Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukunde ugusenga kwo mu muryango

Nukunde ugusenga kwo mu muryango

Voma:

  1. 1. Ntiworaba ukuntu ari vyiza,

    Kwiga ivyerekeye Yehova.

    Gusenga mu muryango iyo kugeze,

    Niwame wihata ntucererwe.

    (ICITABIRIZO)

    Ugusenga kwo mu muryango,

    Uronka imihezagiro.

    Niwifatanya n’abo ukunda,

    Ntibizobura kukuryohera.

  2. 2. Twese nitwakugiramwo uruhara,

    Ntituzokwigera turambirwa.

    Gusenga mu muryango iy’ubikunze,

    Umengo si w’ubona hageze.

    (ICITABIRIZO)

    Ugusenga kwo mu muryango,

    Uronka imihezagiro.

    Niwifatanya n’abo ukunda,

    Ntibizobura kukuryohera.