Ja ku birimwo

Amadini yose yoba ashimwa n’Imana?

Amadini yose yoba ashimwa n’Imana?

Inyishu Bibiliya itanga

 Oya, si amadini yose ashimwa n’Imana. Bibiliya iratanga uburorero butari buke bw’amadini adashimwa n’Imana, na yo tukaba twoyashira mu migwi ibiri:

Umugwi wa 1: Abasenga imana z’ikinyoma

 Bibiliya ivuga ko gusenga imana z’ikinyoma ari “ivy’ubusa” kandi ko “ata kamaro” birimwo. (Yeremiya 10:​3-5; 16:19, 20) Yehova a Imana yategetse ihanga rya Isirayeli ya kera ati: “Ntukagire izindi mana umbangikanya.” (Kuvayo 20:​3, 23; 23:24, Bibiliya Yera) Ni co gituma igihe Abisirayeli basenga izindi mana, “ishavu rya Yehova” ryaca ‘ribarurumbira.’​—Guharura 25:3; Abalewi 20:2; Abacamanza 2:​13, 14.

 Imana ntiyahinduye ukuntu ibona ibijanye n’ugusenga ivyitwa “imana.” (1 Abakorinto 8:​5, 6; Abagalatiya 4:8) Yategetse abasavyi bayo kwitandukanya n’abasenga imana z’ikinyoma. Yavuze iti: “Nimuve muri bo . . . kandi mwitandukanye na bo.” (2 Abakorinto 6:​14-​17) Ubwo Imana yari gutanga iryo tegeko iyaba amadini yose ashimwa na yo?

Umugwi wa 2: Abasenga Imana y’ukuri ariko mu buryo itemera

 Mu bihe bimwebimwe, Abisirayeli barasenze Imana bakoresheje imigenzo yakuwe mu vy’ugusenga imana z’ikinyoma, kandi Yehova ntiyeretswe na gato ukwo kugerageza kuvanga ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma. (Kuvayo 32:8; Gusubira mu vyagezwe 12:​2-4) Yezu na we, yariyamirije indongozi z’idini zo mu gihe ciwe kubera uburyo basenga Imana: baboneka nkaho bakunda Imana ariko bakirengagiza n’ubwiyorobetsi n’akantu “ibihambaye kuruta vyo mw’Itegeko, ari vyo butungane n’imbabazi n’ubwizigirwa.”​—Matayo 23:23.

 No muri iki gihe, idini ryigisha ukuri kwo muri Bibiliya ni ryo gusa rishobora gutuma ugusenga kw’umuntu gushimwa n’Imana. (Yohani 4:​24; 17:17; 2 Timoteyo 3:16, 17) Amadini na yo yigisha ibitandukanye n’ibiri muri Bibiliya, atuma abantu baja kure y’Imana. Inyigisho nyinshi abantu bibaza ko ari izo muri Bibiliya usanga zakomotse mu bapagani. Aho hakaba harimwo inyigisho y’ubutatu, ukudapfa kw’ubugingo be n’umuriro udahera. Idini ryigisha mwene izo nyigisho rituma ugusenga kw’abarigize kuba ukw’“ubusa” kuko rifata ivyo Imana isaba rikabisubiriza n’imigenzo y’amadini.​—Mariko 7:7, 8.

 Imana iranka uburyarya bw’amadini. (Tito 1:​16) Kugira idini rifashe abantu kwiyegereza Imana, rikwiye gutuma baryohora ukuntu babayeho, aho gukurikiza gusa imigenzo y’idini mu buryo bwo guheza umwuga. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: “Umuntu ni yigira ngo ni umunyedini, ntafate ururimi, arikw agahenda umutima wiwe, idini y’uyo izoba ari iy’ubusa. Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’iy’ isi.” (Yakobo 1:​26, 27, Bibiliya Yera) Urabona ko Bibiliya ivuga ko idini ritunganye ari idini rityoroye ritagiramwo uburyarya.

a Yehova ni izina ry’Imana y’ukuri nk’uko biboneka muri Bibiliya.