Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Idini bwoba ari ubundi buryo bwo kurondera amahera?

Idini bwoba ari ubundi buryo bwo kurondera amahera?

 Woba umaze kubona yuko amadini menshi asa n’ayitwararika cane kurondera amahera, aho gufasha abantu gusenga Imana? Baragira amahayanishwa y’ibidandazwa vyabo bakanabigurisha kandi ivyo bakorera abasengera mw’idini ryabo barabibarihisha. Benshi mu bakuru b’amadini bahembwa amahera menshi kandi baratunze cane. Rimbura utu turorero dukeyi:

  •   Amatohoza amwe yerekanye yuko mu kiringo c’imyaka 13, hari umusenyeri wa gatolika yakoresheje amahera y’ishengero mu kuriha ingendo hafi 150 mu ndege yakotesha be n’izindi ngendo zishika 200 yagira ari mu muduga uzimvye cane. Yarakoresheje kandi amahera arenga imiliyoni zine z’amadolari (hafi imiliyaridi umunani z’amarundi) mu gusanura inzu yabamwo yari ku rusengero.

  •   Hari umuvugabutumwa umwe wo muri Afrika afise abanywanyi bashika ibihumbi mirongo. Ku rusengero rwiwe, baradandaza ibintu bitandukanye harimwo amavuta avuga ko afise ububasha bwo gukiza ku gitangaro, amaswime be n’udupira turiko amafoto yiwe. Naho benshi mu basengera muri urwo rusengero ari abakene, wewe aratunze cane.

  •   Mu Bushinwa, mu misozi ine y’Ababuda bivugwa ko ari myeranda, ibiri muri yo iramaze gushirwa ku rutonde rw’amashirahamwe y’urudandaza. Vyongeye, urusengero ruzwi cane rwa Shaolin rurakorerwamwo ibikorwa vyinshi vy’urudandaza. Umuyobozi w’urwo rusengero azwi kw’izina Umuyobozi w’urwo rusengero benshi bamwita umudandaza akomeye warwo.

  •   Amashirahamwe menshi mu vy’urudandaza yo muri Amerika aratanguye kurondera abatanga impanuro mu vy’amadini. Raporo imwe ivuga ko ivyo babigira kugira bashingire abakozi babo imigirwa ijanye n’ivyo gusenga bongere babasengere.

 Ubona gute amadini yisuka mu rudandaza? Woba umaze kwiyumvira ukuntu Imana ibona abantu bagerageza kurondera amahera mu bikorwa vy’idini?

Imana ibona gute abantu bavanga idini n’urudandaza?

 Imana ntiyemera kuvanga idini n’urudandaza. Bibiliya irerekana ko muri kahise, Imana yababazwa cane n’abaherezi bavuga ko bayiserukira ariko bakigisha abandi “ku mahera.” (Mika 3:11) Imana yariyamirije ibikorwa vy’abadandaza b’umwina bari batumye ikibanza co gusengeramwo gihinduka “isenga ry’abambuzi.”​—Yeremiya 7:11.

 Cokimwe n’Imana, Yezu yarababazwa cane n’abakoresha idini ku bw’inyungu zabo. Mu gihe ciwe, abakuru b’amadini barareka abadandaza b’umwina bakaza kudandariza mu rusengero kugira bironderere inyungu zabo. Baraca amaboko abantu bipfuza kumenya ivyerekeye Imana baba baje ku rusengero. Yezu abigiranye umutima rugabo, yarirukanye abo badandaza mu rusengero ababwira ati: “Reka kugira iyi nzu ya Dawe inzu y’urudandaza!”​—Yohani 2:14-16.

 Vyongeye, Yezu yarerekanye ko abona ibintu nk’uko Imana ibibona mu kuntu yamamaza. (Yohani 8:28, 29) Ntiyigeze arihisha abantu igihe yaba ariko arabigisha ivyerekeye Imana. Ntiyasaba amahera igihe yaba akoze ibitangaro, nk’igihe yagaburira abashonje, igihe yakiza abarwaye n’igihe yazura abapfuye. Ivyo Yezu yakora ntiyigeze abikoresha mu kwirundaniriza ubutunzi kandi nta n’inzu yari afise.​—Luka 9:58.

Abakirisu bo mu kinjana ca mbere birinze gute kuvanga idini n’urudandaza?

 Yezu yabwiye abayoboke biwe ko batokwigera barondera inyungu z’ivy’ubutunzi mu bikorwa vy’idini. Yavuze ati: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.” (Matayo 10:8) Abo bayoboke bahavuye bitwa abakirisu kandi barakurikije ivyo Yezu yababwiye. Rimbura uburorero bukeyi:

  •   Intumwa Petero yarakoranye na Yezu mu gikorwa ciwe co ng’aha kw’isi. Igihe kimwe, umugabo umwe yitwa Simoni yaramuhaye amahera kugira aronke ububasha n’icubahiro. Petero ubwo nyene yaciye amwankira, aca aramukosora atarya umunwa ati: “Amafeza yawe aragapfana nawe, kubera ko wiyumviriye kuronka ingabirano ya gusa y’Imana biciye ku mahera.”​—Ivyakozwe 8:18-20.

  •   Intumwa Paulo yari azwi cane kubera ko yakunda kugira ingendo ariko aramamaza. Naho yamaze imyaka myinshi akora cane mu mashengero ya gikirisu atari make, ntiyigeze yironderera amahera muri ico gikorwa. We n’abakirisu bagenziwe “[nti]bacuruza ijambo ry’Imana nk’uko benshi ba[bi]gira.” (2 Abakorinto 2:17) Ahubwo Paulo yanditse ati: “Twababwiye inkuru nziza y’Imana dukora ijoro n’umurango, kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe twikoreza umuzigo uzimvye.”​—1 Abatesalonika 2:9.

 Ni ivy’ukuri yuko abakirisu b’ico gihe bari bakeneye amahera mu ngendo bagira bariko baramamaza no mu bikorwa vyo gufasha abandi. Ariko ivyo bikorwa bakora vyo gufasha abandi kumenya Imana ntibigeze babisabira amahera. Abantu ni bo bihitiramwo nimba bogira ico babaha, bisunze ibivugwa mu vyanditswe bikurikira:

  •   2 Abakorinto 8:12: “Kuko iyo habanje kuba umutima ukunze, vyemerwa canecane hisunzwe ivyo umuntu afise, si ivyo umuntu adafise.”

     Ico bisobanura: Igihambaye kuruta si ubwinshi bw’ivyo dutanga ahubwo ni igituma tubitanga.

  •   2 Abakorinto 9:7: “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.”

     Ico bisobanura: Imana ntishaka ko hagira n’umwe yiyumva ko yatanze ku gahato. Irahimbarwa cane igihe umuntu yatanze abikuye ku mutima.

Ni ibiki bigiye gushikira amadini arangwa n’umwina?

 Bibiliya iratomora ko Imana itemera amadini yose. (Matayo 7:21-23) Bibiliya irimwo ubuhanuzi budasanzwe buvuga yuko amadini yose y’ikinyoma agereranywa n’umumaraya kubera ko akorana n’intwaro kugira yironkere amahera canke izindi nyungu zayo akongera agaca amaboko abantu. (Ivyahishuwe 17:1-3; 18:3) Ubwo buhanuzi bubandanya bwerekana ko Imana igiye gucira urubanza amadini y’ikinyoma.​—Ivyahishuwe 17:15-17; 18:7.

 Mu kurindira, Imana ntiyipfuza yuko ibikorwa bibi amadini y’ikinyoma akora bizimiza abantu canke ngo bitume batayiyegereza. (Matayo 24:11, 12) Imana isaba abantu bayikunda kwiga uburyo bwiza bwo kuyikorera no kuva mu madini y’ikinyoma.​—2 Abakorinto 6:16, 17.