hagati y’ibihugu ariko ryerekeza ku ntambara iba hagati y’Imana n’“abami b’isi yose.” (Ivyahishuwe 16:14) Imana izokoresha intambara ya Harumagedoni kugira ikureho intwaro z’abantu.​—Daniyeli 2:44.

 Kugira umenye vyinshi ku ngaruka Harumagedoni izogira kw’isi, nusome ikiganiro kivuga ngo Intambara ya Harumagedoni ni iki?

Isi n’abayibako vyoba bizorandurwa n’intambara ruhonyanganda?

 Habe namba. Naho intwaro z’abantu zoshobora kuzokoresha ibirwanisho ruhonyanganda muri kazoza, Imana ntizokwemera ko isi irandurwa. Bibiliya ivuga iti:

  •   “Isi igumaho gushika igihe kitagira urugero.”​—Umusiguzi 1:4.

  •   “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”​—Zaburi 37:29.

 Naho ari ukwo, ubuhanuzi bwo muri Bibiliya hamwe n’ibiriko biraba muri iki gihe birerekana ko twegereje ibintu bizohindura ibiba kw’isi. (Matayo 24:3-7; 2 Timoteyo 3:1-5) Niwirabire ico Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza biciye ku kwiga Bibiliya ku buntu.